Ukraine - Russia: biriko biracika i Bakhmut mu rugamba ruriko rwiha inkumbi

Ahavuye isanamu, AFP via Getty Images
- Umwanditsi, George Wright
- Igikorwa, BBC News
Ukraine n’Uburusiya, buri ruhande ruvuga ko rwatikije inganda ku rundi, mu gihe intambara ziriko zirabica bigacika mu rugamba rwo kurwanira igisagara ca Bakhmut.
Moscou (umugwa mukuru w'Uburusiya) imaze amezi atari make igerageza kwigarurira iki gisagara kiri mu buseruko bwa Ukraine muri ino ntambara itoroshe.
Perezida Volodymyr Zelensky wa Ukraine avuga ko ingabo z’Uburusiya zatakaje abarenga 1100 mu misi mike iheze, abandi nabo basumba abo bagakomereka cane.
Ku ruhande rwabwo, Uburusiya buvuga ko bwishe abasirikare ba Ukraine barenga 220 mu masaha 24 aheze.
BBC ntirashobora guhinyuza ibi bitigiri bitangwa na buri ruhande.
Abahinga bavuga ko Bakhmut ata kamaro kanini ifise, ariko ko intwazangabo z’Uburusiya ariho zashize inguvu zose kuko kucigarurira yoba ari inkuru nziza baronse yo gutanga muri Kremlin (ibiro vy’umukuru w’igihugu c’Uburusiya).
Ari nka hamwe Uburusiya bwokwigarurira iki gisagara, bwoba buri mu gushika ku ntumbero yabwo yo kugenzura intara ya Donetsk yose, imwe mu ntara zine zo mu buseruko no mu bumanuko zihagiwe n’Uburusiya mu kw’icenda kw’umwaka uheze inyuma ya kamarampaka yiyamirizwa n’amakungu ayifata nk’amanyanga.
Mw’ijambo yashikirije nijoro mw’ijoro aciye ku buhinga bwa videwo, Perezida Zelensky yavuze ati: "Mu kiringo kidashika indwi, kuva ku wa 06 Ntwarante[3], twarashoboye kwica ingabo z’umwansi zirenga 1100 mu karere ka Bakhmut konyene, igihombo ntasubirizwa ku Burusiya, hafi ya Bakhmut”.
Yongerako y’uko abasirikare 1500 b’Uburusiya bakomeretse cane ku buryo ata kindi bashobora gukora.
Umushikiranganji w’Uburusiya ajejwe kwivuna abansi avuga ko ingabo z’Uburusiya zishe “abasirikare ba Ukraine barenga 220”.
Wa murwi w’abacangero b’Abarusiya Wagner ni wo ufashe iya mbere mu rugamba rwo kurondera kwigarurira Bakhmut. Umukuru wawo, Yevgeny Prigozhin, ariko ararondera kwandikisha izina ryiwe hamwe n’iry’abarwanyi biwe mu gufata Bakhmut.
Ejo ku wa Mungu yavuze ko ibintu muri ico gisagara “bigoye cane rwose, umwansi ariko ararwanira imetero ku yindi”.
Mu butumwa bw’ijwi yacishije kuri Telegram, yavuze ati: "Uko wegereza hagati mu gisagara, niko intambara iba nabi”.
Ni yamara gufata Bakhmut, avuga ati: "Tuzoca dutangura kwinagura” kandi “tuzoca dutangura kurondera abandi barwanyi muri utwo turere”.
Ariko ku wa gatandatu, ikigo gikora ubushakashatsi ku ntambara co muri Amerika, Institute for the Study of War, cavuze ko igitero ca Moscou cananiranye.
Kiti: "Abarwanyi b’umurwi Wagner bagenda bazibirirwa mu turere tw’igisagara…ibi bigatuma rero ata ntambwe ziboneka batera”.
Imbere y’intambara, iki gisagara ca Bakhmut cabamwo abantu bababa 70.000, ariko ubu hasigayeyo imparurwa. Cari kizwi kandi nk’isoko ry’umunyu, ubutare bwa gypse/gypsum, hamwe n’iyengero rikomeye ry’umuvinyu.
Nk’uko bimeze ku Burusiya, Bakhmut ifise akamaro gahambaye ka poritike kuri Ukraine, aho Perezida Zelensky afata iki gisagara nk’ikimenyetso c’urugamba rwo kwivuna umwansi.
Igihe yagendera Washington mu kw’icumi na kabiri guheze, yavuze ko iki gisagara ari "urutare rw’intamenwa rw’agaciro kacu”, aca aha inama nshingamateka na nkenguzamateka za Amerika ibendera rya Bakhmut.
Abategetsi b’ibihugu vy’Uburengero bagereranya ko ingabo z’Uburusiya ziri hagati ya 20.000 na 30.000 ari zo zimaze gutikirira canke gukomerekera i Bakhmut no mu micungararo yayo.










