Uriko ubona ku rubuga aherekana amakuru mu nyandiko gusa, hakoresha uburyo buke. Ja ku rubuga nyamukuru ubone amakuru mu nyandiko iherekejwe n'amasanamu.
Njana ku rubuga nyamukuru canke aho gusoma gusa
Ibindi vyerekeye ingene urwo rubuga rugutwara uburyo (ama mega) buke
Kenya iracahanzwe n'umuti ubuza gusama uva mu Bushinwa n'ubwo umaze imyaka 10 warabujijwe
Na Evelyne Musambi
BBC News, Nairobi
Igihe Susan Wamaitha yatangura kwumva arwaye haraheze umwaka, yibaza ko ari ingaruka zava ku muti ukinga gusama inda yari amaze amezi atanguye gufata - biza kumenyekana ko yari amaze indwi munani asamye inda.
Uwo mugore w'imyaka 32 ubu ni nyina w’abana batatu. Ntiyamenye ko uwo muti ukinga gusama inda yari yatanguye gufata mu kwezi kwa Ruheshi (6) mu 2021 wari ubujijwe muri Kenya.
Abantu muri Kenya bawuzi kw'izina rya "Sofia" ariko ukorerwa mu Bushinwa kandi insiguro zose ziwerekeye zanditswe mu gishinwa gusa.
Umurongo wa mbere uhinduwe mu rundi rurimi uvuga ko uwo muti urimwo ibinini vya "Levonorgestrel Fast Estradiol". Uwo muti (pillule) "n'uwukinga gusama bamira ugakora igihe kirekire", nk'uko umurongo wa kabiri uvuga.
Umurongo wa gatatu utanga amakuru ku wuwukora: " "Zizhu Pharmaceutical Co Ltd".
Kudanzada uyo muti vyarabujijwe n’abategetsi ba Kenya haraheze imyaka 10 kubera urugero runini rw’ibiwugize bita levonorgestrel rurenga incuro 40 ugereranije n’ururekuwe.
Levonorgestrel ni umuti ukora ku misemburo usanzwe ukoreshwa mu buryo bwo kuvyara ku rugero.
Ubushikiranganji bw’amagara y’abantu ntibwashize ahagaragara ivyo bwatoye vyose mu bushakashatsi bwakoze, ariko bwavuze ko abana bavutse kubera iyo miti itashoboye kubuza gusama inda bashika mu gihe co gushobora kurondoka/kuvyara (gutera canke gusama inda) hakiri kare cane.
Kumeneka umutwe no gusesemwa
Wamaitha yabariye BBC ati: "Sinari nzi ko wabujijwe. Benshi mu bagenzi banje bariko barawukoresha kandi bo nta ngaruka wabagirako".
Co kimwe n’abandi bagore b’abanya-Kenya benshi, yari yashimye uwo muti kubera uzimbutse kandi ufatwa rimwe gusa mu kwezi.
Iyo miti rimwe na rimwe yinjizwa mu gihugu bidaciye mu mategeko ivuye mu bihugu bibanyi.
Abagore kenshi bagura ivyo binini Sofia buri kwezi - benshi mu babigurisha ntibemera gutanga vyinshi icarimwe. Ikinini kimwe kigurwa hagati ya 300 na 400 y'amashiringi ya Kenya (hafi 5.200 mu mafaranga y'Uburundi).
Ubundi buryo bwo kuvyara ku rugero buboneka mu gihugu burimwo gufata ikinini buri munsi.
Ibinini bimara ukwezi bigurwa hafi amadorari 1,70 (hafi 3.500 mu mafaranga y'Uburundi) mu mavuriro ya reta ariko ntivyama vyabonetse, gutyo abagore bagaca baja kubigurira mu mazu agurisha imiti (pharmacies) ku mafaranga menshi gusumba.
Iyo ivyo binini bibuze, ubundi buryo bukoreshwa burimwo:
- akuma gakora ku misemburo gashirwa mu mubiri kakamarayo amezi atatu. Ako gatangwa mu bitaro vya reta ku giciro c'ama dorari 5 (arenga 10.000 mu mafaranga y'Uburundi)
- utundi dukoresho dutandukanye dushirwa mu gitereko, nk'akanyuzi, kamara imyaka myinshi. Ako kagurwa ama dorari 9 (ibihumbi birenga 18.000 mu mafaranga y'Uburundi).
Udukingirizo dutangwa ku buntu mu biro vya reta n'utuzu twa surwumwe rusangi ariko rimwe na rimwe hari aho duhera n'ubwo dushobora kugurwa mu ma butike.
Wamaitha yagize ati: "Kubera akanyuzi k'umujubu kizinze nka T kadakora ku misemburo katuma mbabara mu mugongo, nafashe ingingo yo kukavanamwo hanyuma nkoreshe ibinini".
Yari yashimye kandi ingene abagenzi biwe bari bamurangiye Sofia ata kiro na kimwe bongerako mu kuvyibuha - ivyo bikaba vyari mu vyo yabanza kuraba kugira amenye umuti yofata kuko yagwana arondera kutaduza ibiro [kutavyibuha gusumba].
Ariko kuva mu ntango ntiwigeze umumerera neza – naho yibazako umubiri wiwe uzomenyera uwo muti mushasha kuko yategerezwa gufata ibinini bibiri ubwambere mu nyuma akazoja arafata kimwe mu kwezi.
Madame Wamaitha yagize ati: "Naciye ntangura kuja ndameneka umutwe nkagira n'iseseme. Ukwezi kwa mbere sinagiye mu butinyanka (mu kwezi)".
Ariko ntiyagize amakenga kuko mu kwezi gukurikira yagiye mu kwezi. Ariko ho aboneye mu kwezi kwa gatatu yongeye kutaja mu butinyanka, yaciye atangura kugira amakenga.
Umugabo wiwe yaciye atangura kugira ubushakashatsi kuri ico kinini gikinga gusama inda aca asanga ico kinini carabujijwe.
Avuga ati: "Twaciye dutangura kugira ubwoba kuba twakoresheje umuti ubujijwe hanyuma aho menyeye ko mfise inda ntangura kugira impungenge ku ngaruka zawo ku mwana wanje [yari mu nda]".
Ubu bafise umwana w'umukobwa w'amezi atatu , ariko uyu muryango ubabazwa no kuba ata makuru ahari ku ngaruka zishobora kuzoshikira umwana wabo mu gihe ariko arakura.
'Igikwiye kuri uyu ntigikwira kuri uriya'
Ishami rya ONU riraba amagara kw'isi, OMS, rivuga ko muri Afrika yo munsi ya Sahara abagore 50% bakeneye imiti ikinga gusama inda ari bo bonyene bashobora kuyironka.
Muri Kenya , ibijanye no gukinga gusama inda bisa n’ibivugirwa mu vyongoshwa - ahanini kubera imico n'amadini muri iki gihugu aho ijambo rinini ari iry'umugabo.
Abagabo bamwe bamwe ntibemerera abagore babo gukoresha uburyo bwo gukinga gusama inda kandi hari n'amadini amwe amwe atavyemera.
Idini rya Kavonokya mu buseruko bwa Kenya, nk'akarorero, ntiryemera ubuvuzi bwa none, rivuga ko Bibiriya ico yemera gusa ari amasengesho n'igikorwa [c'Imana].
Ku bw'umuhinga mw'igwirirana ry'abantu n'iterambere, muganga Josephine Kibaru, gushikira abanyagihugu basanzwe ni yo yoba inzira y'uko hemerwa uburyo bwa none bwo gutandukanya imvyaro.
Muganga Kibaru yabwiye BBC ati: "Dukeneye ko abakorerabushake mu bijanye n'amagara mu kibano bahabwa ubushobozi n'amakuru kuko umugore akenshi ashobora kugirira icizere umubanyi canke umugenzi kurusha umukozi wo kwa muganga yahawe akazi kw'ivuriro."
Yavuze ko hari ukutamenya uburyo bwo gutandukanya imvyaro, hari kandi ibivugwa vyinshi canke bizwi ukutari ko bikeneye gusigurwa neza.
Gufatanya ivyo vyompi kumbure ni vyo bikenewe, mu gihe muganga w'ibijanye no kuvyara Brigid Monda avuga ko abagore bakeneye gusaba impanuro abajejwe amagara kugira bashobore kumenya uburyo bwobabera bwiza bwo kuvyara ku rugero.
Yabwiye BBC ati: "Igikwiye kuri uyu ntigikwira kuri uriya".
Ariko abagore bamwe bamwe basanze atako bari bugire atari ukuvanga uburyo butandukanye bwo gukinga gusama inda kubera ukutaboneka kw'umuti baba batanguye gufata ku mavuriro yo mu gihugu hagati.
Sofia uracaboneka vyoroshe n'ubwo wabujijwe. Kuba abagore batazi ko ubujijwe biterwa n'uko abanyagihugu badahabwa amakuru n'igisata c'amagara y'abantu, nk'uko bivugwa na muganga Kibaru.
Avuga ati: "Gukoresha ibinyamakuru vyonyene ntibikwiye. Gutanga ubutumwa ku bushake bugashikira abanyagihugu bato bato birakenewe cane kugira abanyagihugu batahure neza igituma umuti wabujijwe".
Ugurishwa ku bakiriya bizigiwe
Abadandaza imiti barazi ko uwo muti wabujijwe - ubushikiranganji bw'amagara y'abantu bwarongeye kugabisha mu kwezi kw'icenda - ariko n'ubu babandanya kugurisha uwo muti kuko hari abawurondera.
Ntushirwa ahabona, ariko ugurishwa mu mpisho ku bakiriya bizewe baza kuwugura buri kwezi.
BBC yagendeye amazu menshi acuruza imiti ku murwa mukuru, Nairobi, kugira ikore amatohoza kuri Sofia - menshi yavuze ko Sofia utagurishwa.
Umudandaza umwe – atashimye kuvugwa izina – yasiguye ko wariho ariko udashirwa ahabona, kandi ko amazu adandaza imiti yashobora kuwugura ku bandi bawurangura mu bihugu bibanyi.
Mu ntango z’ukwezi kw'icenda, umukozi akora mu rwego rukurikirana imiti n'uburozi (Pharmacy and Poisons Board), yabariye ikinyamakuru co muri Kenya, Standard, ko hari intekera yafatiwe ku mupaka na Uganda.
Wamaitha avuga ko nawe yaguze ivyo binini ku mugenzi aronka vyinshi abikuye kuri bene abo babiranguza.
Yavuze ko umugenzi wiwe n’abandi bari baziko uwo muti ubujijwe igihe bawumurangira.
N'aho yasamye inda ntivyaciye intege abo bandi kubandanya bakoresha uwo muti - n'imyidogo y'abagore mu migwi itandukanye yo kuri Fecebook ntaco yababwiye.
Mu migwi nibura itatu aho bavuga Sofia, abagore batari bake bawufata bavuze ko basamye inda.
Ibi vyatumye Wamaitha abandanya asaba abagenzi biwe n’abandi bagore kurondera ubundi buryo bwo kuvyara ku rugero.
Ati: "Ndazi ko iyo mvuze Sofia nca numva mpinze agashitsi. Sinzi uburyo nzokoresha kugira sinsame inda igira kane, ariko sinzosubira, sinzosubira gukoresha uwo muti."