South Africa: Kwivuza uri umunyamahanga ntivyoroshe

Joe Phaahla

Ahavuye isanamu, Getty Images

Insiguro y'isanamu, Joe Phaahla avuga ko umunyagihugu uwari we wese atari we ajejwe kwubahiriza amategeko agenga abanyamahanga

Umushikiranganji wa Afrika y’Epfo ajejwe amagara y’abantu yagabishije abanyagihugu ko atari bo bajejwe kwubahiriza amategeko agenga abanyamahanga.

Joe Phaahla yabivuze igihe yagendera ibitaro vyo ku murwa mukuru, Pretoria, aho abantu bo mu mugwi wiyita Operation Dudula bagize imyiyerekano bagerageza kubuza abanyamahanga kwivuza.

Uwo mugwi Operation Dudula wagirizwa kwanka abanyamahanga, ariko abanywanyi bawo bavuga ko abanyamahanga batuma amavuriro n’ibitaro vy’igihugu cabo birengerwa.

Phaahla yabwiye abamenyeshamakuru ko abantu bava mu bihugu bibanyi – eka mbere no mu vya kure nk’Ubuhindi – baza kwivuza muri Afrika y’Epfo.

Yavuze ko ivyo bibandanije gutyo, Afrika y’Epfo izoshika aho irengerwa.

Ariko yashimangiye ko ibwirizwa nshingiro ritomoye ku burenganzira bwo kwivuza ku muntu wese aba muri Afrika y’Epfo.

Abagiye mu myiyerekano babandanije gusaba ko abantu babanza kwerekana ubwenegihugu bwabo imbere y’uko binjira ibitaro n’ubwo hari ingingo ya sentare ibihagarika.

Bivugwa ko abantu b’urukoba (uruhu) rwirabura aribo batotwa hanyuma bagahatirwa kwerekana ko bazi kuvuga rumwe mu ndimi zisanzwe zivugwa aho muri Afrika y’Epfo.

Ku wa kane hadutse intureka hagati y‘abanywanyi ba Operation Dudula n’abadashigikiye iyo myiyerekano hanze y’ivyo bitaro.

Igiporisi carashe amasasu ya caoutchouc kugira gishwiragize iyo migwi ibiri.

Reta ya Afrika y’Epfo ntisanzwe iharura abanyamahanga baja kwivuza mu mavuriro y’igihugu.

Ariko hari impungenge ku ngaruka abanyamahanga b’abimukira batagira ibibaranga bashobora kugira ku nzego z’ubuvuzi muri ico gihugu.

Muri Afrika y'Epfo si ubwa mbere havuzwe ikibazo co kwanka abanyamahanga.

Imyiyerakano i Alexandra, South Africa mu kwezi kwa kane 2022

Ahavuye isanamu, AFP

Insiguro y'isanamu, Abanywanyi ba Alexandra Dudula Movement mu myiyerekano n'ivyapa bibwira abanyamahanga "tahe iwanyu"

Mu kwezi kwa gatatu uyu mwaka, abanywanyi ba Alexandra Dudula Movement bagize imyirekano bavuga ko abanyamahanga bigaruriye amazu ya reta.

Muri iyo myiyerekano bari bafise ivyapa bimwe bivuga ngo "tahe iwanyu" .