Ghana yemeje abantu ba mbere banduye umugera wa Marburg wica cane

Umugera wa Marburg watanguye kwibonekeza ubwa mbere mu gisagara ca Marburg mu Budagi mu 1967

Ahavuye isanamu, Getty Images

Insiguro y'isanamu, Umugera wa Marburg watanguye kwibonekeza ubwa mbere mu gisagara ca Marburg mu Budagi mu 1967

Ghana yemeje abantu babiri ba mbere banduye umugera wica cane Marburg kandi wandukira cane, ukaba uri mu muryango w’umwe utera Ebola.

Iki gihugu kivuga ko aba barwayi babiri bompi baherutse gupfira mu bitaro vyo mu karere ka Ashanti kari mu bumanuko.

Ibipimo vyari vyafashwe kuri aba bantu vyagarutse vyerekana ko bari banduye uwu mugera mu ntango za kuno kwezi, bikaba vyarapimwe biremezwa na laboratoire yo muri Senegal.

Abajejwe amagara y’abantu muri ico gihugu co muri Afrika y’Uburengero bavuga ko abantu 98 bataramuwe inyuma yo kwikekwa ko boba barakoranyeko n’aba banduye.

Nta muti gushika ubu urashobora kuboneka wo kuvura uwu mugera wa Marburg – ariko abaganga bavuga ko kunywa amazi menshi no kuvura ibimenyetso bizwi bishobora guha umurwayi amahirwe menshi gukira.

Uwu mugera wandukira abantu uvuye ku buhungarema burya ivyamwa, ugakwirakwira uva ku muntu n’uwundi mu mazimazi y’uruhu.

Ni indwara mbi cane kandi yica, ikaba ifise ibimenyetso birimwo kumeneka umutwe, umuriro, kubabara imitsi, kudahwa amaraso no kuva amaraso.

Abategetsi bagabisha abanyagihugu ko bokwirinda kwegera amasenga kandi bagateka neza ibintu vyose bikomoka ku nyama imbere y’uko babifungura.

Ishami rya ONU rijejwe amagara y’abantu kw’isi OMS/WHO rivuga ko ivyaduka vyigeze kwibonekeza muri Angola, Repubulika y’Intwaro Rusangi ya Congo, Kenya, Afrika y’Epfo na Uganda. Icaduka ca Marburg cabonetse ubwa mbere mu Budagi mu 1967 aho abantu indwi bapfuye.

Uwu mugera wahitanye abantu barenga 200 muri Angola mu 2005, iki kikaba ari co kiza kimaze guhitana abantu benshi kw’isi gushika ubu, nk’uko bivugwa n’iri shirahamwe rijejwe amagara y’abantu kw’isi.