Umutego wa Putin hamwe Ukraine yosunikirwa guheba intara -umutegetsi wa Bulaya kuri BBC

    • Umwanditsi, Tabby Wilson na Stuart Lau
    • Igikorwa, BBC News
    • Umwanditsi, Katy Watson
    • Igikorwa, Umunyamakuru i Kyiv

Umukuru w'igisata c'imigenderanire mw'Ishirahamwe rya Bulaya (UE) yagabishije ko UKraine itosunikwa kwemera guhebera intara Uburusiya nka kimwe mu vyoba biri mu masezerano y'amahoro hamwe yoboneka.

Mu kiganiro atanze ubwa mbere mu Bwongereza kuva abategetsi ba Bulaya bagiye muri Amerika mu biganiro vy'amahoro vya Trump na Ukraine, Kaja Kallas yabwiye ikiganiro Today ca BBC ko kureka Uburusiya bukagumana intara za Ukraine ari ''umutego Putin ashaka ko tugwamwo''.

Intara ya Donbas mu buseruko bwa Ukraine imaze imyaka myinshi ironderwa n'Uburusiya, aho igitero ca gisirikare catumye Abanya-Ukraine umuriyoni n'inusu bahunga muri iyi myaka 10 iheze.

Ukraine yagumye yiyamiriza ivyo guhebera Donbas Uburusiya kugira nayo ironke amahoro, n'ubwo Trump yashimitse ku ''gukaba intara''.

Kallas - yashizwe ku rutonde rw'Uburusiya ''rw'abaronderwa [gufatwa]'' - yanavuze cane kandi ku ''ngingo zizewe kandi zifashe'' zo kwizeza umutekano wa Ukraine.

Yemeye ko gushika ubu mu biganiro ata ''ntambwe zifadika'' nyinshi ziraboneka ku ngabo zo gutururuza.

''Ingingo zikomeye zo kwizeza umutekano ni igisirikare gikomeye ca Ukraine,'' niko yavuze mu gushimika ko hakenewe gushirwaho ingingo ''atari izo mu mpapuro gusa''.

Yavuze ko ibihugu vy'urunani rwiyise urwo ''abafise ubushake'' ari rwo ruzoshinga neza na neza ico bashobora guterera, kandi ko gushika ubu hataramenyekana intumbero izo ngabo zokoreramwo.

Abategetsi b'ibihugu nyamukuru i Bulaya birimwo Ubufaransa, Ubudagi, Ubutaliyano na Finlande, barifatanije n'umukuru wa Ukraine Volodymyr Zelensky mu biganiro muri Maison Blanche ku ndwi heze, inyuma y'iminsi mike Trump yakiriye umukuru w'Uburusiya Vladimir Putin muri Alaska.

Kuri uwo mubonano wa Alaska, Kallas yavuze ko Putin yaronse ''ivyo yifuza vyose'' kandi ko ivyo bizogira ingaruka ku gushaka kwiwe kw'ibiganiro vy'amahoro.

''Yarakiriwe neza cane kandi yashaka ko ibihano bidashirwaho, kandi n'ivyo yarabishitseko.

''Ubu Putin ariko aritwengera, aho guhagarika kwica ariko arongereza kwica,'' niko Kallas yavuze. ''Twibagirwa ko Uburusiya gushika ubu bwo ata kintu na kimwe buremera kurekura.''

Yongeyeko ko Ishirahamwe rya Bulaya ryari ryashize hamwe umurundo w'ibihano 19 kugira baremere umukuru w'Uburusiya yemere ibindi biganiro.

Hagati aho, ku wa kane Trump yashinze ikindi kiringo c'indwi zibiri co kwihweza intambwe ibiganiro vya Ukraine n'Uburusiya bizoba bigezeko.

''Novuga ko mu ndwi zibiri tuzoba twamenye kimwe canke ikindi,'' niko yavuze mu kiganiro co kuri terefone na Tood Starnes, aremesha ikiganiro mu kinyamakuru ciwe Newsmax.

''Inyuma y'aho kumbure tuzoraba ukundi dukora'', niko Trump yavuze.

Ariko Zelensky arakekerenya ku bushake bwa Putin bw'uko babonana.

Mu vyashikirijwe abamenyeshamakuru ku wa kane, vyashizwe ahabona n'itororokanirizo ry'amakuru AFP, Zelensky yagirije Uburusiya kwanka ''ikiri nkenerwa'' c'uko haba inama y'abategetsi b'ivyo bihugu bibiri.

''Ibimenyetso vy'Uburusiya bihari ubu, vy'ukuri, ntibibereye. Baguma bagerageza kwanka igikenewe ko haba inama. Ntibashaka kurangiza intambara.''

Yaranashize kandi igitutu ku bihugu bishigikiye Ukraine, avuga ko Ukraine yifuza ''ko mu kiringo c'iminsi indwi gushika kuri 10 yoba yasiguriwe uko ingingo zo kuyizeza umutekano ziteye''.

''Dukeneye gutahura ico igihugu kimwe kimwe citeguriye kuzokora kuri buri gihe kanaka,'' nk'uko yongeyeko.

Zelensky yaraneguye igitero gikomeye co mu kirere Uburusiya bwagavye ku wa kane, avuga ko bwigenza nk'uko umenga nta twigoro amakungu ariko arakora two guhagarika intambara.

Uturere 11 dutandukanye muri Ukraine twaragemwe, hapfa nibura umuntu umwe abandi barenga 10 barakomereka mu gisagara ca Lviv kiri mu burengero hafi y'urubibe na Pologne.

Abategetsi batari bake ba Bulaya, co kimwe n'Ishirahamwe rya Bulaya na Ukraine, bafise amakenga ku gushaka kwa Putin kwo kuja mu biganiro vy'amahoro.

Perezida wa Finlande Alexander Stubb yavuze ko Putin ''atari kenshi ari uwo kwizera'' kandi ko atizeye cane ko amaherezo azokwemera ibiganiro bimuhuza na Zelenky.

Perezida w'Ubufaransa Emmanuel Macron yise umukuru w'Uburusiya ''igisahuzi, igisizimwe kiri ku miryango yacu'' aca avuga ko ''akekeranya cane'' ko azokora mu kurondera amahoro.

Abo bategetsi bompi bari mu biganiro muri Maison Blanche ku wa mbere.

Zelensky yavuze ko ashaka guhura na Putin ''uko vyoba bimeze kwose'', ariko aca abwira abamenyeshamakuru ko ata kimenyetso Uburusiya butanga ko ''vy'ukuri bashaka kuja mu biganoro bifadika''.