Israel na Hamas bashitse ku masezerano y'agahengwe muri Gaza, none indyane zizohagarara?

    • Umwanditsi, David Gritten
    • Igikorwa, BBC News

Israel na Hamas baraye bashitse ku masezerano yo guhagarika intambara muri Gaza no kurekura impfungwa inyuma y'amezi 15 y'intambara, nk'uko bivugwa n'abahuza ba Qatar na Reta Zunze Ubumwe za Amerika.

Umushikiranganji wa mbere wa Qatar Sheikh Mohammed bin Abdul Rahman Al Thani avuga ko aya masezerano azotangura gushirwa mu ngiro ku wa Mungu mu gihe azoba amaze kwemezwa na reta ya Israel.

Perezida Joe Biden wa Amerika avuga ko ano masezerano "azohagarika intambara muri Gaza, imfashanyo nkenerwa cane ku basivire b'Abanyapalestina yiyongere, hanyuma abafashwe bugwati basubirane n'imiryango yabo".

Umushikiranganji wa mbere wa Israel Benjamin Netanyahu avuga ko ibiri muri aya masezerano bikiriko biratunganywa, ariko agashimira Biden ko "yayahagarariye". Umukuru wa Hamas Khalil al-Hayya avuga ko avuye mu "kwihangana" kw'Abanyapalestina.

Abanyapalestina benshi n'imiryango y'Abanya-Israel abayo bafashwe bugwati bakiranye urweze iyi nkuru, ariko nta gahengwe ku rubuga rw'intambara muri Gaza.

Ishirahamwe rya gisivire, Civil Defence, rya Hamas rivuga ko ibitero vyo mu kirere vya Israel vyahitanye abantu barenga 20 inyuma y'iri tangazo rya Qatar. Muri bo harimwo 12 baba mu nyubakwa y'uburaro mu karere ka Sheikh Radwan ko mu gisagara ca Gaza, nk'uko bivugwa n'iri shirahamwe. Igisirikare ca Israel ntaco cashotse gitangaza.

Israel yatanguje urugamba rwo gusambura Hamas – umuhari ufatwa na Israel, Amerika n'ibindi bihugu nk'uw'iterabwoba - mu kwishura ku gitero kitari bwigere kibaho co ku wa 7 Gitugutu (10) 2023, aho abantu bababa 1.200 bishwe abandi 251 bafatwa bugwati.

Abarenga 46.700 baramaze kwicwa muri Gaza kuva ico gihe, nk'uko bivugwa n'ubushikiranganji bw'ako karere bujejwe amagara y'abantu mu butegetsi bwa Hamas. Abanyagihugu imiriyoni 2.3 baba muri Gaza hafi bose barataye izabo, ibintu biratikira, kandi ubu hakaba hari ubukene budasanzwe bw'imfungurwa, ibitoro, imiti n'uburaro kubera bitoroshe gushikana imfashanyo ku bazikeneye.

Israel ivuga ko 94 mu bafashwe bugwati bakiri mu minwe ya Hamas, muri bo 34 vyibazwa ko bapfuye. Vyongeye, hari abanya-Israel bane banyurujwe imbere y'iyi ntambara, babiri muri bo bakaba barapfuye.

Umushikiranganji wa mbere wa Qatar asaba "ituze" ku mpande zompi imbere y'uko igice ca mbere c'amezi atandatu y'ano masezerano yo guhagarika intambara gitangura, ivyotuma, nk'uko abivuga, 33 muri aba bafashwe bugwati barekurwa – harimwo abagore, abana n'abatama - hanyuma Israel nayo ikarekura imbohe z'Abanyapalestina zipfungiwe mu mabohero ya Israel.

Ingabo za Israel zizova mu birindiro vyazo mu turere tubamwo abanyagihugu benshi muri Gaza zitere zija mu buseruko, Abanyapalestina bataye izabo bashobore kwemererwa gutangura gusubirayo, hanyuma amajana n'amajana y'amakamyo yuzuye imfashanyo nayo yemererwe kwinjira muri ako karere buri musi.

Ibiganiro ku bijanye n'igice ca kabiri – iki kikaba cotuma abazoba basigaye mu bafashwe bugwati barekurwa, ingabo zose za Israel zigatahukanwa hanyuma hakaza "ituze rirama" – bizotangura ku musi ugira 16.

Igice ca gatatu ari co ca nyuma kizoba kirimwo ugusanura Gaza – igikorwa gishobora gufata imyaka – hamwe no gusubiza ibiziga vy'abafashwe bugwati vyoba bisigaye.

Sheikh Mohammed avuga ko hari "inzira itomoye yo kuganira ku gice ca kabiri n'ica gatatu", amazeserano akaba yitezwe gushirwa ahabona "mu misi mike izokurikira, mu gihe azoba ahejeje gutunganywa".

Avuga kandi ko Qatar, Amerika na Misiri, ari na vyo vyafashije mu gushika kuri ano masezerano, bizokorana kugira ngo Israel na Hamas bashire mu ngiro ivyo biyemeje.

Ati: "Twizeye ko uru ruzoba ari rwo rupapuro rwa nyuma rw'iyi ntambara, kandi twizeye ko impande zompi zizoshira mu ngiro ibiri muri ano masezerano vyose".

Perezida Biden avuga ko uno mugambi yatanguye kuvuga mu mezi umunani aheze, "utavuye gusa ku gusatirwa gukomeye cane kwari kuri Hamas n'ingene ibintu vyahindutse inyuma y'amasezerano yo guhagarika intambara muri Libani be n'uguca intege Irani – ariko kandi no mu kwitanga gukomeye kwa Amerika mu bijanye n'imigenderanire".

Iri tangazo ribandanya rivuga riti: "N'aho twakiranye urweze iyi nkuru, turibuka imiryango yose yabuze ababo mu gitero ca Hamas co ku wa 7 Gitugutu, hamwe n'inzirakarengane nyinshi zishwe mu ntambara yakurikiye.

"Harageze ko intambara ihagarara hanyuma igikorwa co kwubaka amahoro n'umutekano kigatangura".

Mu kiganiro yahaye abanyamakuru mu nyuma, Biden yaremeje kandi ko Donald Trump aherutse gutorwa nk'umukuru w'igihugu yafashije, mu gutera igitsure impande zompi asaba ko abafashwe bugwati borekurwa imbere y'uko ashikirizwa amabanga ku wa mbere.

Ati: "Muri ino misi ya vuba, twarakoreye hamwe". Avuga ko vyinshi mu biri muri ano masezerano bizoshirwa mu ngiro yamaze kuva ku butegetsi.

Trump ni we yabaye uwa mbere yemeje ko ano masezerano yashitsweko, imbere y'uko Maison Blanche/White House (ibiro vy'umukuru w'igihugu ca Amerika) na Qatar babitangaza ku mugaragaro.

Mu butumwa yanditse mu nyuma ku mbuga hwaniro, yagerageje kwerekana ko ari we yatumye aya masezerano "ateye igomwe" ashikwako, aho yanditse ko "yoba gusa yabaye kubera intsinzi yacu yo muri Munyonyo [11]".

Ibiro vy'umushikiranganji wa mbere wa Israel Benjamin Netanyahu bishimira Trump "ku kungene yafashije mw'irekurwa ry'abafashwe bugwati, n'ingene yafashije mu kumara umubabaro w'aba bantu baharurwa muri mirongo bafashwe bugwati n'imiryango yabo".

"Umushikiranganji wa mbere aratomora neza ko yiyemeje kugarukana abafashwe bugwati bose mu buryo bwose bushoboka", niko ibi biro bivuga, imbere yo kwongerako ko yashimiye kandi Biden.

Mu nyuma, vyavuze ko Netanyahu "azosohora itangazo inyuma y'uko ibiri muri aya masezerano bizoba bihejeje gutunganwa, igikorwa kiriko kirakorwa muri uno mwanya".

Perezida Isaac Herzog wa Israel avuga ko ano masezerano azozanana n'ibihe "bibabaje cane" hamwe "n'ibibazo bikomeye vy'iki gihe", ariko ko yari "inzira ibereye".

Aya masezerano yitezwe kwemezwa n'inama nshikiranganji ya Israel kuri uno wa kane nubwo hari abo ku ruhande rwa Netanyahu batavyerekwa.

Umukuru mfatakibanza wa Gaza akaba ari na we yaserukiye Hamas mu biganiro, Khalil al-Hayya, avuga ko aya masezerano ari "intambwe ikomeye muri iyi ntambara aho duhanganye n'umwansi, mu nzira izodushikana ku ntego z'abanyagihugu bacu zo kwibohora no gutahuka".

Yongerako y'uko uno muhari ubu ugiye kurondera "gusubira kwubaka Gaza kandi, kugabanya ububabare, gukiza ibikomere".

Ariko agabisha kandi ati: "Ntituzokwibagira, kandi nta mbabazi tuzotanga", ku mahano ashikira Abapalestina muri Gaza.

Igihe amakuru y'ano masezerano yaja ahabona, amashusho yerekana abanyagihugu bashira akaruru hejuru ko kwerekana umunezero, bazunguza n'amabendera ya Palestina mu karere ka Deir al-Balah hagati mu gisagara ca Gaza hamwe no mu gisagara ca Khan Younis kiri mu bumanuko.

Sanabel, umwigeme w'imyaka 17 aba mu buraruko bw'igisagara ca Gaza, yabwiye ikiganiro Outside Source ca BBC ati: " Twese turaryohewe.

"Twari tumaze igihe kirekire tubirindiriye. Ubu rero ngiye kuryama umutima udahagaze …Igihe co gukira kirageze".

Nawara al-Najjar, umugabo wiwe akaba ari mu bantu barenga 70 bishwe igihe ingabo za Israel zakora igitero co kurokora abantu babiri bari banyurujwe, agira ati: "Intambara ni yahagarara nshaka guha abana banje ubuzima bwiza.

"Nshaka ko bava mu bwoba twabayemwo. Abana banje batekewe n'ubwoba bwinshi. Imitima yabo yuzuye ubwoba".

Sharone Lifschitz ni Umwongerezakazi akomoka muri Israel, se wiwe Oded w'imyaka 84 akaba ari mu banyurujwe bagisigaye mu minwe ya Hamas. Nyina wiwe, Yocheved, na we nyene yari yanyurujwe mu gitero co ku wa 7 Gitugutu ariko akaba yahavuye arekurwa inyuma y'amayinga atari make apfunzwe.

Igihe amakuru y'ano masezerano yamenyekana, yabwiye BBC i Londres ko abona ko ibi "vyumvikana bukebuke", ariko akemeza ati: "Ndazi ko amahirwe y'uko dawe ashobora kugaruka ari make cane.

"Arashaje cane, ariko ibitangaro birabaho. Mama yaragarutse, rero mu buryo bumwe canke ubundi, tuzobimenya. Tuzomenya nimba akiri kumwe natwe, nimba dushobora kumubungabunga".

Agabisha ati: " Hari imva nyinshi ziri imbere n'abantu bababaye bakagaruka, ariko tuzobitaho tubafashe gusubira kubona umuco... Iyi ibe intango y'ivyiza".

Moshe Lavi, muramu wa Omri Miran, umugabo w'imyaka 47 akaba se w'abana babiri, yabwiye BBC ko wari "umusi w'uruvangatirane ku miryango hafi yose y'abanyurujwe".

Ati: " Turashaka kubona imiryango yacu itahutse ikava mu buja. Ariko kandi turatahura ko ari igice kimwe c'amasezerano. Igice ca mbere gusa ni co cumvikanyweko.

"Ni ngombwa ko tubandanya urugamba, tubandanya dukoma akaruru nk'imiryango kugira ngo reta yacu itahure ko ari ngombwa kurekura abanyurujwe bose".

Umunyamabanga mukuru w'ishirahamwe ONU Antonio Guterres avuga ko "ico gushira imbere ubu ni ukugabanya umubabaro mwinshi watewe n'iyi ntambara".

None koko ano masezerano azorangiza indyane?

Umwihwezo wa Jeremy Bowen

Gushika ano masezerano ashirwe mu ngiro, iyi ntambara yatangujwe n'igitero ca Hamas kuri Israel ku wa 7 Gitugutu 2023 irabandanya. Abanyapalestina nibura 12 bishwe mu bitero vyo mu kirere vya Israel mu buraruko bwa Gaza inyuma y'uko ano mazeserano yo guhagarika intambara atangajwe.

Amasanamu avuye mu buraruko bwa Gaza yerekana imivyimba iriko irakurwa mu modoka zitwara abarwayi mu mahema, ipangwa ku murongo hanze y'ibitaro.

Umm Muhammad, umutamakazi w'Umunyapalestina yabwiye umunyamakuru wa BBC ko yumva anezerewe kandi aruhutse.

"Umubabaro wagabanutse, nubwo ukihari. Nizeye ko uzorengerwa n'umunezero. Reka impfungwa zirekurwe hanyuma inkomere zivurwe. Abantu bararushe".

Ingorane ya mbere nini ni ukungene iyi ntambara ishobora guhagarara burundu. Abategetsi bakuru bakuru mu bajejwe imigenderanire y'ibihugu vy'Uburengero bafise ubwoba ko inyuma y'igice ca mbere c'imisi 42 intambara ishobora gusubira kwaduka.

Intambara ya Gaza yagize ingaruka zikomeye cane mu Buseruko bwo Hagati. Gusa, nk'uko bamwe bari bafise ubwoba, ntiyateje intambara y'akarere kose – ubutegetsi bwa Biden bukavuga ko ari bwo bwatumye bitaba – ariko yahinduye vyinshi.

Hamas iracafise ubushobozi bwo kurwana, ariko ntikiri uko yari imeze. Sentare mpuzamakungu mpanavyaha yagiriza umushikiranganji wa mbere wa Israel Benjamin Netanyahu n'uwari umushikiranganji wiwe wo kwivuna abansi ivyaha vyo mu ntambara. Iyi sentare iriko iriga urubanza rwugurujwe na Afrika y'Epfo yagiriza Israel ihonyabwoko.

Inyuma y'aho Hezbollah muri Libani yinjiriye mu ntambara, yarakubiswe bikomeye mu gitero ca Israel. Ibi biri mu vyatumye intwaro ya Bashar al-Assad muri Syria isenyuka. Irani na Israel vyararasanye amaso mu yandi – ivyagize ingaruka mbi kuri Irani. Incuti zayo n'imirwi ifashwe mu mugongo na Tehran, ikizwi nk'Umurongo wo kwivuna (Axe de resistance/Axis of Resistance), baracuvye.

Aba-Houthis muri Yemen barahagaritse hafi amato yose yahora aca mu Kiyaga Gitukura atera aja i Bulaya no muri Aziya. Amakuru avuga ko batangaje ko bahagaritse intambara. Kuva batanguye ibitero ku mato yunguruza ibidandazwa kuva intambara itanguye, bavuga ko bazobihagarika mu gihe hazoba habaye amasezerano yo guhagarika intambara muri Gaza.

Ku gihamana, ano masezerano arashobora kurama nubwo hashobora kuba ihonyangwa ryayo. Ku gihamana, arashobora gutuma ubwicanyi buhagarara, kandi Abanya-Israel banyurujwe hamwe n'impfungwa z'Abanyapalestina bagasubira mu miryango yabo.

Ariko inyuma y'amezi 15 y'ino ntambara ya Gaza, izi ndyane zimaze ikiringo kirenga inusu y'ikinjana ziracababaje imitima kandi si iziriko zirarangira.

Ano masezerano yo guhagarika intambara ntahagarika indyane. Inkurikizi z'ivyasambutse n'abishwe ni ibintu bizogira ingaruka mbi ku ruvyaro ruri imbere.