'Umukinyi umwe gusa ashobora gutuma Arsenal itahukana intsinzi muri Premier League' - Alan Shearer

- Umwanditsi, Alan Shearer
- Igikorwa, BBC Sport
Nta gihe kirekire giheze turavye urukino rwa nyuma rwa Euro 2024 i Berlin ariko ihiganwa rya Premier League riratangura kuri uyu wa gatanu, kandi sije nzobona riratanguye.
Manchester City uracari wo mugwi uri imbere y'iyindi, ariko igikorwa co kugura abakinyi kiracabandanya, kandi ni co gishobora kwerekana uwoja imbere y'iyindi migwi ku rutonde rwo kurushanwa.
Haracari vyinshi bikiri muri ''hamwe vyoshika'' imbere y'uko igura n'igurishwa ry'abakinyi rirangira itariki 30 z'ukwezi kw'umunani ariko kimwe muri vyo gishobora kwerekana uko ihiganwa rizogenda kubera mu gihe Arsenal yogura umukinyi w'imbere akomeye noca ndabashigikira mu kubandanya no gutwara igikombe.
Igihe umugwi urongowe na Arteta wahakwa gutwara igikombe mw'ihiganwa riheruka, bari bafise abakinyi b'inyuma ba mbere beza cane batsinzwe ibitsindo 29 gusa mu nkino 38, ariko bahejeje kugura uwundi mukinyi mwiza w'inyuma, Riccardo Calafiori.
Ni vyo City ikora, iyo baronse abakinyi babiri beza bo hagati, hanyuma bagaca barondera uwundi wa gatatu canke uwa kane, bisigura ko Arsenal izoba ikomeye mu gihe hogira igishikira Gabriel canke Saliba.
Bariko bararaba uko bogura uwundi mukinyi wo hagati na bo, kandi bari mu biganiro vyo kugura umunya Espagne Mikel Merino akinira Real Sociedad, ariko ni mu kibanza c'imbere nibaza ko bakwiye gushira inguvu kugira bashobore gukomera ku buryo baheza ihiganwa bari mu kibanza ca mbere, hakuba mu ca kabiri.
Arteta avuga ko umugwi wiwe wategerezwa kuba 'nta gatosi' mu ntambara warimwo wo gutsinda City mw'ihiganwa riheruka, kandi barabahakije. Batsinzwe rimwe gusa muri iryo higanwa rya Premier League kuva mu ntango z'umwaka wa 2024, batsinzwe na Aston Villa mu kwezi kwa kane, intsinzi yahavuye ibashikana mu cobo.
Mu vy'ukuri ntibari kure y'umugwi ushobora gutahukana igikombe, kandi barabifitiye ubushobozi, ariko nihaba hari ikintu kimwe babura kugira babishikeko ni umukinyi azi kwinjiza.
Man City yoba izosubiriza Alvarez?
Kuba City imaze gutwara igikombe incuro zine zikurikirana ni ikintu gikomeye kandi izogerageza kugwanira mu gihe irondera kugitwa irigira agatanu.
Muri kahise bagumye bashobora kuvyifatamwo neza no mu gihe hari abakinyi bakomeye baba bagiye, ariko ni ugukurikiranira hafi ko bazobona ko bakeneye gusubiriza Julian Alvarez ni yamara kwimukira muri Atletico Madrid ku kiguzi c'ama miriyoni 81,5 z'ama £ (£: pound, ifaranga ry'Abongereza).
Mu gihe ntakekeranya ko Alvarez yashaka gutangura mu kibuga, na cane cane mu nkino zikomeye, ntivyamubujije kugira uruhara rukomeye mu ntsinzi bashitseko mw'ihiganwa riheruka.
Alvarez yaratanguye mu kibuga mu nkino 25 za mbere za Premier League z'ihiganwa, arabandanya gushika muri Ruhuhuma, ageze aho yari yamaze kuzana amahirwe menshi hanyuma aca aba uwa mbere yafashije cane mu bakinyi b'abasubirizi muri City. Uwundi gushika aho nawe yari amaze kubinjiriza Ibitsindo vyinshi muri yari Erling Haaland.
Ndazi ko bafise amafaranga menshi ya kuri Alvarez ariko kuba ashobora gukina mu bubanza bitandukanye bisigura ko yakoreye akazi kenshi Guadiola, asanzwe akunda guhindurira ibibanza abakinyi biwe ariko ata wundi yakoresheje cane kunganya we muri league mu mezi indwi ya mbere y'ihiganwa.
Ariko City ija imaze kuzana Savinho, rero bashobora kwumva ko ivyabo vyakwiye hanyuma, reka tuvyitege, nta bihengeri bigaragara bafise mu mugwi wabo.
Haaland yaramaze anayinga atari make adakina mw'ihiganwa riheruka kubera imvune yamara arabasha kwinjiza ibitsindo 27 vyatumye atahana ikirato c'inzahabu. Hamwe yoguma ahagaze neza, aho rero ahobora kubtsindira vyose ubu.










