Uriko ubona ku rubuga aherekana amakuru mu nyandiko gusa, hakoresha uburyo buke. Ja ku rubuga nyamukuru ubone amakuru mu nyandiko iherekejwe n'amasanamu.
Njana ku rubuga nyamukuru canke aho gusoma gusa
Ibindi vyerekeye ingene urwo rubuga rugutwara uburyo (ama mega) buke
Gaza-Israel: Irekurwa ry'abanya-Israel bane ryabaye akaryo ka Hamas ko kwerekana ko igihagaze neza
Igikorwa co guhanahana impfungwa hagati y'Abanyapalestina na Israel kirabandanya, aho mu gitondo co kuri uno wa gatandatu abasirikare b'abagore bane barekuwe n'umuhari Hamas.
Igisirikare ca Israel (IDF) gitangaza ko aba basirikare bane ba Israel baza bamaze gushika Israel inyuma y'amezi 15 bari bamaze mu minwe y'izi nyeshamba z'Abanyapalestina.
IDF yanditse ku rubuga rwa X iti: "Aba basirikare bane batahutse, Daniela Gilboa, Liri Elbag, Naama Levy na Karina Ariev, ubu bajabutse urubibe binjira muri Israel bari kumwe na IDF hamwe n'ingabo za Shin Bet".
Inyuma y'aho IDF isohoreye itangazo imenyesha irekurwa ry'aba basirikare bayo, umuvugizi wayo mu gisata c'ururimi rw'icarabu Avichay Adraee yasohoye ubundi butumwa ashimagiza ubutwari bwabo.
Ati: "Ni intwari bu buryo bwose bushoboka. Bahagaze nk'intwari imbere y'umugwi w'iterabwoba, bagororotse neza kandi badahugumbwa.
"Naho baciye mu mahano y'ubwoko bwose no mu bihe bigoye baciyemwo, ntibahiye coba, barifashe rugabo kandi ntibacitse intege.
"No mu bihe bigoye, badugije ibiganza nk'ukuvuga badatinya bati: 'Turi hano, ntitugugumwa'. Aba bagore ni ikimenyetso c'ukwiyemeza n'inkomezi, guhangana n'ingorane mu vyishimo".
Hagati aho, igisirikare ca Israel kivuga ko Hamas itubahirije ivyo yiyemeje mu masezerano yo guhagarika intambara, aho umuvugizi waco, Daniel Hagari, avuga ko uno muhari wategerezwa kubanza kurekura abasivire imbere y'uko urekura abasirikare.
Avuga ko batarota batezura gushika umunya-Israel uwo ari we wese yanyurujwe atahukanywe mu gihugu.
Ashimira abahuza mpuzamakungu harimwo Reta Zunze Ubumwe za Amerika, Qatar, na Misiri, bakoze ku twigoro twabo twose, kandi ko yizeye y'uko bazokora ibishoboka vyose kugira ngo Hamas ikurikize amasezerano.
Igikorwa Hamas yari yatunganije kugira itange ubutumwa
Mu buryo butandukanye n'ingene ico mu mpera z'indwi iheze, Hamas yari yiteguriye neza igikorwa c'uno musi mu ntumbero yo kwerekana ko ihagaze neza.
Aba bagore bane bashitse bari mu mamodoka, baherekejwe n'abagabo bitwaje inkoho bambaye ibitambara vyo kwiyoberanya mu maso, maze bashikanwa mu kibanza cari giteguwe neza, ari na ho imbere y'aha umutegetsi wa Croix Rouge yatereye igikumu ku rwandiko ari kumwe n'umurwanyi wa Hamas.
Aba banya-Israel barekuwe babonetse bambaye imigozi (cordons) mw'izosi iboheyeko amakarata karangamuntu, co kimwe n'aba bagabo bitwaje inkoho bari bahagaze iruhande yabo, umwe wese afise ikarata ijanye n'igikorwa c'uno musi.
Aba bagore bashitse bamwenyura, bafatanye amaboko kandi bakiriza ibiganza baramutsa amajana n'amajana y'abarwanyi ba Hamas be n'abasivire b'Abanyapalestina bariko babihweza. Nta wuzi icari mu mitima yabo muri ico gihe c'umunezero inyuma y'agahinda bari bamazemwo amezi 15.
Ingene Hamas yari yiteguriye igikorwa c'uno musi vyagaragara ko yizeye y'uko amashusho y'iki gikorwa azokwerekana ko ari umuhari witunganije kandi ufise inguvu. Nta nkeka ko yashaka guha ubutumwa Abanyapalestina ko umusi umwe izogenzura Gaza, hamwe kandi n'umushikiranganji wa mbere wa Israel Benjamin Netanyahu yari yariyemeje gusenyura burundu uno muhari inyuma y'igitero co ku wa 7 Gitugutu (10) 2023 ariko ko ugihagaze neza.
Muri ano masezerano, vyitezwe ko abanya-Israel 33 banyurujwe na Hamas bazorekurwa bakaguranywa n'impfungwa z'Abanyapalestina mu gice ca mbere c'indwi zitandatu.
Ku wa Mungu uheze, Abanya-Israel batatu ni bo barekuwe, baguranywa n'impfungwa 90 z'Abanyapalestina. Muri iki gikorwa c'uno musi, irekurwa ry'aba basirikare ba Israel b'abagore ryiteze kujana n'irekurwa ry'impfungwa z'Abanyapalestina 200 bapfunguwe mu mabohero atandukanye ya Israel.
Aya masezerano avuga ko buri musirikare umwe wa Israel aguranywa n'impfungwa z'Abanyapalestina 50, mu gihe umusivire nawe aguranywa n'impfungwa 30 z'Abanyapalestina.