Uriko ubona ku rubuga aherekana amakuru mu nyandiko gusa, hakoresha uburyo buke. Ja ku rubuga nyamukuru ubone amakuru mu nyandiko iherekejwe n'amasanamu.
Njana ku rubuga nyamukuru canke aho gusoma gusa
Ibindi vyerekeye ingene urwo rubuga rugutwara uburyo (ama mega) buke
Ku musi wa mbere nyene, Trump ategekanya gutangura gufata abimukira badafise ivya ngombwa
Ibitero vyo gufata no kwirukana abimukira baba muri Amerika ata mpusha bafise bitegekanijwe gutangura ku musi wa mbere nyene w'ubutegetsi bushasha bwa Perezida Donald Trump, nk'uko amasoko yabibwiye imboneshakure CBS ikorana na BBC muri Amerika.
Kuri uno musi wa mbere, niho bitegekanijwe ko Trump ashikirizwa amabanga yo kurongora Reta Zunze Ubumwe za Amerika, mu kiringo ciwe kigira kabiri inyuma y'amatora aheruka, aho yatsinze mukeba wiwe Kamala Harris, icegera ca Perezida Joe Biden arangiza ikiringo ciwe kuri uno wa mbere.
Ntibitomoye neza aho uno mugambi wo gufata aba bimukira – umugambi utegekanywa n'umu-tsar [umwami] w'imipaka yagenywe na Trump Tom Homan – utangurira.
Amakuru ya mbere avuga ko ibikorwa vyo kwirukana aba bantu bishobora gutangurira muri Chicago, igisagara gifise igitigiri kinini c'abimukira gusumba ibindi bisagara vyose, ejo ku wa kabiri.
Ariko ku wa gatandatu, Homan yabwiye ikinyamakuru Washington Post ko ubutegetsi bwa Trump buriko burihweza ahandi iki gikorwa cotangurira inyuma y'aho iki kibanza kimenyekaniye.
Trump yariyemeje guhagararira umugambi wo kwirukana abimukira ku rugero rutari bwigere rubaho muri kahise ka Amerika, Homan akavuga ko inkozi z'ikibi n'abari mu mirwi y'inkozi z'ikibi ari bo bazokwibandwako cane muri uno mugambi.
Homan yabwiye iki kinyamakuru ko ari umugambi uzoba wagutse, aho kwibanda gusa kuri Chicago.
Ati: "Igisata kijejwe abimukira kizotangura guhagarika ababangamiye umutekano w'abanyagihugu n'uw'igihugu ku musi wa mbere.
"Tuzohagarika abantu mu gihugu cose, tutaravye amategeko ayo ari yo yose yo ku butegetsi bwahahora. Sinzi igituma Chicago ari yo yavuzwe ubwa mbere".
Mu kiganiro na Fox News mu ndwi iheze, uno mu tsar w'imbibe yasezeranije "igitero rutura" mu gihugu cose. Yari amaze kuvuga ko Chicago izoba intango yo kwirukana abimukira mu kivunga.
Mu mpera z'indwi iheze, Homan yasiguriye Fox News ino migambi y'ubutegetsi bwa Trump, aho yavuze ko ibikorwa vy'ukwirukana aba bimukira bitazoba ari "ibitero", ahubwo ko ari "ibikorwa bizoba biraba abantu bazwi".
Avuga ko ibi ari ibikorwa "biteguye neza".
Homan ati: "Igihe igisata kijejwe abimukira kizoba gitanguye ibikorwa, kizoba kizi neza abo kirondera n'aho kizobasanga".
Avuga ko yiteze y'uko indege zizotahukana abantu iwabo zizotangura kugenda mu ndwi ya mbere y'ubutegetsi bwa Trump, kandi ko yiteze ko buri musi hazoba imanza zo kurwanya uno mugambi wo kwirukana aba bantu zizokwuguruzwa n'amashirahamwe nka American Civil Liberties Union.
Ati: "Ndazi ko bazotwitwarira, ariko ni baze".
Mu gihe c'imyiyamamazo, abari bayijejwe bishura mu buryo butandukanye ku bijanye n'igitigiri c'abimukira bashobora kwirukanwa.
Ariko, mu kiganiro n'imboneshakure ABC, JD Vance aherutse gutorwa nk'icegera ca Perezida Trump yaratanze igitigiri nyaco.
Ati: "Hinge tubanze dutangurire ku bantu umuriyoni. Aha ni ho Kamala Harris yananiriwe kandi ni ho dushobora gutangurira".
Nk'uko ibiharuro vya nyuma biherutse gutangwa n'ubushikiranganji bw'intwaro yo hagati mu gihugu be n'ikigo Pew Research Institute bivyerekana, abimukira baba mu gihugu badafise ivya ngombwa bababa imiriyoni 11, igitigiri gisa n'ikitahindutse kuva mu 2005.
Benshi muri bo bamaze igihe kirekire mu gihugu: hafi bane kuri batanu mu bimukira badafise ivya ngombwa bamazeyo nibura imyaka cumi.
Imbere y'uko atangura ikiringo ciwe ca mbere mu 2017, uno murepubulikani Trump yari yariyemeje kwirukana abimukira mu kivunga, ariko nticabujije ko birangira yirukanye hafi inusu y'abimukira birukanywe na Perezida Barack Obama, Umudemokarate, mu myaka ine yiwe ya mbere.
Uno mukuru w'igihugu agira 47 agomba ashikire amabanga ashigikiwe cane ku migambi yiwe ijanye no gucungera imbibe. Ibiharuro vyatangajwe ku wa gatandatu n'ikinyamakuru New York Times hamwe n'ikigo Ipsos vyerekana ko 55% vy'Abanyamerika bashigikiye cane canke ku rugero kanaka umugambi wo kwirukana mu kivunga aba bimukira.
Igisata kijejwe abimukira (ICE) cama cirukana abimukira badafise ivya ngombwa igihe cose.
Hagati aho, bitegekanijwe ko igikorwa gitegurwa inyuma y'irahira rya Trump kuri uno wa mbere kizokorwa cane cane mu bisagara bizwi nk'"ubuhungiro" bigabanya ugukorana n'abajejwe abimukira mu gihugu, nk'uko amasoko azi ibijanye n'uno mugambi abibwira CBS.
Abategetsi b'igisata kijejwe abimukira mu karere ka Chicago baherutse gusaba abakozi baco kwinjira muri ibi bikorwa bitegekanijwe muri iyi ndwi batarinze kubimenyesha abarongoye iki gisata i Washington DC, nk'uko bivugwa na CBS.
New York, Los Angeles, Denver na Miami na vyo nyene vyitezwe gukorwamwo ibi bitero, nk'uko bivugwa n'ikinyamakuru Wall Street Journal gisubiramwo amasoko kitavuga amazina azi ibijanye n'izi nteguro.
Hari amakuru avuga ko Trump ashobora gukuraho politike imaze igihe kirekire yatuma amashengero azibira igisata kijejwe abimukira gufata abantu.
Mw'isengero rimwe mu karere kiganjemwo abafise amamuko yo muri Amerika y'Epfo muri Chicago, abanywanyi baryo barashikiriza BBC impungenge zabo.
"Ndafise ubwoba, ariko sinzi ukungene abadafise ivya ngombwa bamerewe", bivugwa na D Camacho, umwimukira w'imyaka 21 afise ivya ngombwa yamuka muri Mexique wo mw'ishengero Lincoln United Methodist Church mu karere ka Pilsen.
Pasitori Emma Lozano agira ati: "Mbega hafashwe umuntu afise abana batanu, ni nde azosigara areze aba bana? Bazoja mu bigo vy'irerero? Umuryango uzocirwamwo ibice? "
Amategeko yo ku butegetsi bwa Perezida Biden yavuga ko igisata kijejwe abimukira categerezwa guhagarika cane cane abimukira badafise ivya ngombwa baboneka ko koko ari inkozi z'ikibi, bari binjiye mu gihugu vuba, canke baboneka ko bashobora kubangamira umutekano w'igihugu.
Mu gihe ubutegetsi bwa Trump bwerekana ko buzotangurira ku bimukira bakoze ivyaha, abimukira bose badafise ivya ngombwa – harimwo n'abamaze igihe kirekire baba kandi bakora muri Amerika, batigeze baba no mu nkozi z'ikibi – barashobora kuzohagarikwa bakirukanwa.
Ibitero vyo guhiga abimukira ku bigo vy'ubwubatsi ari naho abimukira batagira ivya ngombwa bakunze gukoreshwa navyo nyene vyitezwe gusubira gutangura, inyuma y'uko bihagaritswe n'ubutegetsi bwa Biden, nk'uko bivugwa na CBS.
Hagati aho, iki gikorwa gishobora guteza ingorane abategetsi – kubera ubukene bw'ibigo vyo kwegeranirizamwo abazoba bahagaritswe.