Ubwoba n'urwanko muri South Africa aho abanyamahanga babayeho mu vyago

Ahavuye isanamu, BBC/Shiraaz Mohamed
Abanyafrika benshi bahunga ubugizi bwa nabi n'ubukene bakaja muri Afrika y'Epfo barondera ubuzima. Ariko akenshi na kenshi bisanga mu vyago, aho bagirizwa kwiba ubuzi bw'abanya-Afrika y'Epfo.
Umufotozi Shiraaz Mohamed yarahuye na bamwe mu basanzwe baba mu karere ka Alexandra i Johannesburg hamwe na Hillbrow, akarere kari hagati mu gisagara, aganira nabo ku kungene bahanganye n'urwanko ku banyamahanga hamwe n'ubugizi bwa nabi, ubuzima basanzwe babayemwo imisi yose.

Ahavuye isanamu, BBC/Shiraaz Mohamed
Uyu munya-Ethiopia Getachew Desta (aho hejuru) asanzwe afise iduka yahunze Ethiopia mu 2010 yiketswe ko ashigikiye abatavuga rumwe n'ubutegetsi ubu akaba aba mu nzu y'uruzitiro rw'ivyuma rwo kumurinda abasuma muri Alexandra.
Avuga ko abayeho neza ng'aho, ariko akidogera ubukozi bw'ikibi.
"Numva merewe neza kubona niyugaranye muri kino kigo n'aho tutazi igihe abagizi ba nabi bashobora kuduterera. Umwanya n'umwanya ufise kubona bashitse, bakakurabishako inkoho bagaca bakunyama amafaranga yose. Barashobora no kukwica".

Ahavuye isanamu, BBC/Shiraaz Mohamed
Mu 2016, yarahuye n'intureka yahiga abanyamahanga, igihe igico c'abagizi ba nabi batera bagasahura iduka yiwe yose bakamusiga mu kangaratete.
Yahuye kandi n'ivyago nk'ivyo mu kw'indwi uno mwaka, igihe haduka akaguma gaturutse kw'ipfungwa rya Jacob Zuma yahoze ari umukuru w'ico gihugu yagirijwe gukengera sentare. Aka kaguma kabaye mu ntara zibiri kakaba kahitanye abantu n'imiburiburi 340, ivyononekaye navyo bikaba biharurwa mu mafaranga y'ama rand arenga imiriyaridi 50 (angaha hafi n'amadorari y'abanyamerika imiriyaridi 3,2).
"Vyabaye mw'ijoro. Siho nari ndi. Naratabaje igipolisi ariko ntaco bakoze. Nta na kimwe bansigiye, vyabaye ngombwa ko ngurana umuryango kugira ngo nshobore gutangura gushasha, ariko iyi ngurane ntiyari ikwiye, bituma mfata ibidandazwa kw'ideni".

Ahavuye isanamu, BBC/Shiraaz Mohamed
Amaze kandi kunyuruzwa incuro zibiri - mu 2016 na 2019 - aho hose kugira arekurwe akaba yatanze amafaranga arenga amadorari y'abanyamerika 3000.
Hagati aho, uyu mucuruza aracipfuza kubandanya yibera muri Afrika y'Epfo hagusubira muri Ethiopia, ariko nta cizere agifitiye igipolisi kubera kidahasha ubugizi bwa nabi.
"Igipolisi nta na kimwe gifasha abanyamahanga hano. Bisa n'uko kitatunezwe".

Ahavuye isanamu, BBC/Shiraaz Mohamed
Mugenziwe Mulugeta Negash (aho hejuru) na we nyene afise iduka, akaba amaze imyaka 13 i Alexandra, avuga ko ivyago vyabaye ndanse ku buryo yiyumvira gutahuka.
Uyu mugabo w'imyaka 34 ati: "Nta bituranga dushobora kuronswa. Kuri ivyo, ntidushobora kwuguruza amakonte mu mabanki, bikaba ngombwa ko tugenda twikoreye amafaranga iyo tugiye kurangura. Abasuma basanzwe bazi ko ari uku dukora, ibi navyo bikadushira mu ngorane".
Nawe nyene yarahuye n'ivyago muri vya bitero vyakorwa ku banyamahanga, aho akubitiwe n'ikirwi c'abagumutsi bakamunyaga utwo yari afise twose ata n'igihe kinini yari bwahamare.
Ati: "Imisi yose mbayeho mu bwoba".

Ahavuye isanamu, BBC/Shiraaz Mohamed
Uwundi mugabo w'imyaka 43 ava muri Repubulika y'Intwaro Rusangi ya Congo (aho hejuru) aba i Hillbrow avuga ko yumva ari igihamana kubona akiri muzima. "Umugenzi wanje pfa mpfe yaratewe igihe kimwe mu gitondo [muri ya migumuko yo kurwanya abanyamahanga mu 2008].
"Yaratewe amabuye gushika aho apfa nk'imbwa.
"Iyumvire umuntu yahunze igihugu ciwe akaza ng'aha arondera kurokora ubuzima ariko mu nyuma bikarangira yishwe".
Uyu mugabo atashatse ko izina ryiwe rimenyekana kubwo umutekano wiwe arasigura ingene yashikanywe muri Afrika y'Epfo mu kinyegero ari mw'ikamyo, igihe abamisiyonari b'abakatolika bamufashije gutoroka ibohero yinjijwemwo kubera ukunegura umukuru w'igihugu w'ico gihe.
Ntivyamworoheye gushika aronka akazi kuko ata congereza yari azi, ariko amaze kuronswa uburenganzira bwo kuba impunzi mu 2008 akaba ari ho yashoboye kwigishwa ivy'umucungazamu - ubu akaba yubakanye na mugenziwe w'umukongomanikazi.
N'aho abayeho mu bwoba, avuga ko yishimiye kubona ashoboye gutunga umuryango - ikimubabaje gusa kikaba ari uko adashobora kuvugana n'abavyeyi biwe kandi akaba atazi ko bakiriho.

Ahavuye isanamu, BBC/Shiraaz Mohamed
Umunya Mozambike nawe Nelfalda Dule (aho hejuru) na we nyene avuga ko ashima ko ashoboye kwibeshaho akanabeshaho umuryango wiwe muri Afrika y'Epfo. Uyu mupfasoni afise salon de coiffure kw'ibarabara risanzwe ribako abantu benshi i Alexandra.
Ariko ibi bimushira mu kaga muri aka karere aho ubusuma ari ubuzima bwa misi yose. Asanzwe abana n'abandi banya Mozambike benshi, aho usanga bama bari hamwe kugira ngo bakingiranire.

Ahavuye isanamu, BBC/Shiraaz Mohamed
Umupfasoni Dule avuga ko kuri we ikintu kibabaje cane ari ibitutsi yama atukwa n'abanya Afrika y'Epfo, bakoresheje ijambo "kwerekwere", ijambo ry'agasuzuguro ku bimukira b'abanya Afrika.
Ati: "Iki ni ikintu kimbabaza cane".

Ahavuye isanamu, BBC/Shiraaz Mohamed
Mugenziwe w'umunya Mozambike Mateu Madjila amaze imyaka cumi aba i Alexandra akoresha imashini yo kubarira, avuga ko na we nyene ahamagarwa ngo "kwerekwere", n'aho yarongoye umugore w'umunya-Afrika y'Epfo ubu bafitaniye abana batatu.
Ati: "Abantu bose ba Afrika y'Epfo barakengera abantu bava muri Mozambike, muri Zimbabwe canke mu kindi gihugu ico ari co cose - ubuzima ntibworoshe".

Ahavuye isanamu, BBC/Shiraaz Mohamed
Kuri Philimon Gwetekwete w'imyaka 42 akaba yaje muri Alexandra mu 2016 avuye muri Zimbabwe, amahirwe umuntu ashobora kuronka muri Afrika y'Epfo ni co gikuru.
Ni umufundi w'amateleviziyo hamwe n'ibikoresho vyo mu nzu - ivyo yigiye mu gihugu ciwe.
"Ntivyari vyoroshe muri Zim, nta kazi nari mfise mu gihe nari mfise abana batandatu. Ubuzima ni bwiza hano ariko ntibworoshe kuko ata buzi bwo kuremura bukwiye hano. Ndaronak amahera ariko ntakwiye kubera ibi vya guma mu rugo vyaje kwonona ibintu".
Eka n'abandi banya Zimbabwe bafise ivyizigiro ku kungene babayeho, bakemeza ko ubuzima bugoye ariko ko vyopfuma gusumba mu gihugu cabo.

Ahavuye isanamu, BBC/Shiraaz Mohamed
Umukozi wo mu nzu w'imyaka 40 (aho hejuru) yagiye muri Afrika y'Epfo avuye muri Zimbabwe ajanye n'umuryango wiwe akiri umuyabaga, avuga ko ibiyovyabwenge ari yo ngorane nyamukuru.
Uyu mupfasoni atashatse ko izina ryiwe rimenyekana, akaba yibana kandi afise abana batatu, avuga ko Hillbrow yari isanzwe izwi kubera imirwi y'abanywarumogi ivugwa ko irimwo n'abanyamahanga.
Ati: "Ubuzima ntibworoshe na gato hano. Tubana n'abacuruza urumogi. Mfise ubwoba ko abana banje bashobora kugwa muri uwu mutego".

Ahavuye isanamu, BBC/Shiraaz Mohamed
Jafter Ndlovu w'imyaka 51 ni umunya Zimbabwe amaze igihe kirekire muri Afrika y'Epfo, inyuma y'imyaka 30 iheze ashitseyo arondera akazi, akaba yatanguye nk'umukozi wo mu nzu y'uburiro.
Yarashoboye kuziganya amafaranga akwiye maze ashobora kugura imodoka yari imaze gukora (occasion/second hand) , maze atangura gukora nk'umu taxi muri Hillbrow.
Ikibazo nyamukuru afise ni uko akazi kiwe k'ubu taxi kakozweko cane n'ikompanyi yunguruza abantu ya Uber izwi cane muri ico gihugu.

Ahavuye isanamu, BBC/Shiraaz Mohamed
Helder Massingue, umunya Mozambike, amaze imyaka cumi muri Afrika y'Epfo. Arwana n'ubuzima mu kugurisha imboga muri Hillbrow - bimutwara amadorari 30 ku munsi mu kurangura iki gicuruzwa gishobora no kumubonara.
Na we nyene yama mu bibazo n'abapolisi, kuko rimwe na rimwe bashoboras kumwaka utwo ariko aradandaza kubera atemerewe kudandariza kw'ibarabara.

Ahavuye isanamu, BBC/Shiraaz Mohamed
"Iyo uri umunyamahanga nta bikuranga ushobora kuronka, ibi bigatuma udashobora kuronka akazi keza. Ariko mbandanya nita ku rutare kuko ntipfuza kuja mu bikorwa vy'ubugizi bwa nabi".
Nk'abandi bimukira, avuga ko ari ikibazo co kurondera ubuzima kugira ngo ashobore gutunga nyina wiwe hamwe n'umukobwa wiwe basigaye muri Mozambike.
Amafoto yose yitirirwa nyeneyo










