Uriko ubona ku rubuga aherekana amakuru mu nyandiko gusa, hakoresha uburyo buke. Ja ku rubuga nyamukuru ubone amakuru mu nyandiko iherekejwe n'amasanamu.
Njana ku rubuga nyamukuru canke aho gusoma gusa
Ibindi vyerekeye ingene urwo rubuga rugutwara uburyo (ama mega) buke
'Israel yagize ibitero ku bitaro vyakira indembe muri Gaza' - Hamas
- Umwanditsi, Rushdi Abualouf
- Igikorwa, Gaza correspondent
Ibitero vyo mu kirere vya Israel vyasambuye ibisata bivura indembe n'ico kubaga mu bitaro bikuru vy'i Gaza, nk'uko bivugwa na Hamas.
Video zo ku mbuga hwaniro zerekana urubeya rwinshi n'imyotsi biduga biva mu bitaro vya Al-Ahli Baptist inyuma y'aho amamisile atereye iyo nyubakwa y'igorofa zibiri.
Abantu harimwo na bamwe mu bagwayi bari bari muri ivyo bitaro, bafashwe amasanamu bariko barahunga ico kibanza.
Umumenyeshamakuru ahakorera avuga ko igisirikare ca Israel cahamagaye umuganga kimuha itegeko ko bakinjura.
Hamas yise ico gitero "icaha c'agahomerabunwa" cakozwe na Israel, ikavuga ko iriko irihweza neza iyo nkuru.
Ntawuravugwa yahitanye n'ico gitero nk'uko bivgwa n'igisata kijejwe gutabara vyihuse.
Umumenyeshamakuru waho, yariko arakorera aho ku bitaro, avuga ko umusirikare mukuru wa Israel yahamagaye umuganga akorera mu gisata citaho indembe amusaba ko bova muri ivyo bitaro ubwo nyene.
Bivugwa ko uwo muganga yaciye avuga:"abagwayi bose n'abahungiye ngaha bategerezwa guhungira kure hari umutekano.
"Mufise iminota 20 yo kuhava."
Amasanamu yo ku mbuga hwaniro arerekana abakozi hamwe n'abagwayi bariko barava muri iyo nyubakwa mu gihe hanze hatabona.
Abanye palestine barenga mirongo ibiri, harimwo abagore n'abana, na bo babonetse bariko barahunga bava muri iyo nyubakwa bari batsemwo indaro.
Ibitaro vya Al-Ahli - bito cane imbere y'intambara - ubu ni vyo vyonyene bigikora muri Gaza inyuma y'aho hasamburiwe ivya Al-shifa mu buraruko.
Mw'itangazo ryayo, ibiro bijejwe kumenyesha amakuru vya reta irongowe n'umuhari Hamas vyateye ivyatsi ico gitero.
Israel "iriko irakora icaha c'agahomerabunwa mu gutera ibitaro vya Al-Ahli, birimwo abagwayi amajana n'amajana hamwe n'abaganga", ni rivuga.
Mu kwezi kwa Gitugutu(10) mu 2023, igitero kuri ivyo bitaro cahitanye abantu amajana.
Abategetsi ba Palestine bagirije Israel kugira ico gitero. Israel yavuze ko ico kintu cahaturikiye cavuye kuri rokete yahakorokeye itewe n'umuhari w'abanye Palestine Islamic Jihad, uwo na we ukaba warabihakanye.
Igisirikare ca Israel catanguje ibitero vyo gusambura Hamas mu kwishura ku gitero c'uwo muhari wakoze itariki 7 Gitugutu(10) 2023, aho abanye Israel bashika 1.200 bishwe abandi 251 bagirwa imbohe.
Abantu barenga 50.933 baramaze kwicirwa i Gaza kuva ico gihe, nk'uko bimenyeshwa n'ubushikiranganji bw'amagara y'abantu bwa reta irongowe na Hamas.
Muri abo, 1.563 bishwe kuva itariki 18 Ntwarante(3), aho Israel yasubira gukora ibitero mu karere ka Gaza, nk'uko bivugwa n'ubwo bushikiranganji.