Africa-Covid: OMS iragabisha ku bihugu biriko biratezura gucungera ico kiza

Ahavuye isanamu, Getty Images
Ishirahamwe ryitaho amagara kw'isi OMS/WHO risaba kwiyubara cane mu gihe ibihugu vyinshi vyo muri Afrika biriko biratezura ingingo zo kugenzura indwara ya Covid hamwe n'izo gushira ukwa bonyene abayanduye canke abinjiye bava hanze.
Umuyobozi w'igisata ca Afrika muri OMS, Matshidiso Moeti, yavugiye mu kiganiro n'abamenyeshamakuru ku buhinga bwa none ku wa kane ati: "N'ikibazo giteye impungene kubona hafi ica kabiri c'ibihugu vyose vyo muri Afrika vyahagaritse kurondera abo bose baba bahuye n'abanduye Covid.
"Ivyo hamwe no gukora ibipimo nyavyo, nivyo bigize umushinge wo guhangana vy'ukuri n'ikiza ico ari co cose".
OMS ivuga ko vy'umwihariko biteye "impungenge ku mugabane ugifise gushika ubu urugero rwa mbere ruri hasi kw'isi rw'abamaze kuronka urucanco [rwa Covid]".
OMS ivuga kandi ko kubera gusugerezwa n'ibibazo vyo kwugurura kugira ubutunzi busubire gukora, ibihugu biriko biragabanya inguvu zo gucungera hamwe n'izindi ngingo.
Uko kugabisha kwa OMS kuje mu gihe mu bindi bice vy'isi, ibitigiri vy'ikwirakwira rya Covid vyasubiye kuduga cane.
Dr Moeti avuga ati: "Kuvanaho ingingo abanyagihugu bahora basabwa kwubahiriza mu gukingira amagara yabo bidasigura guhesha mu gucungera ico kiza".
Abantu bashika miriyoni 201 ni ukuvuga 15% y'abantu baba muri Afrika nibo bamaze kuronka incanco zuzuye za Covid, aho ni mu gihe muri rusangi ahandi kw'isi bashika 57%.










