Trump yateye igikumu kw'itegeko ribuza kwinjira muri Amerika, harimwo n'Uburundi ku rugero

Perezida Donald Trump wa Reta Zunze Ubumwe za Amerika yateye igikumu kw'itegeko ribuza abanyagihugu b'ibihugu 12 kwinjira mu gihugu, ku mvo z'umutekano, nk'uko bivugwa na Maison Blanche/White House (ibiro vy'umukuru w'igihugu).
Ibi bihugu ni Afghanistan, Myanmar/Birmanie, Tchad, Repubulika ya Congo (canke Congo Brazaville), Guinée Equatoriale, Eritrea, Haiti, Irani, Libya, Somalia, Sudani na Yemen.
Iri tegeko rizotangura gushirwa mu ngiro ku wa 9 Ruheshi (6) uno mwaka, ni ukuvuga kuva ku wa mbere w'indwi iza.
Iri tegeko kandi riragabanya ku rugero ingendo z'abashaka kwinjira muri ico gihugu bavuye mu bihugu indwi, ari vyo Uburundi, Cuba, Laos, Sierra Leone, Togo, Turkmenistan, na Venezuela.
Jennifer Jacobs, umunyamakuru w'ikinyamakuru CBS gikorana na BBC muri Amerika, asigura ko ubutegetsi bwa Trump bushaka guha ivyo bihugu akaryo ko gukosora no gukomeza uburyo bwo kugenzura neza abantu barondera impusha zo kwinjira muri ico gihugu.
Jacobs yabwiye BBC kandi ko Perezida Trump yateye igikumu kuri iri tegeko inyuma y'igitero cabaye mu mpera z'indwi iheze ahitwa Boulder mu ntara ya Colorado.
Umuvugizi wa Maison Blanche, Abigail Jackson, avuga ko "Perezida Trump ariko ashira mu ngiro ivyo yemereye Abanyamerika ko azobakingira inkozi z'ikibi ziva hanze zorondera kwinjira mu gihugu zikatugirira nabi", nk'uko yabibwiye CBS.
Uyu mupfasoni abandanya ati: "Izi ngingo zisanzwe kandi zumvikana ziraba ibihugu kanaka bidafise uburyo bukwiye bwo kugenzura abasaba uburenganzira bwo kwinjira, ibivamwo abantu benshi barenza ikiringo ca viza baba bahawe, canke bidashobora gutanga amakuru ajanye n'umwidondoro n'ayerekeye umutekano.
"Perezida Trump azokwama buri gihe akora ku nyungu z'abanyagihugu ba Amerika n'umutekano wabo".
Amashirahamwe aharanira uburenganzira bwa muntu aranegura iri tegeko, harimwo Amnesty International ishami rya Amerika ivuga ko ari "ikumirwa, ivangura ruhu, n'ububisha bukomeye".
Mu butumwa yacishije ku rubuga rwa X, igira iti: "Mu kwizizira abantu rifatiye ku bihugu bamukamwo, iri tegeko nta kindi rizana atari ugukwiragiza amakuru atari yo n'urwanko".
Ishirahamwe Human Rights First, na ryo nyene rikorera muri Amerika, ririyamiriza iyi ngingo, rikavuga ko ari "irindi tegeko ryo kurwanya abimukira nk'igihano, ryafashwe na Perezida Trump ku banyamahanga".
Mw'itangazo ryiwe, Robyn Barnard arongoye igisata kivugira impunzi muri iryo shirahamwe, agira ati: "Iri tegeko rizogira ingaruka mbi ku mpunzi, ku basaba ubuhungiro no ku bandi banyagihugu bari mu ngorane, harimwo n'abandi benshi bamaze igihe barindiriye gusubirana n'ababo mu gihugu cacu.
"Amategeko azibira abantu kwinjira nta co afasha kugira ngo igihugu cacu kibe mw'ituze, ahubwo ahungabanya umutekano w'igihugu cacu, kandi akabangamira abataco bagirizwa bakeneye cane gukingirwa".
Muri videwo yiwe itangaza iri tegeko rishasha rizibira abashaka kwinjira mu gihugu, Trump avuga ko habaye "ibitero vy'iterabwoba kimwe inyuma y'ikindi" vyakozwe n'"abanyamahanga bafise visa bavuye mu turere duteza ibibazo".
Yagiriza Biden ko ari we yugururiye imiryango abo yita "amamiriyoni y'abantu batemewe n'amategeko" muri Amerika.
Avuga ko Amerika idashobora kwemera "abimukira bava mu gihugu ico ari co cose aho tutashobora gusuzuma mu buryo bwizewe abasaba kwinjira".
Trump avuga ko urutonde rw'ibi bihugu vyafatiwe izi ngingo rushobora gusubirwamwo mu gihe vyofata ingingo zo kwitunganya no gukosora ibitagenda neza.













