China itegerezwa guhanahana amakuru ku ngaruka za Covid, bisabwa na OMS

Na George Wright

BBC News

The newly opened metro Line 6, with its technological dynamism and rich Changan cultural atmosphere, has few passengers in Xi 'an, Shaanxi PTrovince, China, December 29, 2022

Ahavuye isanamu, Getty Images

Insiguro y'isanamu, Amategeko akaze yo kutava mu rugo no gushira abantu ukwa bonyene yaravanyweho, ariko abandura biyongeye cane mu Bushinwa

Abategetsi b’Ubushinwa bategerezwa kurushiriza guhanahana amakuru yo ku gihe yerekeye Covid muri ico gihugu mu gihe iyo ndwara yasubiye kwiyongera cane muri ico gihugu, niko ishami rya ONU riraba amagara kw’isi, OMS/WHO rivuga.

Nyinshi mu ngingo zikaze zijanye no kwirinda ico kiza zaravanyweho mu mayinga aheze, ariko abandura iyo ndwara bariyongeye cane kandi ubu ibihugu vyinshi vyafashe ingingo yo gupima ingenzi zivuye mu Bushinwa.

OMS ivuga ko ishaka kuronka amakuru menshi kurusha ku binjizwa ibitaro, abari mu bisata vy’indembe n’abapfa.

Iryo shami rishaka kandi kumenya ibitigiri vy’abacandagwa.

Reta Zunze Ubumwe za Amerika, Ubufaransa, Korea y’Epfo, Ubuhindi, Ubutariano, Ubuyapani na Taiwan vyose vyategetse ko haba ibipimo vya Covid ku ngenzi zivuye mu Bushinwa, mu gutinya ko uwo mugera usubira gukwirakwira.

Nabo abantu baja mu Bwongereza bavuye muri China bazosabwa igipimo cerekana ko ata mugera batowe imbere y’uko burira indege.

Skip podcast promotion and continue reading
WhatsApp channel ya BBC Gahuza

Amakuru ya BBC Gahuza ako kanya kuri WhatsApp yawe

Kanda hano ujyeho

End of podcast promotion

‘’OMS yongeye gusaba ko hahanahanwa amakuru yihariye kandi yo ku gihe y’ingene iyo ndwara yifashe… n’incanco zatanzwe hamwe n’aho gucandaga bigeze, na cane cane ku bantu b’intege nke n’abarenza imyaka 60.’’

Iryo shami ryavuze ko ryiteguriye gufasha muri ivyo bisata, kandi ryongere rifashe guhangana n’ikibazo c’abakigonanwa kwemera urucanco.

OMS yashimangiye kandi ‘’akamaro ko gukurikirana, no gushira ahabona amakuru, kugira Ubushinwa n’isi nzima bishbora kugereranya neza urugero rwo kugeramirwa no gufata ingingo zibereye’’.

Umugwi mpanuzwajambo wa OMS ku ho Covid-19 itera igana witezwe kugira inama ku wa kabiri. Iryo shami rivuga ko ryatumiye abahinga b’Ubushinwa kuza gushikiriza ido n’ido ry’amakuru y’ingene bakurikirana ico kiza.

OMS ivuga ko ‘’vyumvikana’’ ko ibihugu bimwe bimwe biriko birafata ingingo ku ngenzi zivuye mu Bushinwa.

Ukuvanaho bukwi na bukwi ingingo nyinshi Ubushinwa bwari bwarashizeho zo kurwanya Covid kwaje imyuma y’imyiyerekano yo mu kwezi kwa Munyonyo (11) ku buryo reta yitwaye muri ico kibazo.

Gushika aho, Ubushinwa bwari bufise zimwe mu ngingo zikaze cane zerekeye Covid kw’isi – zari zizwi nka poritike ya Covid-zero.

Harimwo kutava mu ngo n’aho hoba hatowe abantu bari ku rushi banduye umugera, gupima abantu ikivunga aho abanduye batowe, n’uko abantu bafise Covid bategerezwa kuguma ukwa bonyene iwabo canke gushirwa ukwa bonyene mu bibanza vya reta.

Guma-mu-rugo ubu zaravanyweho, n’amategeko yo gushira umuntu ukwa wenyene yaravanyweho.

Ubu abantu bararekuriwe gufata ingendo uko babishatse.

Abandura kuva ico gihe bariyongeye, reta y’Ubuhinwa ikaba yerekana ko handura abantu 5.000 ku munsi. Ariko abasesenguzi bavuga ko ivyo bitigiri biri munsi cane y’ukuri – kandi ko abandura ku munsi bashobora kuba bari hafi y’umuriyoni.

Ku makuru y’icese, hamaze gupfa abantu 13 bishwe na Covid mu kwezi kwa Kigarama (12), ariko ikigo gifise icicaro mu Bwongereza gikurikirana bene ivyo biharuro, Airfinity, cavuze ku wa kane ko hafi abantu 9.000 bashobora kuba bapfa mu Bushinwa buri munsi kubera iyo ndwara.