'Ni ikibazo c'umwanya gusa imbere y'uko Mbappe aba ishingiro rya Real Madrid'

Mbappe

Ahavuye isanamu, Getty Images

    • Umwanditsi, Umwihwezo wa Guillem Balagué
    • Igikorwa, BBC Sport

Inyuma y'amezi atari make havugwa vyinshi, Kylian Mbappe vyarangiye afashe inzira yamushikanye muri Real Madrid muri rino ci kuri gusa, inyuma y'aho amasezerano yari afitaniye na Paris St-Germain arangiriye.

Amasezerano yagiriraniye n'uno murwi wo muri Espagne azoshika mu 2029, akazoba ahembwa umushahara w'imiriyoni 12.8 z'amapawundi (amafaranga y'Ubwongereza), ni ukuvuga imiriyoni zirenga 16, 8 z'amadorari y'Abanyamerika buri mwaka.

Hejuru y'uno mushahara, hiyongerako n'agashirukabute ko gusinya amasezerano k'imiriyoni 128 z'amapawundi azorihwa mu kiringo c'imyaka itanu, kandi akazogumana igice c'ibizova mw'ikoreshwa ry'izina ryiwe (droits d'image/image rights).

Inyuma y'imisi ihaciye ateye igikumu ku masezerano, ni ibisanzwe ko haba ababona ko hakiri ikibuze kugira ngo Mbappe yerekane ko ari we mukinyi shingiro muri uno murwi wa mbere w'igihangange kw'isi.

Ibintu ntivyari vyoroshe mu gihe yariko yitegurira urukino rwiwe rwa mbere rw'ihiganwa rihuza imirwi yabaye iya mbere iwabo (Ligue des champions/Champions League) n'umurwi wiwe mushasha nijoro ku wa kabiri - aho waraye wirahiye Stuttgart 3-1, Mbappe akaba afisemwo kimwe, mbere akaba ari we yatanguye kwinjiza.

Ni mu gihe hari abatari bake babandanya bibaza ingene azokinana n'abandi basatirizi b'ibihangange bisanzwe biri muri uno murwi nka Vinicius Junior, Rodrygo, Jude Bellingham n'umusore w'umunya-Brezili Endrick.

Mbappe kandi ntiyorohewe cane mu gihugu ciwe c'amavukiro c'Ubufaransa, aho abakunzi b'umurwi nserukiragihugu w'iki gihugu bamunegura babandanya biyongera.

'Umuntu atishira hejuru'

Abarongoye Real Madrid baratangazwa n'ukwicisha bugufi, inyifato runtu n'ukwiyorosha biranga Mbappe kuva ashitse - nubwo abasanzwe bamuzi neza bobo badatangara.

Mbappe asanzwe ari umuntu adateba kumenyera mu gikorwa ahawe nubwo, nk'umusatirizi, bitamworohera gukina ku nomero 9, nk'uko vyagiye vyibonekeza no muri kahise.

Igihe yakinira PSG ku myaka 18 ku mumenyereza Unai Emery, ntiyabwiye gusa umurwi ko ari ngombwa ko akina inkino zose, ahubwo yanawumenyesheje n'inomero yashaka gukinako, iyi nayo ntiyari inomero 9.

Igihe umumenyereza Luis Enrique yamukinisha ku nomero 9, ntivyagenze neza.

Muri kino gihe muri Real Madrid, umumenyereza Carlo Ancelotti amukinisha kuri iyi nomero nyene, ariko akaba yaramuhaye uburenganzira bwo gushobora kuza arimukira aho ashatse. Gusa ingorane ihari, ni uko iyo yimukiye ku ruhande rw'i bubamfu, yisanga ariko aragongana na Vinicius, na we aterekwa na gato inomero 9.

Kylian Mbappe ni we amaze kwinjiza ibitsindo vyinshi muri Real Madrid kuva ihiganwa ry'uno mwaka w'inkino ritanguye, akaba amaze kwinjiza ibitsindo bine

Ahavuye isanamu, Getty Images

Insiguro y'isanamu, Kylian Mbappe ni we amaze kwinjiza ibitsindo vyinshi muri Real Madrid kuva ihiganwa ry'uno mwaka w'inkino ritanguye, akaba amaze kwinjiza ibitsindo bine
Skip podcast promotion and continue reading
WhatsApp channel ya BBC Gahuza

Amakuru ya BBC Gahuza ako kanya kuri WhatsApp yawe

Kanda hano ujyeho

End of podcast promotion

Iyindi ngorane Ancelotti afise ni ukutagira Toni Kroos aherutse gukukuruka, ibi bigatuma abasatirizi bataronka imipira nk'uko bikenewe.

Mbappe yaragize umwikomo mu nkino nkeya ziwe za mbere yakiniye Madrid mu gihe Vinicius na we atari ahagaze neza.

Imbere y'urukino rwa nijoro, Mbappe yari amaze kwinjiza ibitsindo bine gusa mu nkino zitandatu nubwo bibiri vyari ivyo kuri penaliti (penalty), inkino zitatu muri zo zikaba zarangiye ata gitsindo na kimwe yinjije.

Siko yavyipfuza.

Hagati aho, Ancelotti ni nk'uko atigeze agira ikibazo c'inyifato ya Mbappe, kuko yerekanye inyifato ntangarugero. Eka no mu barongoye Madrid ntibabona ko vyari ngombwa ko babanza kumenyereza Mbappe mu murwi kuko badakekeranya ku buhinga bwiwe nk'"umukinyi wa mbere karuhariwe kw'isi".

Ahubwo baratangazwa cane n'ukungene atishira hejuru nk'umukinyi w'igihangange kw'isi.

Avugana n'abanyamakuru inyuma y'ibitsindo bibiri yinjije Real Betis, Mbappe yagize ati: "Ni jewe ntegerezwa kumenyera. Iyo umukinyi nka nje ashitse, ibintu vyinshi birahinduka, kandi bwoba ari ubujuju mu gihe ntovyiyumvira uko, kandi ngashobora kubimenyera".

'Mbappe arazi ko ategerezwa kwihangana'

Igihe batsinda Real Betis 2-0 mu ntango z'uku kwezi, Vinicius yararekeye penaliti Mbappe, ariko igihe Madrid yakina na Real Sociedad, baraheberaniye imwe imwe.

Ancelotti avuga ko abakinyi bo nyene ubwabo bashobora kwiyumvikanira, kandi Mbappe arabishima kuko yemera ko ari mu murwi uzomutsimbatariza agaciro n'ubuhinga vyiwe.

Aremeza ko ategerezwa kwihangana kandi ko hazogera igihe akaba ari we aheberwa penaliti kandi ko Vinicius azomumenyera.

Mu nkino za mbere, Vinicius na Mbappe ntibahererekanya umupira, ariko mu rukino rwo mu ndwi iheze na Real Sociedad, vyabaye ibindi bintu, aho bakoranye cane bigashimwa.

Uretse iyi ngwano na Vinicius, umuzo wa Mbappe usa n'uwatumye Rodrygo abona ko umengo ashirwa ku ruhande, mu gihe kandi bizoba ngombwa ko Real Madrid yiga ikibanza ca Bellingham yiteze gusubira mu kibuga vuba inyuma y'imvune arimwo.

Mbappe arabona ko hari intunganyo ategerezwa kumenyera, gusa aremeza ko vuba umurwi uzomenyera ubuhinga bwiwe bukomeye.

Gusa kuri uno murwi, mu gihe bishobora gufata igihe kitari gito kugira ngo uno murwi ushobore gushikana Mbappe ku rwego rw'abakinyi b'ibihangange kw'isi, bose barazi neza ko ari ikibazo c'umwanya gusa imbere y'uko aba rurangiranwa muri uno murwi wa mbere kw'isi.