Masisi: Haravugwa intambara hagati ya AFC/M23 n'inyeshamba zikorana n'igisirikare ca reta

Ahavuye isanamu, Reuters
Muri iyi misi ya vuba hamwe no ku wa kabiri, haravugwa intambara hagati y'umuhari AFC/M23 n'imirwi yitwaje ibirwanisho mu turere tumwe tumwe twa teritware ya Masisi mu ntara ya Kivu ya Ruguru, aho impande zompi zitana ba mwana.
Mu gaturuturu k'ejo kuwa kabiri, abanyagihugu bo mu kigwati ca Ndete bavyukiye mu rwamo rw'inkoho, aho amasoko ava muri ako karere avuga ko inyeshamba za AFC/M23 zakoze igitero muri ico kigwati, zishaka gufata akarere kose ka Nyamaboko, aho imitumba itari mike yako ikiri mu minwe y'imirwi ikorana n'ingabo za reta.
Ni mu gihe urunani AFC/M23 rwagiriza ingabo za reta ko zateye ibirindiro vy'abarwanyi barwo mu karere ka Luke, zikoresheje za ndege zitajamwo abadereva (drone).
Aciye kuri konte yiwe ku rubuga rwa X, umuvugizi wa AFC/M23 ariyamiriza ibi bitero vya drone avuga ko bikorwa n'igisirikare ca reta, akavuga ko umuhari avugira udashobora kuguma widoga gusa, ko ahubwo wafashe ingingo yo "gukingira abazivire bo muri ako karere".
Yanditse ati: "AFC/M23 iriyamiriza yivuye inyuma ibitero vy'urutavanako bikorwa n'amadrone y'urunani rw'ingabo zikorana na reta ya Kinshasa.
"Ibi bitero bihonyanga mu buryo bweruye ivyemezo vy'uguhagarika intambara, vyarasubiriye ku banyagihugu b'abazisivre mw'ijoro ryo ku wa 10 gushika ku wa 11 Munyonyo(11) 2025, muri Luke muri teritware ya Masisi".
Kinshasa gushika ubu ntaco iravuga kuri ibi birego vy'uno muhari uhanganye n'ingabo zayo. Ariko mu ndwi iheze waragirije M23 ko ari yo itangura ibitero.
Hagati aho, abanyagihugu bagiriza izi mpande zompi ko bariko barabaturatuza.
Radio Okapi ifashwa na ONU ivuga ko mw'ijoro ryo ku wa 9 Munyonyo (11), igitero c'igisirikare ca reta cononye inzu zine mu kigwati ca Kibehemula kiri mu karere ka Rutobogo muri Nyamaboko 1, bituma imiryango isigara mu kangaratete.
Ivuga kandi ko abanyagihugu bidogera AFC/M23 ko ibategeka kwikorera amasasu n'ibirwanisho mu turere inyeshamba zayo zirwaniramwo.
Intambara ziravugwa kandi no mu ntara ya Kivu y'Epfo, aho muri iyi misi ya vuba iheze amashirahamwe adaharanira ivyicaro vya poritike igabisha ko imibereho y'abanyagihugu bo mu materitware ya Fizi na Mwenga bari mu kangaratete kubera intambara zabereye mu bigwati bitari bike vyayo mu ndwi iheze.
Iyi mishamirano ibandanya mu gihe ibiganiro vy'i Doha hagati ya Reta na AFC/M23 ata kiravamwo.
Bertrand Bisimwa arongoye intumwa za AFC/M23 yanditse kuri X ko bakirindiriye intumwa za reta ya Kinshasa kugira baganire, akagiriza Kinshasa ko ku munwa ivuga amajambo y'amahoro ariko ku rubuga igakora ibitandukanye.
Utwigoro two kugarukana amahoro mu buseruko bwa Congo turabandanya i Washington muri Reta Zunze Ubumwe za Amerika, hagati ya reta ya Kinshasa na reta y'Urwanda, hamwe na Doha, umugwa mukuru wa Qatar, hagati ya Kinshasa n'umuhari AFC/M23.
Gushika ubu, nta gahengwe mu ntambara mu ntara za Kivu ya Ruguru na Kivu y'Epfo, mu gihe habandanya havugwa ihonyangwa ry'amasezerano y'agahengwe yateweko umukono n'impande zompi.









