Urucanco Ervebo rwa Ebola rwemewe muri RD Congo, mu Burundi, muri Ghana no muri Zambia

Kuva mu kwezi kw'umunani 2018, Ebola imaze guhitana abantu bagera ku 2.249 muri RD Congo

Ahavuye isanamu, Getty Images

Insiguro y'isanamu, Kuva mu kwezi kw'umunani 2018, Ebola imaze guhitana abantu bagera ku 2.249 muri RD Congo

Ibihugu bine vya Afrika- Repubulika y'intwaro rusangi ya Congo, u Burundi, Ghana na Zambia - vyemeje urucanco rwa Ebola rukaba rushobora gutangura gutangwa.

Ishami rya ONU rijejwe amagara y'abantu, OMS/WHO rimenyesha ko iyo ari intambwe ikomeye mu rugamba wo kurwanya ico kiza.

Ivyigwa vy'intangamarara vyerekana ko urwo rucanco, Ervebo rwakozwe n'ikompanyi Merck rushobora gukinga gushika ku rugero rwa 97,5%.

Ivyo vyigwa vyerekana kandi ko urwo rucanco ruhawe abamaze kwandura rushobora kubongerereza amahirwe yo kubandanya babaho.

Igihugu ca RD Congo gihanzwe n'ico kiza kuva mu kwezi kw'umunani 2018 kikaba kimaze guhitana abantu bagera ku 2.249.

Umukuru w'ishirahamwe OMS, Tedros Adhanom Ghebreyesus, ati: "Ni intambwe nshasha kubona urwo rucanco rwemewe muri ivyo bihugu mu rugamba rwo kurwanya ico kiza ruburakigongwe".

"Afrika yarashize inguvu hamwe kugira ngo ikomeze intambwe imaze gushikwako bigoranye mu gukingira abanyagihugu bayo umugera wa Ebola".

Nivyo ko igitigiri c'abandura Ebola muri RD Congo cagabanutse bimwe bishimishije, ariko umutekano muke n'amayira ameze nabi mu burere bubangamiwe bibandanya kuba ibibazo ngorabahizi.

Ivyo ni ibishikirizwa na muganga Michel Yao ajejwe ibikorwa vy'ubutabazi ku rwego rwa Afrika mw'ishirahamwe OMS, igihe yavugana na BBC ejo ku wa Mungu.

Avuga ko muri ino minsi hibonekeje abantu bake cane banduye uwo mugera.

Ati: "Twari dufise uburere bw'ubuvuzi bbubangamiwe bushika 29. Ubu dufise uburere bw'ubuvuzi bubiri gusa bubangamiwe, kamwe muri bwo kamaze iminsi ine ata wanduye, akandi nako haheze iminsi 17".

Avuga kandi ko igitigiri c'abandura ku ndwi "cagabanutse bimwe biboneka", akavuga ko ubu ku ndwi hashobora kuboneka hagati ya bane na batanu banduye uwo mugera.

Muri kino gihe, hari abashika 1800 bakurikiranirwa hafi, bitandukanye no mu kwa kane kw'umwaka uheze aho babarirwa mu 20.000, ico kibaba ari ikimenyetso ko habaye intambwe, nk'uko bivugwa na bamwe mu bahinga mu vyo amagara y'abantu muri Congo.

Abajijwe ko kutoba ari ukwihuta mu kuvuga ko habaye iterambere mu kurwanya ico kiza, siko abibona, akavuga ko ibiharuro vyonyene arivyo bivyerekana.