Kenya: Perezida Ruto avuga ko habaye umugambi wo kugandagura uwari ahagarariye amatora aheruka

Perezida Ruto (i buryo) yavuze ko umukuru w'umurwi ujejwe amatora yabaye "incungu"

Ahavuye isanamu, Getty Images

Insiguro y'isanamu, Perezida Ruto (i buryo) yavuze ko umukuru w'umurwi ujejwe amatora yabaye "incungu"

Perezida William Ruto wa Kenya yashikirije amajambo akomeye, aho avuga ku mugambi wo gushaka kunyuruza no kwica umukuru w’umurwi ujejwe gutegura amatora mu gihe yari yimirije gutangaza ibiharuro vyavuye mu matora yo mu mwaka uheze.

Ruto ni we yatangajwe ko yatsinze ayo matora ku majwi 50.5%, mu gihe ku biro bikuru vy’amatora hanabereye n’ibintu bitari biryoheye ijisho.

Umukuru w’umurwi ujejwe gutegura no guhagararira amatora Wafula Chebukati yavuze ko yaranguye igikorwa ciwe n’aho yatewe ubwoba.

Ejo ku wa kabiri, Perezida Ruto yavuze ko umugambi wo kunyuruza Chebukati wari wemewe n’ibiro “bikuru gusumba ibindi vyose mu gihugu”, nk’uko bivugwa n’ibinyamakuru vyo muri ico gihugu.

Ati: "Turazi ko habaye ugushaka kunyuruza Chebukati no kumwica kugira ngo umurwi wiwe utembagare, canke asubirirwe n’uwundi yari gushira aho bashatse agahonyanga ubusugire bw’abanyagihugu.

Agira ati: “Cari igihe kigoye, gikonje kandi c’ubunyakamwe, iryo terabwoba ryari ribi cane, aho yemererwa ibitagenda kandi aterwa igitsure urutavanako”.

Yavuze aya majambo mu nama yagiranye n’amakomisiyo hamwe n’ibiro vyigenga mu biro iwe (State House) i Nairobi.

Uwari umukeba wiwe muri ayo matora, Raila Odinga yaneguye ayo majambo, avuga ko ari “irementanya ryeruye”.

“Bakwiye gutanga ibi birego mu murwi ujejwe amatohoza mu gihe wojaho”.

Mu gihe Wafula Chebukati yari aje gutangaza ivyari vyavuye muri ayo matora mu nyubakwa ya Bomas, harabaye imishamirano hagati y’impande zitandukanye.

Abanywanyi ba Raila Odinga bari muri iyo nyubakwa barerekanye ko batishimiye ivyari bigiye gutangazwa.

Naho bane mu bakomiseri indwi bagize uyu murwi ujejwe amatora bakaba barivumbuye bavuga ko ivyari bigiye gutangazwa bitandukanye n’ivyari vyayavuyemwo.

Hagati aho, nticabujije ko William Ruto yemezwa ko ari we yatahukanye intsinzi.