China igiye gusubira kuba nyabagendwa kuva muri Nzero
Frances Mao & Fan Wang
BBC News

Ahavuye isanamu, EPA
Ubushinwa bugiye kuvanaho ‘quarantaine’ [ikiringo co kugumiza umuntu ukwa wenyene] ku ngenzi, ikaba ari yo ntambwe ya nyuma yo kuva kuri poritike ya Covid-zero ico gihugu cari kigize igihe kigenderako.
Inyuma y’imyaka hafi itatu imbibe zugaye, ibi bizotuma igihugu gisubira kwugururwa ku bafise visa z’akazi canke z’amashure, canke abagiye kuramutsa imiryango.
Ariko ivyo bishitse mu gihe Ubushinwa buhanganye n’ikwirakwira rishasha ry’umugera mu gihe izo ngingo zariko ziravanwaho.
Amakuru avuga ko ibitaro vyarengewe n’abarwaye, abageze mu za bukuru nabo bariko barapfa ku bwinshi.
Ibitigiri vy’ukuri – vy’abandura n’abapfa ku munsi ku munsi – ubu ntibizwi kuko abategetsi bahagaritse gushira ahabona ibiharuro bijanye na Covid.
Ku ndwi iheze, ubutegetsi bw’Ubushinwa bwari bwamenyesheje hafi abandura bashasha 4.000 buri munsi n’abapfa bake.
Ku wa Mungu, bavuze ko bagiye guhagarika gushira ahabona ivyo biharuro. Ariko ikigo co mu Bwongereza kibikurikirana, Airfinity, cagereranije ko mu Bushinwa handura abantu bashasha barenga umuriyoni hagapfa 5.000 buri munsi, ku bw’itororokanirizo ry’amakuru Reuters.
Ubushinwa nico gihugu ca nyuma ca rutura mu butunzi gifashe inzira yo “kubana na Covid” inyuma y’imyaka itatu ya guma mu rugo, kwugara imbibe n’itegeko ryo kuja muri “quarantaine” ku bantu batowe umugera wa Covid canke abagize aho bahurira na bo.
Poritike ya Covid zero yarahungabanije ubutunzi, abanyagihugu nabo bararambwirwa n’ingingo zibabuza ukwishira no kwizana hamwe n’ibipimo vya buri igihe.
Ukurengerwa n’izo ngingo vyararushe bishika ku myiyerekano itamenyerewe muri ico gihugu yo kwiyamiriza prezida Xi Jinping muri Munyonyo (ukwezi kwa 11), ivyatumye abategetsi batezura ingingo za Covid mu mayinga yakurikiye.
Imbibe zugaye niyo nzitizi ya nyuma yari igisigaye. Kuva muri Ntwarante mu 2020, uwari we wese yinjira mu Bushinwa yategerezwa gushika ashirwa muri quarantaine mu kibanza ca reta – mu kiringo gishika ku ndwi zitatu icarimwe. Ico ubu vuba caragabanuwe gishirwa ku minsi itanu.
Ariko ku wa mbere, inama y‘igihugu ijejwe amagara yamenyesheje ko Covid igiye kumanurwa igashirwa ku rugero rwa Class B kuva ku wa 8 Nzero.
Ivyo bisigura ko quarantaine izoca ivaho -n’ubwo abavuye hanze bagiye muri ico gihugu bazotegerezwa kugirisha igipimo ca PCR – kandi ko n’igitigiri ntarengwa c’indege zinjira mu Bushinwa ku munsi naco kigiye kuhava.
Abategetsi bavuze kandi bazokworosha ibijanye no gusaba visa ku banyamahanga bifuza kuja mu Bushinwa kwiga, gukora canke kuramutsa umuryango canke kuja kubana nawo.
Ntibiramenyekana niba harimwo na visa ku ngenzi (tourist visa), ariko abategetsi bavuze ko hagiye kuzoba gahunda y’ifatiro ku bwato mpuzamakungu bw’ingenzi.
Ayo mategeko mashasha yakiriwe neza cane n’Abashinwa benshi ubu bagiye gusubira kuja mu makungu. Kompanyi ya mbere itunganya ingendo kuri internet yamenyesheje ko ibitigiri vy’abayishorera vyaduze cane mu masaha make izo ngingo zimaze gutangazwa.
Ariko hari n’abandi berekanye agashavu k’ingene ukwo kwidegenvya kuja giturumbuka inyuma y’imyaka y’igenzurwa ritabujije ko abantu baguma bandura.

Ahavuye isanamu, Reuters
Abandi bashikirije impungenge ku mbuga hwaniro kuri uko kwugurura imbibe mu gihe abandura Covid basubiye kwiyongera cane mu Bushinwa.
Bumwe mu butumwa bwakunzwe cane kuri Weibo bwagize buti : “Kuki tutari kurindira ko uwu mupfunda ubanza gucureha imbere y’uko twugurura? Abakozi bo kwa muganga basanzwe bamaze kuruha, hanyuma abageze mu za bukuru ntibazorusimba kabiri mu kwezi kumwe”.
Ababa mu bisagara nka Beijing na Shanghai, ubu birangwamwo ubukonje bwinshi, bavuga ko baheranywe n’imiti y’ibicurane kandi bakeneye ubufasha bwo kwa muganga ku babo barwaye.
Hari impungenge ko hari impfu nyinshi zitamenyekana kuko ibibanza vyo guturiramwo abapfuye vyarengewe.
Ku wa mbere, prezida Xi yagize ico avuga ubwa mbere kuri izo mpinduka, asaba abategetsi gukora “ibishoboka” kugira ubuzima burokorwe.
Ibinyamamukuru vya reta vyamusubiyemwo avuga ko igihugu cugarijwe n’igihe gishasha co kurwanya ico kiza, kandi ko hakenewe inyishu yihariye.
Kuba Ubushinwa bwahindukiye ku murongo bwahorako mu kurwanya Covid vyatumye prezida Xi arotoherwa, nk’uko abihweza ibintu n’ibindi babibona.
Niwe yari imbere muri poritike ya Covid zero benshi bidogera ko izingamitse ubuzima bwabo bikabije hanyuma igahungabanya ubutunzi.
Ubu naho yayiyehevye, abaraba ibnintu n’ibindi bavuga ategerezwa kwemanga umutwaro w’umupfunda ukomeye w’abandura n’abinjizwa ibitaro. Benshi baribaza igituma igihugu kititeguye neza gusumba.










