South Africa: ingene abanyagihugu bashavuriye abanyamahanga

Mu ntango z'iyi ndwi, abanyagihugu baba mu karere ka Alexandra bakoze imyiyerekano basaba ko abanyamahanga babavira mu karere

Ahavuye isanamu, AFP

Insiguro y'isanamu, Mu ntango z'iyi ndwi, abanyagihugu baba mu karere ka Alexandra bakoze imyiyerekano basaba ko abanyamahanga babavira mu karere
    • Umwanditsi, Na Pumza Fihlani
    • Igikorwa, BBC News, Johannesburg

Igipolisi ca Afrika y'Epfo kirameze magabo mu gihe horamuka hasubiye kwaduka imishamirano mu karere ka Alexandra no ku bandariza ku mabarabara mu gisagara ca Johannesburg.

Alexandra ni kamwe mu turere dukenye cane mu gihugu ariko ababa mu tuzu twako bashobora kubona amazu maremare cane ya Sandton, kamwe mu turere tw'ubucuruzi dutunze cane ku mugabane wose, ku birometero bikeya gusa. Ibi rero bituma abanyagihugu bava mu turere dutandukanye twa Afrika y'Epfo no mu bihugu bibanyi bisukira ku bwinshi muri aka karere kurondererayo ubuzima.

Hari imihari ibiri itabonwa kumwe ifise intumbero yo kurwanya abanyamahanga badafise vya ngombwa iherutse kuvuka - uwa mbere witwa Alexandra Dudula Movement uwa kabiri nawo Operation Dudula - kandi ikaba igenda ishigikirwa cane n'abanya Afrika y'Epfo babona ko bakumiriwe.

Hari ubwoba ko ibikorwa vyayo bishobora gutuma haduka izindi ndyane zo kurwanya abanyamahanga muri ico gihugu.

Iyi mihari ishaka iki?

Ubukene nibwo ntandaro y'icuka kibi kubera abanya Afrika y'Epfo bazi ko - biba vyo canke atari vyo - abanyamahanga ari bo batumye baba mu ngorane.

Dudula ni ijambo ryo mu rurimi rw'ikizulu risigura "gusubiza inyuma" - ibi birerekana ico bashaka neza na neza.

N'aho iyi mirwi itandukanye, yose iharanira ikintu kimwe - yose yibaza ko ishobora gusubiza abanyamahanga b'abanyafrika badafise ibibaranga iwabo.

Yibaza ko mu gukora ibi ishobora gutuma ubuzi n'ibikorwa vy'ubudandaji bishobora kuja mu minwe y'abanya Afrika y'Epfo.

Iyi mihari itandukaniye he?

Umuhari Alexandra Dudula Movement washinzwe mu mwaka uheze. Abanywanyi bawo bavuga ko abanyamahanga babaye mu mazu ya reta mu buryo budaciye mu mategeko mu karere ka Alexandra, gafatwa ko ari aka ba nyarucari.

Abanywanyi ba Alexandra Dudula Movement bavuga ko abanyamahanga bigaruriye amazu ya reta, muri iyi myiyerekano bari bafise ivyapa bivuga ngo "tahe iwanyu"

Ahavuye isanamu, AFP

Insiguro y'isanamu, Abanywanyi ba Alexandra Dudula Movement bavuga ko abanyamahanga bigaruriye amazu ya reta, muri iyi myiyerekano bari bafise ivyapa bivuga ngo "tahe iwanyu"

Ariko iri sekeza ryarageze kure gushika aho babuza abimukira b'abanyafrika badafise ibibaranga gukora urudandazwa muri Alexandra. Mu kwezi guheze, uyu muhari warugaye utuzu tw'idandarizo twose twegukira abanyamahanga batashoboye kwerekana impapuro z'ukuri zibaha uburenganzira bwo kudandaza kandi bakaba bafise igitabo c'inzira kitarata igihe.

Baciye bafata utu tuzu baduha abanya Afrika y'Epfo, nka Wendy Sithole aba aho nyene i Alexandra, yaciye atangura kudandaza imboga aho abanyamahanga baburijwe kuhadandariza.

Uyu mugore yabwiye BBC ati: "Twebwe nk'abanya Afrika y'Epfo turashomye kandi turashonje. Ico dushaka kandi ni uko turonka ubuzi. None bashaka tubeho gute mu gihugu cacu?"

Ivyo uyu murwi ukora vyose ntibiciye mu mategeko, abategetsi bakaba bariko barakora amatohoza ajanye n'utugeza imvururu n'ugutera ubwoba.

Umuhari Operation Dudula ufise icicaro mu karere ka Soweto muri Johannesburg - ku birometero birenga 25 ku rundi ruhande rw'igisagara.

Inyuma yo gushingwa na Nhlanhla Lux Dlamini w'imyaka 33, uyu muhari wagiye kumenyekana cane mu ka gatandatu kw'umwaka uheze igihe abanyagihugu baba i Soweto bagira imyiyerekano muri aka karere basaba ico bita ibikorwa vyo "gukura umwanda".

Barwanya abikekwa kudandaza ibiyayuramutwe hamwe n'abantu baba mu nyubakwa za reta bidaciye mu mategeko.

Ariko nk'uko vyagenze i Alexandra, uyu muhari nawo nyene warageze kure mu vyo uharanira.

Mu kwezi guheze, abanywanyi ba Operation Dudula baragize imyiyerekano i Soweto, aho bagenda baririmba indirimbo ziyamiriza abanyamahanga

Ahavuye isanamu, AFP

Insiguro y'isanamu, Mu kwezi guheze, abanywanyi ba Operation Dudula baragize imyiyerekano i Soweto, aho bagenda baririmba indirimbo ziyamiriza abanyamahanga

Abanywanyi bawo ubu bashaka ko abanyamahanga bafise amaduka muri Afrika y'Epfo kandi bakaba ari benshi bugara kandi bakava mu gihugu.

Bashaka kandi ko abadandaza bato bato, nk'abacuruza mu mazu y'uburiro n'amaduka, bakoresha abanya Afrika y'Epfo gusa. Ibi bitumwa n'uko bene gukora uru rudandazwa binuba abanya Afrika y'Epfo, bagashima gukoresha abanyamahanga badafise ivya ngombwa kubera bashobora kubaha agahembo kari musi y'ako bategerezwa kubahemba.

Abategetsi bavuga ko atari ikibazo gikwiye mu gihugu cose, ko ahubwo ari ikibazo gishobora kuba cibonekeza mu turere tumwe tumwe.

Iyi mihari yose irahakana ivyo yagirizwa ko yanka abanyamahanga, ko ahubwo ishaka gusa gukingira imibereho y'abanya Afrika y'Epfo, ibakavuga ko reta y'umugambwe African National Congress (ANC) iriko irananirwa kubikora.

Yompi ivuga ko ata mugambwe n'umwe yegamiye.

None abantu bavyifashemwo gute?

Abanyamahanga bobo bavuga ko bahamwa bahorwa ibibazo vyinshi.

Sam Manane, umunya Mozambike amaze imyaka cumi acuruza imfungurwa muri Alexandra yabwiye BBC ati: "Nta kazi k'umuntu n'umwe twiba, vyose turavyironderera, nta munya Afrika y'Epfo tubuza gukora nk'ivyo dukora".

"Baraduhohotera gusa".

Bamwe mu bafise amaduka biba ngombwa ko bayugara iyo hadutse imigumuko

Ahavuye isanamu, AFP

Insiguro y'isanamu, Bamwe mu banyamahanga bafise amaduka biba ngombwa ko bayugara iyo hadutse imigumuko

Reta y'ico gihugu ntaco iragira ariko umukuru w'intara ya Gauteng, ari nayo igisagara ca Johannesburg kirimwo, David Makhura wo mu mugambwe ANC, avuga ko ahagaritswe umutima n'iyi migumuko yo kurwanya abanyamahanga i Alexandra. Asaba amashirahamwe adaharanira ivyicaro vya poritike gukorana na reta mu gutsimbataza amahoro no gukomeza ukwihanganiranira.

Ariko imigambwe imwe imwe itavuga rumwe n'uwuri ku butegetsi iriko igerageza gukamisha iki kibazo.

Uumugambwe utavyorosha na gato ni uwuherutse gushingwa witwa Patriotic Alliance (PA) urongowe n'uwahoze ari impfungwa, Gayton McKenzie. Uyu mugambwe PA usanzwe ufise abahanuzi mu nama mpanuzwajambo y'akarere ariko ukaba utaritoza ku rwego rw'igihugu, ushaka ko abimukira bose badafise ivya ngombwa bava mu gihugu.

Mu ntango z'uno mwaka, abanywanyi b'umugambwe Economic Freedom Fighters utavuga rumwe n'uruwi ku butegetsi waragendeye giturumbuka amazu y'uburiro muri Johannesburg kugira urabe abanyamahanga bayakoramwo wongere utere igitsure abadandaji guha akazi abanya-Afrika y'Epfo benshi.

Ku kijanye n'indangamuntu, reta ivuga ko iriko irakora uko ishoboye kugira ngo abantu bagire ivya ngombwa vy'ukuri - ariko ibi bizofata igihe kitari gito.

Ni ibiki biriko biraba ubu?

Si bwo bwa mbere haduka urwanko ku banyamahanga muri Afrika y'Epfo.

Mu 2008, harabaye ibitero bitari bike mu gihugu cose ku mpunzi no ku bimukira - aho abarenga 60 bavugwa ko bishwe, ibihumbi n'ibihumbi nabo barata baromoka.

Mu 2015 harabaye ibi bitero ku banyamahanga, cane cane mu bisagara vya Durban na Johannesburg, ivyatumye reta igomora ingabo kugira ngo zibuze ntihaduke iyindi migumuko.

Haraciye imyaka itatu kandi habaye ibindi bitero ku banyamahanga vyatumye abanya Nigeria amajana n'amajana bava mu gihugu.

Ntibiramenyekana igitumye iki kibazo gisubira kuvyuka ariko ibibazo indiri n'indiri vy'ubutunzi muri Afrika y'Epfo vyarunyuwe n'ingingo zo kuzibira ikiza ca Covid-19 zatumye abantu badaharurwa batakaza ubuzi maze ubuzima nabwo buca burushirizaho kuzimba.