Burundi: Ibiharuro vya Covid-19 vyongerekanye

Umushikiranganji w’amagara y’abantu Sylvie Nzeyimana avuga ko Uburundi bufise imiti ikwiye yo kuvura iki kiza ca Covid-19

Ahavuye isanamu, MSPLS_BDI

Insiguro y'isanamu, Umushikiranganji w’amagara y’abantu Sylvie Nzeyimana avuga ko Uburundi bufise imiti ikwiye yo kuvura iki kiza ca Covid-19

Reta y’Uburundi itera akamo abanyagihugu kubandanya bakurikiza amabwirizwa yo kwirinda ikiza karanda ca Covid-19 kuko “ibiharuro vy’abantu batorwa Covid-19 vyongerekanye”. 

Inyuma y’inama yahuje abajejwe kurwanya iki kiza ejo ku wa kabiri 26 Mukakaro (7) 2022, umushikiranganji w’amagara y’abantu Sylvie Nzeyimana yabwiye abamenyeshamakuru ko haheze “ikiringo nk’ico indwi zitatu … dusanga nko ku musi hatorwa abantu bashika 200” baba baranduye mu baba bipimishije.

Ati: “Ico kiza kiracariho, kirirabika ariko iyo dusamaye ntidukurikize impanuro zo kwigikngira, gica kigaruka kikaduhwibira, abantu bakandura”.

Umushikiranganji Nzeyimana ntatanga ibiharuro vy’abapimwa buri musi ariko avuga ko ibiharuro vy’abandura vyiyongereye ugereranije n’ingene vyari bimeze inyuma y’amezi atari make vyari vyaragabanutse cane.

Mu ntara ntara zigeramiwe nk’uko abimenyesha harimwo igisagara ca Bujumbura, intara za Bujumbura, Gitega, Bururi mu bunamuko bw’igihugu, Muyinga na Kirundo mu buraruko. 

Sylvie Nzeyimana avuga kandi ko hari n’abinjira bavuye hanze bapimwa bagasanga baranduye.

Ati: “Muri ino misi, abapimwa ku mipaka Uburundi busangiye n’ibindi bihugu, harimwo no ku kibuga c’indege, twasanze ko ingenzi ziza ziciye mu ndege harimwo abatari bake baza barwaye … aho nk’akarorero mu ndwi yose iheze, abashika 80 barapimwe basanga bararwaye uwo mugera”. 

Abinjiye mu gihugu bategerezwa gupimwa. Abasaba kwihutira kuraba inyishu hanyuma basanze barwaye bakitura amavuriro bwango. 

Nta ngingo ruhasha zifatirwa abinjira bavuye hanze nk’uko vyigeze kuba muri kahise. 

Igicapo cerekana ingene iki kiza cifashe mu gihugu cerekana ko ku bantu 7.483 bapimwe ku magenekerezo ya 23, 24 na 25 uku kw’indwi, 423 basanze baranduye, muri bo 39 bakaba bari bavuye hanze. 

Ibiharuro bitangwa n’ishami rijejwe amagara y’abantu kw’isi OMS/WHO vyerekana ko mu Burundi abantu 44.437 aribo bamaze kwandura, kuva iki kiza gishika mu gihugu mu 2020, 15 bakaba ari co gitigiri OMS yahawe c'abamaze gupfa. 

Ibi biharuro vyarakemanzwe n’ammwe mu shirahamwe ategamiye kuri leta ko bitavuga ukuri kw’ingene Covid yari yifashe mu gihugu. 

Ibiharuro kandi vyerekana ko abagera kuri 0,1 % bonyene nibo bamaze kwicandagisha mu gihugu.