ONU yasavye guhagurukira abajabukana abimukira nyuma y'impfu muri Gjibouti

Ikarata yerekana aho Djibuti iherereye
Insiguro y'isanamu, Abimukira bashika ku 20 basomye nturi

Ikigo c'ishirahamwe mpuzamakungu ONU kijejwe abimukira casavye ko hagira igikorwa hagahanwa abajabukana n'abacuruza abantu nyuma y'ukurohama guheruka kubera hafi ya Djibouti

Abarusimvye babaze inkuru y'ukuntu abari babajabukanye bakorera mu karere k'Ihembe rya Afrika, babafashe nabi cane.

Abimukira bashika 200 barimwo n'abana bari barundaniye mu bwato muri Djibouti kuwa gatatu mu gitondo.

Haciye inusu y'isaha gusa bafashe urugendo, abo bajabukana abimukira baciye bata mw'ibahari 80 muri bo.

Abashika kuri mirongo ibiri bahasize ubuzima.

Buri mwaka, ibihumbi vyinshi vy'abimukira bagerageza gushika muri Yemen naho ico gihugu kirimwo intambara.

Baba bashaka gushika muri Arabie Saudite hamwe n'ibihugu bibanye vyayo vyo mu kigobe c'Abarabu, barondera akazi.

Mu mwaka uheze harabaye ukugabanuka kwa cane kw'igitigiri c'abantu bafata ingendo bava muri Ethiopia na Somalia baja muri Yemen.

Ariko ikigo mpuzamakungu kijejwe abimukira, IOM, gitinya yuko igihe ingingo zo gukumira coronavirus zizokurirwako hazopfa abandi bantu benshi kubera inda ndende n'ubugizi bwa nabi bw'imigwi y'amabandi ibajabukana.