Uriko ubona ku rubuga aherekana amakuru mu nyandiko gusa, hakoresha uburyo buke. Ja ku rubuga nyamukuru ubone amakuru mu nyandiko iherekejwe n'amasanamu.
Njana ku rubuga nyamukuru canke aho gusoma gusa
Ibindi vyerekeye ingene urwo rubuga rugutwara uburyo (ama mega) buke
Igisirikare ca RD Congo kivuga ko caburijemwo 'coup d'Etat'
Umuvugizi w'igisirikare ca Republika ya Demokrasi ya Congo, Gen Sylvain Ekenge yamenyesheje mu butumwa buto yacishije ku mboneshakure y'igihugu ko igisirikare c'ico gihugu caburijwemwo itembagazwa ry'ubutegetsi kuri uyu wa 19 Rusama (5).
Avuga kandi "ababigizemwo uruhara bafashwe".
Hari izindi nkuru zivuga ko abo bateye bajabutse uruzi Congo mu guhunga.
Abantu bitwaje ibigwanisho n'ibendera rya Republika ya Demokrasi ya Congo cicitwa Zaire, bateye ku rugo rw'umushingamateka Vital Kamerhe mu gaturuturu ko kuri uyu w'Imana.
Vital Kamerhe Lwa Kanyiginyi aheruka gutsinda amatora yo guhagararira urunani rw'imigambwe ruri ku butegetsi muri DR Congo mu matora y'ikibanza c’umukuru w’inama nshingamateka.
Abantu babiri mu bacungera ubuzima bwa Vital Kamerhe bahasize ubuzima muri ico gitero, nk'uko vyemezwa n'umuvugizi wiwe n'ubuserukizi bw'Ubuyapani muri Congo kuri X.
Inkuru zitandukanye zivuga ko, bahejeje gutera ku rugo rw'uwo agiye kwitoreza kurongora inama nshingamateka ya Congo, abo bitwaje ibigwanisho bateye kandi ibiro vya prezida "Palais de la nation".
Bivugwa ko ico gitero cabaye mu bucagucagu, isaha icumi n'igice zo mu gitondo.
Ubu mu micungararo y'ibiro vy'umukuru w'igihugu wa Congo, biri mu karere ka Gombe, ahasanzwe hari ibiro vy'abategetsi benshi, haboneka amabariyeri menshi.
Ibinyamakuru vyo muri Congo bivuga ko abateye ari abayoboke b'umuhari New Zaire Movement urongowe n'umunye politike ari mu buhungiro Christian Malanga.
BBC yabonye video aho Malanga avuga mu rurimi rw'ilingala "twebwe abasirikare turarushe, ntidushobora kugendera hamwe na Vital Kamerhe hamwe na prezida Felix Tshisekedi."
Prezida Tshisekedi aheruka gusubira gutorwa mu kiringo kigira kabiri mu mpera z'umwaka uheze , aho yatahukanye amajwi 78%.
Umumenyeshamakuru wa BBC twavuganye ari mu karere ka Gombe avuga ko ibintu vyasubiye mu buryo.
Igihugu ca Congo gisanzwe gihanganye n'abagwanyi ba M23 mu buseruko, aho uwo muhari ugenda wigarurira uturere dutandukanye.
Mu ntango z'uku kwezi, M23 yaragirijwe igitero cabaye mw'ikambi y'abateshejwe izabo ya Mugunga gihitana abantu 35.
M23 yarahakanye ivyo bivugwa.