Uriko ubona ku rubuga aherekana amakuru mu nyandiko gusa, hakoresha uburyo buke. Ja ku rubuga nyamukuru ubone amakuru mu nyandiko iherekejwe n'amasanamu.
Njana ku rubuga nyamukuru canke aho gusoma gusa
Ibindi vyerekeye ingene urwo rubuga rugutwara uburyo (ama mega) buke
Intambara yo muri Gaza: Hamas irazi ko itashitse ku ntego zayo - ariko iririmba intsinzi
- Umwanditsi, Rushdi Abualouf
- Igikorwa, Umunyamakuru wa Gaza
- Yakoze inkuru ari, Istanbul
Abategetsi hafi bose ba Hamas nabonanye canke navuganye nabo muri izi ndwi nkeya ziheze baremeza ko intego nyamukuru uno muhari wari ufise inyuma y'igitero co ku wa 7 Gitugutu (10) 2023 kuri Israel utazishitseko.
Muri izi ntego harimwo uguhagarika Israel mu gikorwa cayo co kwiyagurira uturere muri Cisjordanie/West Bank hamwe no muri Yeruzalemu, gushinga igihugu ca Palestine, kurekuza impfungwa zose z'Abanyapalestina hamwe no gutuma Israel ihagarika kwugarana Gaza.
Hagati aho, bashimangira ko kubona Israel yarananiwe no kurandurana n'imizi Hamas canke kuyikura ku rubuga rwa poritike ari intsinzi.
Imbere y'uko amasezerano yo guhagarika intambara atangazwa, umutegetsi umwe wo hejuru twavuganye kuri terefone yagize ati: "Israel yari yiyemeje gufuta Hamas, ariko ubu yicaranye n'abategetsi ba Hamas mu nzu imwe mu biganiro".
Namweretse ko Gaza isigaye ari umusaka, ko Israel yagandaguye ibihumbi n'ibihumbi vy'abanyagihugu ba Gaza yongera yica n'abategetsi hafi bose ba Hamas – ndamubaza ukungene babona ko iyi ari yo ntsinzi.
Uno mutegetsi yishuye ati: "Ku bijanye n'ibiharuro, Gaza yarahaboneye amakuba, ariko ku bijanye n'inyungu be n'uruhombo, Israel yarananiwe no kwica ishaka ry'Abanyapalestina, urugamba rwo kurwanira agateka kabo, canke no kwirukana abanyagihugu hanze y'igihugu".
Avuga ko igitero cakozwe n'uno muhari ufatwa n'ibihugu bimwebimwe nka Reta zunze Ubumwe za Amerika, Ubwongereza na Israel nyene nk'uw'iterabwoba, kwabaye "ugukubitwa ku rugero rutari bwigere rubaho mu rwego rwa gisirikare n'umutekano" muri kahise ka Israel. "Nta kintu na kimwe gishobora kuhindura ibi".
Muri Gaza, abanyagihugu bafise imbono zitandukanye kuri ano masezerano y'amahoro. Amosozi n'imyidagaduro vyabaye uruvangatirane, ibi bikerekana ko biruhukije kandi ko vuba n'ibitigiri vy'abapfa bishobora kureka kubandanya biduga, ariko kandi bakaba bafise ubwoba kuri kazoza k'igipfungu karindiriye abanyagihugu bashika imiriyoni 1,2 babomorewe amazu yabo, amashure, amakaminuza n'amavuriro/ibitaro.
Impari kuri Gaza ku bijanye n'igitero co ku wa 7 Gitugutu cahitanye abantu 1200 abandi 251 bakanyuruzwa, zarabandanije mu kiringo cose c'iyi ntambara mbere zikaba zariyongereye inyuma y'aho amasezerano yo guhagarika intambara atangarijwe.
Bamwe barashigikira Hamas, bakavuga ko kubona ikibaho vyonyene ari intsinzi, mu gihe abandi bayinegura, bakavuga ko ikiguzi ntagereranywa c'ino ntambara ku Banyapalestina ari ugutsindwa.
Mohammed Imad al-Din yakora akazi ko kumwa mu gisagara ca Gaza akaba yahungiye i Khan Younis n'umugore n'abana biwe ari kumwe n'abandi barenga umuriyoni, yabwiye BBC ati: "Nimba igandagurwa ry'abantu 46.000, uguhunga no kubomorerwa ari intsinzi, rero nizigiye ko abarongoye Hamas bazodusigurira ugutsindwa ico ari co.
"Ndiruhukije, ariko sinezerewe na gato kuko kazoza kuzuye igipfungu".
Hagati aho, Saifjan Al-Shami, umwigisha kuri kaminuza ya kisilamu ya Gaza (Islamic University of Gaza), avuga ku rubuga rwa Facebook ko atangazwa "n'umunya-Palestina uwo ari we wese, cane cane w'umunya-Gaza, atemera intsinzi y'igihugu ciwe hanyuma agashinyaguriza abaririmba intsinzi".
"Ni vyo, Gaza yatsinze, kandi na Hamas yatsinze. Mbega wewe, woba uzi ico intsinzi isigura imbere y'uko ugira ico uvuga? Utegerezwa kwirimbura wewe nyene, ukarimbura umutima wawe wo gukunda igihugu, hamwe n'urukundo ufitiye Gaza. Gaza yaratsinze naho abayirwanya ari benshi".
Muri iki gihe, haracari kare kwemeza ko intambara izohagarara burundu inyuma y'igice ca mbere c'amasezerano yo kuyihagarika.
Benshi mu banyagihugu baba muri Gaza bumva ko vuba urwamo rw'amasasu rushobora kuzohagarara, ariko ko amajwi y'umubabaro, ukwicuza n'ububabare bizobandanya mu ruvyaro ruri imbere.