Ivya Mbappe bigiye bidadanuka, yateye igikumu ku masezerano na Real Madrid

Kylian Mbappe

Ahavuye isanamu, Getty Images

Kylian Mbappe yateye igikumu ku masezerano yo kwinjira muri Real Madrid kuri gusa igihe amasezerano afitaniye na Paris St-Germain azoba arangiye ku wa 30 Ruheshi (6).

Mu kwa kabiri, uno musatirizi w’Ubufaransa niho yemera ku munwa kwimukira muri uno murwi wa Bernabeu, mu kwa gatanu naho agatangaza ko azosezera muri PSG mu mpera z’iri higanwa.

Mbappe w’imyaka 25, yamaze gushika ku masezerano na Real Madrid akazoca yimukira muri Espagne kuva umusi igihe c’igura n’igurishwa ry’abakinyi kizoba cuguruye ku wa 1 Mukakaro (7).

Madrid yiteze gutangaza ano masezerano muri ino ndwi hanyuma ice itangaza umuzo w’uno musatirizi i Bernabeu imbere y’uko inkino za Euro 2024 zitangura.

Mbappe, umwe mu bakinyi b’umurwi nserukiragihugu w’Ubufaransa watahukanye igikombe c’isi yose mu 2018, ni we mukinyi wa mbere yinjirije PSG ibitsindo vyinshi, 256 kuva yinjiye muri uno murwi avuye muri Monaco mu 2017 atijijwe, imbere yo kwegukira burundu PSG mu 2018.

Yemeye amasezerano yo gukinira Real gushika mu 2029, aho azohembwa imiriyoni 15 z’ama-euro ku mwaka, n’imiriyoni 150 z’ama-euro y’agashirukabute k’uko yateye igikumu kuri ano masezerano, azorihwa mu kiringo c’imyaka itanu, kandi akazogumana uburenganzira kw’ikoreshwa ry’izina ryiwe (droits à l'image/image rights) ku rugero kanaka.

Uno Mufaransa agiye kuronka amahirwe yo gukinana na Luka Modric, uno munya-Croatia akina hagati akaba yiteze gutera igikumu ku yandi masezerano y’umwaka umwe muri uno murwi.

Modric w’imyaka 38, yinjiye mu kibuga nk’umusubirizi igihe Madrid itsindira igikombe c’ihiganwa rihuza imirwi yabaye iya mbere i Bulaya, itsinze Borussia Dortmund 2-0 ku wa gatandatu ku kibuga ca Wembley mu Bwongereza.

Amasezerano y’uno mukinyi yahoze akina hagati muri Tottenham azorangira mu mpera z’uku kwezi ariko yiteze kubandanya akinira Real mu yandi mezi 12 ari imbere.

Modric mu kibuga yinjiye asubiriye Umudagi Toni Kroos w’imyaka 34 amaze imyaka 10 akinira Real, hasigaye iminota ine mu rukino rwa nyuma rwiwe muri uno murwi.

Real itegura urugendo rwo kwerekana igikombe cayo mw’ijoro ryo ku wa Mungu ku mugwa mukuru wa Espagne.