Trump ashaka kwima ubwenegihugu abavukira muri Amerika, ahandi bimeze gute?

Umuntu wese avukiye ku butaka bwa Amerika, afise uburenganzira bwo guhabwa ubwenegihugu bwayo, ariko ibi siko bimeze mu bihugu vyose kw'isi

Ahavuye isanamu, Getty Images

Insiguro y'isanamu, Umuntu wese avukiye ku butaka bwa Amerika, afise uburenganzira bwo guhabwa ubwenegihugu bwayo, ariko ibi siko bimeze mu bihugu vyose kw'isi
    • Umwanditsi, Luis Barrucho
    • Igikorwa, BBC World Service

Hari urugamba rudasanzwe rwo kurwanya itegeko bwirizwa rya Perezida Donald Trump ryo guhagarika uburenganzira bwo guhabwa ubwenegihugu iyo umwana avukiye ku butaka bwa Reta Zunze Ubumwe za Amerika, ingingo yateje umwikomo ku miryango itari mike y'abimukira.

Mu kiringo c'imyaka hafi 160, impinduka ya 14 y'ibwirizwashingiro rya Amerika yashizeho ibwirizwa rivuga ko umuntu wese avukiye ku butaka bwayo aca aba umwenegihugu wa Amerika.

Ariko mu rugamba rwiwe rwo kugabanya ibitigiri vy'abimukira, Trump ariko arondera kwaka ubu burenganzira abana b'abimukira, baba ababaye mu gihugu mu buryo butemewe n'amategeko canke abafise amaviza (visas) y'igihe gito.

Iyi ngingo isa n'iyishigikiwe cane mu gihugu. Ivyiyumviro vyegeranijwe n'ikigo Emerson College vyerekana ko Abanyamerika bashigikiye Trump kuri iyi ngingo ari benshi cane gusumba abamurwanya.

None bimeze gute ugereranije n'ayandi mategeko agenga ubwenegihugu kw'isi?

Ingene bimeze mu bihugu kw'isi

Uburenganzira bwo guhabwa ubwenegihugu ku muntu avukiye ku butaka bw'igihugu, ikizwi nka jus soli, si uburenganzira butangwa n'ibihugu vyose kw'isi.

Amerika ni kimwe mu bihugu bishika 30 - vyinshi muri vyo bikaba ari ivyo ku mugabane wa Amerika – bitanga uburenganzira bwo kwitwa umwenegihugu ku muntu uwo ari we wese avukiye ku butaka bwavyo.

Ibi bitandukanye no mu bindi bihugu bitari bike vyo muri Aziya, Ubulaya n'ibindi bitari bike vya Afrika, aho abana bagumana ubwenegihugu bw'abavyeyi babo nubwo boba bavukiye ku butaka bwavyo, ikizwi nka jus sanguinis.

Ibindi bihugu biragendera kuri aya mabwirizwa yompi, bigatanga kandi ubwenegihugu ku bana bavyawe n'abavyeyi basanzwe baba ku butaka bwabo mu gihe kidahera (résidents permanents/ permanent residents).

Ubwenegihugu kw'isi
Skip podcast promotion and continue reading
WhatsApp channel ya BBC Gahuza

Amakuru ya BBC Gahuza ako kanya kuri WhatsApp yawe

Kanda hano ujyeho

End of podcast promotion

John Skrentny, umwigisha w'ivyigwa bijanye n'imibano kuri kaminuza ya California, San Diego, abona ko nubwo ari ibintu bimenyerewe cane mu bihugu vyo ku mugabane wa Amerika ko umuntu wese avukiye ku butaka bwavyo aca aronswa uburenganzira bwo kuba umwenegihugu wavyo, "buri gihugu gifise inzira yaco yihariye gikurikiza".

Ati: "Nk'akarorero, bimwe vyarashizemwo abacakara n'abahoze ari abacakara, ibindi ntivyabashizemwo. Ivya kahise biragoye". Muri Amerika, impinduka ya 14 yashitsweko mu ntumbero yo gutorera umuti ikibazo c'abacakara bari bahawe ubwigenge.

Hagati aho, Skrentny avuga ko ikintu hafi bose bahurirako kwari "ukwubaka igihugu cahoze gitwarwa gikoloni".

Asigura ati: "Vyari ngombwa ko bagira integuro nyayo mu kuraba abo bashiramwo n'abo bakuramwo, n'ukungene igihugu gishobora kurongorwa. Ku bihugu vyinshi, uburenganzira bwo kuba umwenegihugu ku muntu avukiye ku butaka bwavyo, bwatumye bishika ku ntego yavyo yo kwubaka igihugu.

"Kuri bimwe, iyi ngingo yateye intege abimukira b'Abanyabulaya; ku bindi na vyo yatumye abasangwabutaka n'abahoze ari abacakara, n'abana babo, bashobora kuba abenegihugu buzuye, aho kwitwa abatagira igihugu. Yari ingingo idasanzwe yatumye bashika ku ntego mu gihe kanaka, iki naco kigashobora kuba cararangiye".

Impinduka mu mategeko zikuraho ubu burenganzira

Mu myaka mike iheze, ibihugu bitari bike vyaratunganije gushasha amategeko ajanye n'ubwenegihugu, birakomantaza inzira zo kuronswa uburenganzira bwo kuba umwenegihugu canke birabukuraho, kubera ikibazo c'abimukira, umwidondoro ndangagihugu, hamwe n'ikizwi nka "tourisme de naissance/ birth tourism" (twogereranya n'ubukerarugendo bwo kuvyara), iki kikaba gisigura aho abantu baja mu gihugu kanaka nk'ingenzi ariko bafise intego yo kukivyariramwo.

Nk'akarorero, Ubuhindi bwarigeze kuba buha ubwenegihugu umuntu uwo ari we wese avukiye ku butaka bwabwo ata kirinze gusabwa. Ariko, haciye igihe, kubera impungenge zivuye ku bimukira badafise ivya ngombwa, cane cane bava muri Bangladesh, vyatumye bakuraho ubu burenganzira.

Kuva muri Kigarama (12) 2004, umwana avukiye mu Buhindi yitwa umwenegihugu iyo gusa abavyeyi biwe bompi ari Abahindi, canke iyo umwe muri bo ari Umuhindi uwundi nawe akaba adafatwa nk'umwimukira abaye mu gihugu mu buryo butemewe n'amategeko.

Ibihugu vyinshi vya Afrika muri kahise vyahoze bitanga ubwenegihugu ku muntu wese avukiye ku butaka bwavyo mu mategeko yo mu gihe c'ubukoloni, ariko vyahavuye bikuraho iri tegeko bimaze kwikukira. Uno musi, vyinshi bisaba ko nibura umuvyeyi umwe aba ari umwenegihugu canke afise uburenganzira bwo kuba mu gihugu mu gihe kidahera.

Mu bihugu hafi vyose vya Aziya, amategeko arazibira cane ivyo kuronswa ubwenegihugu, aho ahanini butangwa hakurikijwe amamuko, nk'uko bigaragara mu bihugu nk'Ubushinwa, Maleziya na Singapour.

I Bulaya naho nyene harabaye impinduka zikomeye. Irlande cari co gihugu cari gisigaye catanga uburenganzira bwo kuba umwenegihugu ku muntu uwo ari we wese avukiye ku butaka bwayo ata nzitizi n'imwe.

Mu matora yo muri ruheshi (6) 2004, carakuyeko iri tegeko inyuma y'aho 79% bemeje impinduka z'ibwirizwashingiro zisaba ko n'imiburiburi umuvyeyi umwe aba umwenegihugu, uwusanzwe aba mu gihugu mu kiringo kidahera, canke akaba abaye mu gihugu mu gihe gito mu buryo bwemewe n'amategeko.

Reta ivuga ko iyi mpinduka yari ikenewe kubera abagore b'abanyamahanga baja muri Irlande kugira bavyarireyo kugira ngo abana babo baronswe indangamuntu y'Ubumwe bwa Bulaya.

Urugamba rwo kurwanya iri tegeko mu masentare

Imanza zaramaze gushingwa mu masentare mu kurwanya iri tegeko bwirizwa rya Trump

Ahavuye isanamu, Reuters

Insiguro y'isanamu, Imanza zaramaze gushingwa mu masentare mu kurwanya iri tegeko bwirizwa rya Trump

Mu masaha makeyi inyuma y'iri tegeko rya Perezida Trump, imanza zitandukanye zaciye zishingwa n'intara n'ibisagara birongowe n'abademokarate, amashirahamwe aharanira uburenganzira bwa muntu, hamwe n'abantu ku giti cabo.

Abacamanza babiri bo ku rwego rw'igihugu barafashe mu mugongo abitwaye, ubu bwa vuba umucamanza w'akarere Deborah Boardman muri Maryland akaba aherutse kubashigikira, hari ku wa gatatu.

Yarashigikiye abagore batanu bibungenze bitwaye bavuga ko kwima abana babo ubwenegihugu ari uguhonyanga ibwirizwashingiro rya Amerika.

Benshi mu bahinga mu vy'amategeko baremera ko Perezida Trump adashobora guhagarika uburenganzira bwo kuba umwenegihugu akoresheje itegeko bwirizwa.

Impera n'imperuka, amasentare ni yo azofata ingingo ntabanduka, nk'uko bivugwa na Saikrishna Prakash, umuhinga mu bijanye n'ibwirizwashingiro akaba n'umwigisha kuri kaminuza yo muri Virginia, University of Virginia Law School. "Iki si ikintu ashobora gufatako ingingo wenyene".

Iyi ngingo ubu iracabangiriweko mu gihe urubanza ruriko rurazunguruka mu masentare.

Ntibiboneka neza ingene Sentare Nkuru y'igihugu, aho abacamanza bagendera ku mico ya kera ari bo biganje, izofata impinduka ya 14 ari nka hamwe urubanza rwoshikayo.

Ubushikiranganji bwa Trump bujejwe ubutungane buvuga ko iri tegeko ryerekeye gusa ababa muri Amerika mu gihe kidahera. Nk'akarorero, abakora mu biro vy'ubuserukizi bw'ibihugu ntiriberekeye.

Ariko abandi bishura bavuga ko ayandi mategeko ya Amerika akora no ku bimukira badafise ivya ngombwa, ko rero n'impinduka ya 14 itegerezwa kubaraba.