'Umuhungu wanje azi amajwi y'ibisasu kuruta uko azi amajwi y'ibikinisho vyiwe'

Umukobwa ahagaze ibubanfu n’umuhugu ari iburyo bariko banywa icayi muhira iwabo muri Gaza
Insiguro y'isanamu, Halloum (ibubamfu) na Hamoud (iburyo) babayeho mu ntambara muri Jabalia, mu buraruko bwa Gaza.
    • Umwanditsi, Lara El Gibaly and Haya Al Badarneh
    • Igikorwa, BBC Eye Investigations

Haheze iminsi minsi mike Israel itanguje intambara yayo muri Gaza mu kwezi kwa Gitugutu umwaka uheze, Abanyapalestina babiri batanguye gufata amashusho y’ubuzima bwabo bwa minsi yose bayarungika kuri BBC. Aseel yahungiye mu bumanuko bw’akarere arondera umutekano, Khalid ahitamwo kuguma mu buraruko. Bahanahana inkuru bandika ku bisasu, kwimuka kenshi, impfu n’ihungabana vyabaye ku bana bafatiwe mu ntambara.

Khalid

Mu cumba co kuryamamwo mu nzu yakubiswe na bombe mu buraruko bwa Gaza, Hamoud w'imyaka itandatu na Halloum w'imyaka ine bariko bakina kuzoba inkeragutabara. Bakwega igipupe gito hagati yabo hanyuma bakamera nk’abashona umubiri waco.

Hamoud agira ati: "Yakomeretse." “Amabuye menshi yamuguyeko.”

Ubushikiranganji bw’amagara y’abantu burongowe na Hamas buvuga ko ari ibintu we na barumuna be babonye bakina inshuro zitagira igitigiri kuva mu mwaka uheze muri Gaza, aho hafi umuntu umwe kuri batatu baguye mu ntambara yatanguye muri Gitugutu mu 2023 yari umwana, nk’uko bivugwa n’ubushikiranganji bw’amagara y’abantu bwa Hamas.

Intambara ikomeje muri Israel yatanguye inyuma y’aho abantu bagera ku 1200 bagwiriye mu bitero vya Hamas vyo kw’itariki 7 Gitugutu mu 2023.

Khalid, se w'abo bana, ariko arabitegereza ahangayitse ari kure y’aho bakinira.

Khalid agira ati: "Iyi si imikino abana bari bakwiye gukina." “Iyo ndababonye uko, bimvuna umutima.”

Mu gihe ibitaro vyo mu buraruko bwa Gaza vyahagarika gukora muri Kigarama(12), amezi make intambara imaze gutangura, Khalid yaciye kubiri n’itegeko rya Israel ryo kwimuka mu bumanuko, ahitamwo kuguma mu gace asanzwe abamwo ka Jabalia, mu buraruko bwa Gaza, kugira ngo afashe mu kuvura abanyagihugu bene wabo.

Skip podcast promotion and continue reading
WhatsApp channel ya BBC Gahuza

Amakuru ya BBC Gahuza ako kanya kuri WhatsApp yawe

Kanda hano ujyeho

End of podcast promotion

Khalid ntiyari umuganga, ahubwo yarigishijwe ivyo kugorora ingingo nka ‘physiotherapist’, kandi akorana n’ikigo gikwiragiza ibikoresho vyo kwa muganga akabitwara mu bitaro n’amavuriro.

Ati: “Abantu bose tubana bazi ko ndi ‘physiotherapist’, ntabwo ndi umuganga. Ariko kubera iki kibazo kitoroshe, nababwiye ko nshobora guhindura pansuma no gushona ibikomere, cane cane ku bana. Ndamutse ngiye, abo nitaho bashobora kubura ubuzima bwabo, kuko nta bitaro canke amavuriro biriko birakora.”

Yifashishije ubumenyi buke afise, n’ubushobozi bwo gushikira ahari imiti - imwe muri yo yanataye igihe - yafunguye ivuriro ryiwe, aho yibanze ku kwakira no kuvura abana. Abana biwe batanguye kwigana ivyo babonye akora.

“Ambulance, mu mujane kuri ambulance!” Hamoud yavugije induru, igihe we na mushiki we bakina 'inkeragutabara', umwe mu mikino mishasha batanguye kwitaho mu gihe c'intambara. Khalid yumvise umuhungu wiwe agerageza kugereranya imvune igipupe bise ‘umurwayi bariko baratabara’ cagize. N’ibikomere vy’ibimanyu vya misile (shrapnel), canke ibihomoka vy’amazu yaguye?

Khalid yagize ati “Hamoud amenyereyekwumva amajwi y'ibisasu kuruta uko yumva amajwi y'ibikinisho vyiwe. Kandi mutoyi wiwe Halloum vyabaye ngombwa ko yihanganira vyinshi birengeye imyaka yiwe”. Ati: “Mfise ubwoba bw'ingaruka zo mu mutwe zishobora kubabako mu gihe kirekire zivuye kuri iyi ntambara.”

Komite mpuzamakungu ishinzwe gutabara yavuze ko ingaruka zo kwimurwa, ihahamuka, ndetse no kubura uburezi mu mashuri zishobora kuzogira inkurikizi ku buzima bwose bw'abana muri Gaza.

Mu buraruko, abana ba Khalid ntibagize ihungabana ryo mu mutwe gusa, ahubwo banagize inzara itigeze ibaho. Muri Ruheshi, ishirahamwe mpuzamakungu ONU ryagereranije ko 96% vy'abanyagihugu bo muri Gaza bahuye n’ikibazo c’ibukene bw’ibifungurwa”.

Mu gihe Hamoud azungagiza ibendera yikoreye we nyene hejuru y'inzu, agerageza uko ashoboye guha ikimenyetso kajugujugu ije gutanga infashanyo ngo iyiterere hafi y’inzu yiwe, urwamo ruteye ubwoba runyiganyiza hasi. Aho, indege yo muri Israel yari imaze guta igisasu ku nyubakwa yari hafi y’aho, umwotsi uriko uraduga mu mazu ari hirya gatoya

Hamoud yarihevye ati: "Sinkunda indege zitera ibisasu." Ati: “Ndashaka ko baduterera ibifungurwa ahubwo.”

Umwana (yafashwe ifoto afise amezi 6) aramwenyura aho afashwe na nyina mu gatebe kiwe ku ntebe y'imbere y'imodoka, inyuma ubona ucishije mw’ idirisha ry’imodokari ukuntu mu bumanuko bwa Gaza harimbutse.
Insiguro y'isanamu, Hayat, yavukiye muri Gaza muri Kigarama 2023, kandi nta kindi yabonye kuva avuka kiretse intambara

Aseel

Mu bumanuko bwa Gaza, umuvyeyi w’imyaka 28 aheruka kwibaruka, Aseel, ariko aragera agereranya uburyo ashobora kugaburira umukobwa wiwe aheruka kuvuka, Hayat.

Aseel agira ati: "Nta bifungurwa bihari kw’isoko ku buryo nshobora kurya neza kandi nkamwonsa, kubera izo mpamvu ntegerezwa kumuha amata."

Ishami ry’ishirahamwe mpuzamakungu ONU ryitaho irwirirana ry’abantu (FNUAP/ UNFPA), rigabisha ko muri uku kwezi abagore 17.000 bibungenze muri Gaza ubu bageramiwe na kigoyi.

Umugabo wa Aseel, Ibrahim agira ati: "Amata, ivyahi, ibintu vyose abana bakeneye vyarazimvye bidasanzwe mu gihe c'intambara."Yongeyeko ko kubironka vyose ari ikibazo.

Ibi sivyo Aseel yari yiteze kuzobamwo n’agakobwa kiwe, mu mezi yiwe ya mbere amaze kwibaruka.

Aseel, umugabo wiwe, hamwe n’umwana wabo w’amezi 14, Rose, vyabaye ngombwa ko bava mu rugo rwabo maze berekeza mu maja epfo mu ndwi za mbere z’intambara, bakurikiza amategeko bahawe yo kwimuka muri Israel. ONU ivuga ko icenda ku Banyapalestina 10 muri Gaza bimuwe n'imiburiburi rimwe kuva intambara itanguye muri Gitugutu 2023.

Yibungenze inda y’amezi umunani, Aseel yabwirizwa kugenda mu maja epfo ibirometero vyinshi aciye mu nzira yagenywe. Ati: "Ntitwari dufise amazi akwiye, kandi nari nfise ikibazo co kugira amaraso make. Hirya no hino hasi hari imivyimba y’abantu. Ico niyumvira ni umukobwa wanje Rose, n'umwana amukurikira nari nibungenze.”

Aseel n'umugabo wiwe bagiranye amasezerano, yagize ati: “twasezeranye ko niba hagize ikimushikira, nzokomeza inzira jenyene kandi nkitwararika umukobwa wacu Rose n'umwana nibungenze. Niba kandi nanje bishitse nkananirwa, yari azi ko ategerezwa gukomeza n’umukobwa wacu akansiga inyuma.”

Bamaze kugera ahari agahengwe k’umutekano muri Deir al-Balah mu bumanuko, havutse ikindi kibazo gishasha: nta bitaro vyakora, aho yashobora kwibarukira. Ibitaro vya Al Awda muri Nuseirat nico kigo conyene cegereye yashobora kuvyariramwo.

Umukobwa wa Aseel, Hayat, niho yavukiye kuwa 13 Kigarama. Izina ryiwe, ijambo ry'icarabu rivuga ubuzima, ryatoranijwe kugirango ribibutse icizere c’ubuzima bwuzuye, burangwa n’umunezero bari bizeye kuzobona mu bihe biri imbere, intambara imaze kurangira.

“Vyari bimeze nko gusubira guhumeka umwuka w’abazima muri jewe, n’ubwo hari intambara iriko irabica bigacika uku kwose. Yanyibukije ko ubuzima bushobora gukomeza no mu bihe bigoye."

Ibrahim, umufotozi, vyabaye ngombwa ko asiga umugore wiwe, umukobwa wiwe Rose, n’uruhinja rwavutse kugira ngo aje gukora, ashira ubuzima bwiwe mu kaga kugira ngo abashigikire. Inyuma y'ivyabaye aho yasanze yafatiwe mu ruhurirane rw’umuriro w’amasasu akarokoka ku gihamana, yagize ati: "Ibi vyose ndabikora kugira ngo ndabaronkere ivya nkenerwa vy''ibanze vy'ubuzima, ivyahi, amata, n'ico kwambara."

Ati: “Numva uburemere bwa Gaza bwose buri ku bitugu vyanjye, ntewe umwitwarariko cane n'abakobwa banje, kandi numva ata bushobozi mfise bwo gutunga umwana wanje aherutse kuvuka.”

Muri Rusama, Ibrahim na Aseel bongeye guhurira i Deir al-Balah, basohokana abana babo mu modoka.

Ibrahim agira ati: "Hayat nta munsi n'umwe yamenye utarimwo intambara." Ati: "Yavutse muri aya mashusho yo kurimbuka, mu rwamo rw'ibisasu vya bombe n'amakuru y’intambara."

Hayat, umwana w’amezi 6, yicaye ku bibero vya nyina ku ntebe y'imbere. Imodoka igenda hagati y’imirongo y'inyubakwa zasenyutse, ku mabarabara yazimanganijwe n’imicanga n’ibihomoka bituruka ku nyubakwa zasambutse.

“Ariko n’aho biri uko”… "umwana aguma amwenyura.”-niko se, Ibrahim avuga.