Covid-19: Ingene ibimenyetso vyayo vyagiye birahinduka

Uwurwaye Covid

Ahavuye isanamu, Getty Images

Ububabare bwo mu muhogo, kumeneka umutwe, ibiseru vyinshi n’inkorora nivyo bimenyetso nyamukuru bishobora kwerekana ko umuntu afise covid-19.

Ibi biri mu cegeranyo co mu Bwongereza gifatiye ku nkuru zatanzwe n’abantu ibihumbi 175 bapimwe bagatorwa umugera mu ndwi yari iheze.

Ibi biri mu cegeranyo co mu Bwongereza gifatiye ku nkuru zatanzwe n’abantu ibihumbi 175 bapimwe bagatorwa umugera mu ndwi yari iheze.

Ibiharuro vyegeranijwe hifashishijwe app ya Zoe Covid, vyarihwejwe ku bufatanye bw’abashakashatsi ba kaminuza ya King’s College London, bafashwe mu mugongo na NHS, igisata citaho amagara amagara y’abantu muri ico gihugu.

Ico cigwa cerekanye ko ubushuhe burenze , ukutamoterwa hamwe no kutumva ico umuntu ashize ku rurimi uko kimeze (mko kutamenya ko kirura canke gisosa) vyari bisanzwe ari vyo bimenyetso vyerekana iyo ndwara mu mezi make aheze, bitacibonekeza cane ubu.

Uwuriko arimyira

Ahavuye isanamu, Getty Images

Ibindi bimenyetso nk’ijwi rijwangaraye, kwitsamura/kwasamura, uburuhe n’ububabare bw’umubiri vyagumye biboneka ku rutonde rw’ibimenyetso vy’iyo ndwara.

Ibimenyetso nyamukuru 20 vya Covid-19 kuva kuri kinini uja kuri gitoya hakurikijwe ivyigwa vyakozwe na Zoe, n’ibi bikurikira:

  • Ububabare bwo mu muhogo, bufise abantu 58% y’abitavye iki cigwa.
  • Kumeneka umutwe - 49%
  • Kuziba amazuru -40%
  • Inkorora itagira igikororwa -40%
  • Akanira -40%
  • Inkorora ifise igikororwa -37%
  • Ijwi rjwangaraye -35%
  • Kwasamura (kwitsamura) -32%
  • Uburuhe -27%
  • Ububabare bw’umubiri -25%
  • Iseseme -18%
  • Kuvyimba izosi -15%
  • Ububabare bw’ijisho -14%
  • Kumoterwa ukundi-13%
  • Gupfungana canke kubabara mu gikiriza -13%
  • Ubushuhe -13%.
  • Kujugumira -12%
  • Ingorane mu guhema -11%
  • Ububabare mu gutwi -11%
  • Gutakaza kumoterwa -10%

Aya makuru ahuye n’ubundi bushakashatsi bwa vuba .

Nk’akarorero icigwa React-1, buri kwezi, cama gifata kitarobanuye, abantu hafi ibihumbi 150 mu Bwongereza. Bose baca bagirirwa igipimo cihuta co gusuzuma ko ata mugera bafise.

Ivyavuye muri ico cigwa ubu bwa vuba vyerekana ko ibimenyetso vya Covid-19 bigaragara kenshi bitagumye ari bimwe mu gihe c’ico kiza.

Ivyo bishobora kuba vyatewe n’uko umugera wa corona wagiye urahindagura imero, nk’ukop abahinga bavyibaza.

Harabonetse ubwoko bwinshi bw’umugera wa corona kuva ubwa mbere butowe mu gisagara ca Wuhan mu Bushinwa. Ubwoko bwa vuba ni Omicron.

Abashakashatsi ba React-1 - bo kuri Imperial College London - bemeza ko gutakaza ukumoterwa n’ukutumva ibisosa canke ibirura bisa n’ibidakunda gushika kenshi ku bwoko bushasha bw’uwo mugera.

Ariko abakozweko amatohoza bigeze kurwara bavugako ibimenyetso vy’inkorora canke ibicurane biguma vyibonekeza.

Uwuriko arafatwa ibipimo vya Covid

Ahavuye isanamu, Getty Images

Skip podcast promotion and continue reading
WhatsApp channel ya BBC Gahuza

Amakuru ya BBC Gahuza ako kanya kuri WhatsApp yawe

Kanda hano ujyeho

End of podcast promotion

Barihweje imero ya mbere y’ubwoko bwa Omicron buzwi nka BA.1 na BA.2, bwiganje cane guhera mu kwezi kwa gatatu mu 2022.

Kuva ico gihe, ibisanira bibiri vyamuka kuri Omicron, vyandukira cane , vyiswe BA.4 na BA.5 vyarakwiye henshi kandi akaba arivyo ahanini vyafashe abanduye bashasha.

Haragereranywa ko abantu miliyoni 2,7 mu Bwongereza - n’ukuvuga 1 kuri 25 – ubu banduye umugera wa Covid-19, kandi ko ibihugu vyinshi vyo muri Amerika y’Epfo no kw’isi nzima ubu bwa vuba igitigiri c’abandura ciyongeye.

Tim Spector arongoye ico cigwa akoresha app ya Zoe avuga ko n’ubu hataraboneka uburyo bwo kwirinda Covid. 

Agira ati : ’’N’abantu bagwaye bigeze kurwara Covid kandi bakaronka urucanco barayandura”. 

Abandanya ati: “Dutegerezwa kuraba neza ko ari nkenerwa ko twitaba imanza zihuriramwo abantu abantu benshi, ko tuja gukorera mu mu biro canke canke ko dukoresha uburyo rusangi bwo kwiyunguruza um masaha buba bukenewe n’abantu benshi”.