US: Biden yateye igikumu ku mategeko asubiza hamwe imiryango y'abimukira

Ahavuye isanamu, Reuters
Umukuru wa Reta Zunze Ubumwe za Amerika Joe Biden yateye igikumu ku mategeko atatu mu ntumbero yo gusubiza hamwe imiryango y'abimukira yari yatanye ku butegetsi bwa Trump.
Yategetse kandi gusubiramwo integuro ijanye n'abimukira yasizwe n'uwo yasubiriye.
Mu kugerageza kurwanya abimukira mu buryo buteye kubiri n'amategeko, ubutegetsi bwa Perezida Donald Trump bwari bwatandukanije abakuze batagira ivya ngomwa n'abana babo binjiye baciye ku rubibe rwa Amerika na Mexique.
Aya mategeko yateweko igikumu na Perezida Biden agiye gushiraho umurwi uzosubiza mu miryango yabo abana baharurwa hagati ya 600 na 700 batandukanijwe n'abavyeyi babo.
Ubutegetsi bwa Trump bwaratandukanije abana n'imiburiburi 5.500 n'abakuze kuri urwo rubibe hagati ya 2017-2018.
Abaharanira uburenganzira bwa muntu bavuga ko ubutegetsi bwa Perezida Barack Obama - Perezida Biden akaba yari icegera ciwe - na bwo bwatandukanije abana batari bafise ivya ngombwa n'abavyeyi kuri urwo rubibe, n'ubwo vyabaye gake cane.
Rimwe muri aya mategeko ya Biden rizoshinga umurwi uhuriyemwo ibisata bitandukanye - ukazoba urongowe n'umunyamabanga mushasha w'umutekano w'igihugu Alejandro Mayorkas - kugira ngo ahagarikire ibikorwa vy'ugusubiza hamwe imiryango.
Itegeko rya kabiri n'irya gatatu yateweko igikumu ma Biden ejo ku wa kabiri ategeka ko hasubirwamo politike y'abinjira n'abasohoka ya Trump yagabanije uburenganzira bwo kuronswa ubuhungiro, igabanya umuvuduko w'abinjira muri Amerika, kandi ihagarika intererano yahabwa ibihugu vy'amahanga.
Mw'ijambo yashikirije mu biro vy'umukuru w'igihugu, Biden yavuze ati: "Tugiye gukora kugira ngo dukureho iceyi twatewe n'ubutegetsi buheruka, tuvugishije ukuri, bwatandukanije abana bubavana mu minwe y'imiryango yabo, ba nyina na ba se babo, ku rubibe ata nteguro n'imwe yo kuzosubiza hamwe abana bakiri mu basho n'abavyeyi babo".
Biden asaba kandi ko hashirwaho itegeko riha uburenganzira bwo kuba mu gihugu, rikaba n'inzira yo gushobora kuronsa ubwenegihugu abimukira badafise ivya ngombwa bashika imiriyoni 11 muri Amerika.
Ariko, abihweza ibintu n'ibindi bavuga ko uyu mukuru w'igihugu mushasha yirinze guhindura poritike igumye ya Trump yafashwe mu ntumbero yo kugabanya ibitigiri vy'abinjira mu gihugu mu buryo butemewe n'amategeko ku rubibe rwo mu bumanuko.
Ejo kuwa kabiri, mu nama mu biro vy'umukuru w'igihugu, umunyamabanga ajejwe kumenyesha amakuru Jen Psaki yavuze ko ubutegetsi bwiyemeje gushiraho integuro ishira imbere iteka ry'umuntu ijanye n'ubwimukira.
Yavuze ariko ko mu gihe iyo nteguro itarajaho, si igihe "co kwinjira muri Amerika".
Gutandukanye imiryango vyaje gute?
Muri politike yo "kutihanganirana na gato" abimukira yemejwe mu kwa kane 2018, abimukira bakuze badafise ivya ngombwa binjiriye ku rubibe rwa Amerika na Mexique bafashwe nk'inkozi z'ikibi bacirwa urubanza barapfungwa.
Imbere y'aha, ibi vyaha ntivyafatwa nk'ubukozi bw'ikibi.
Kubera abana bari kumwe n'abo bapfunzwe batashobora gucirwa urubanza ngo bagirwe n'icaha, ntibemerewe gupfunganwa n'abavyeyi babo, maze bituma bashirwa mu bibanza vyo kubakurikiraniramwo.
Amasanamu n'amareresi y'abana bari baryamye ku birago muri ivyo bigo vyari vyarengewe yarateye uburakari mu gihugu, bica bituma Trump ahagarika iyi poritike mu kwa gatandatu uwo mwaka.
Mu ndwi iheze, igisata ca Biden kijejwe ubutungane carakuyeho iryo tegeko ku mugaragaro.
Hagati aho, ivyo bigo bizibije iminyororo bisanzwe bipfungiwemwo abo bana vyari vyubatswe n'ubutegetsi bwa Obama.
Abana baharurwa mu 60.000 bahagaritswe ku rubibe rwo mu bumanuko batari kumwe n'abavyeyi babo barapfungiwe muri ibi bigo mu ci ryo mu 2014.
N'aho ibitigiri bidatomotse neza, abategetsi b'igihe ca Obama bavuga ko ivyo gutandukanya imiryango vyari ibintu bitari bikunze kuba mu gihe c'ubutegetsi bwiwe, nk'akarorero, ni mu gihe wasanga hari abiketswe ko bariko bakora magendo.
Uwari umuhanuzi mukuru wa Obama ajejwe abinjira n'abasohoka, Cecilia Munoz - akaba mu 2011 yashigikiye cane iyi poritike yo gutandukanya imiryango y'abimukira - yari mu murwi wa Biden wari ujejwe ibikorwa vy'uguhanahana ubutegetsi.










