Sudani: Uwurongoye iki gihugu agabisha ko intambara ishobora gutandukira ibihugu bibanyi

Jenerali Abdel-Fattah Al-Burhan ashikiriza ijambo muri ONU

Ahavuye isanamu, Sarah Yenesel/EPA-EFE/REX/Shutterstock

Insiguro y'isanamu, Jenerali Abdel-Fattah Al-Burhan ashikiriza ijambo muri ONU
    • Umwanditsi, Na James Landale & Antoinette Radford
    • Igikorwa, BBC News, New York & Londres

Uwurongoye igihugu ca Sudani agabisha ishirahamwe mpuzamakungu ONU ko intambara irangwa mu gihugu ciwe ishobora kujabuka igatandukira ibihugu bibanyi.

Mw’ijambo ryiwe, Jenerali Abdel Fattah al-Burhan yasavye amakungu kugena umuhari umurwanyi RSF (Rapid Support Forces), nk’umuhari w’iterabwoba.

Hagati aho, umukuru wa RSF Hamdan Dagalo avuga ko yiteguriye guhagarika intambara.

Kuva muri Ndamukiza (4), Sudani iri mu ntambara yo hagati mu gihugu imaze guhitana abaharurwa mu bihumbi.

Mu 2021, aba bajenerali babiri batembagaje ubutegetsi, ariko mu mezi make aheze, ukurwanira ubutegetsi hagati yabo kwavyuye intambara.

Mw’ijambo yashikirije ejo ku wa kane mu nama y’ishirahamwe ONU, Jenerali Burhan yavuze ko uruhande rwiwe rushaka ibiganiro vy’amahoro, kandi ko ashaka “kurangiza iyi ntambara mu ntumbero yo gutezurira abanyagihugu”, ariko akavuga ko RSF yoyo yanse.

Hagati aho, mu butumwa yarungikiye ONU abucishije ku buhinga bwa videwo, Jenerali Dagalo amurwanya – azwi kandi nka Hemedti – yavuze ko yiteguriye kwinjira mu biganiro.

Intambara ya Sudani yadutse muri Ndamukiza igihe abo mu muhari RSF bakwiragizwa irya n’ino mu gihugu, ingendo Jenerali Burham yabonye nk’ikibazo.

Gushika ubu haracari impari ku watanguye kwugurura umuriro ariko intambara ntiyatevye gukwiragira mu bice bitandukanye vy’igihugu.

Iyi ntambara imaze guhitana nibura abantu 7500 nk’uko bivugwa n’ishirahamwe Acled abaharurwa mu mamiriyoni nabo barata izabo.

Skip podcast promotion and continue reading
WhatsApp channel ya BBC Gahuza

Amakuru ya BBC Gahuza ako kanya kuri WhatsApp yawe

Kanda hano ujyeho

End of podcast promotion

Jenerali Burhan, yashitse ku butegetsi inyuma y’itembagazwa ry’ubwari buhasanzwe mu 2021, amaze igihe azunguruka mu bihugu bitari bike arondera ko amakungu amushigikira.

Mw’ijambo yaraye ashikirije ishirahame ONU, yaracishijemwo kandi ko RSF ifitaniye ubucuti na wa muhari Wagner w’abacangero b’Abarusiya usanzwe ukorera mu bihugu bitari bike vya Afrika nka Centrafrique, Sudani, Libya, Mozambike na Mali.

Yavuze ati: "Ingorane y’iyi ntambara ni uko ubu ari ikibazo kibangamiye amahoro n’umutekano mu karere no ku rwego mpuzamakungu kubera izi nyeshamba zisaba ubufasha mu mirwi y’inkozi z’ikibi n’iy’iterabwoba mu bihugu bitandukanye, mu karere ndetse no kw’isi yose”.

Jenerali Burhan asaba kandi ko RSF wofatwa nk’umuhari w’iterabwoba kuko wamye “ushigikira ubwicanyi, guturira, gufata ku nguvu, kwirukana abantu mu vyabo, ubusahuzi, ubusuma, iyicarubozo, gucuruza ibirwanisho n’ibiyayuramutwe, kuzana abacangero no kwinjiza abana mu barwanyi”.

Avuga ko ibi vyaha ari ngombwa ko bikurikiranwa kandi bigahanwa.

Ariko, hari n’abanegura Jenerali Burhan ku bikorwa vyiwe vya gisirikare muri ino ntambara.

Igihe atanga imihoho hagati muri uku kw’icenda, intumwa ya ONU muri Sudani, Volker Perthes yaraneguye bikomeye aba bajenerali babiri yagirije guta igihugu mu ntambara.

Perthes yagirije RSF ihohotera rishingiye ku gitsina, ubusahuzi n’ubwicanyi mu turere igenzura. Yaragirije kandi ingabo za Sudani gutera ibibombe n’indege mu rudagavi.

Abarwanyi ba RSF bashinze imizi mu turere tw’ibisagara, bigatuma igisirikare ca Sudani kibona ko ari uburenganzira bwaco gutera utu turere.

Reta Zunze Ubmwe za Amerika ziza zaramaze gufatira ibihano abarongoye RSF harimwo Jeneral Dagalo, ariko ibihugu vy’Uburengero biranegura cane kandi Jenerali Burhan kubera uruhara rwiwe mu kwomora umugambwe ukomeye muri Sudani igihe atembagaza ubutegetsi mu 2021.