Uriko ubona ku rubuga aherekana amakuru mu nyandiko gusa, hakoresha uburyo buke. Ja ku rubuga nyamukuru ubone amakuru mu nyandiko iherekejwe n'amasanamu.
Njana ku rubuga nyamukuru canke aho gusoma gusa
Ibindi vyerekeye ingene urwo rubuga rugutwara uburyo (ama mega) buke
Igitero ca Israel ku bitaro muri Gaza cahitanye umutegetsi wa Hamas n'umuhanuzi wiwe
- Umwanditsi, Rushdi Abu Alouf
- Igikorwa, Umunyamakuru akorera muri Gaza
- Umwanditsi, Maia Davies
- Igikorwa, BBC News
Igitero c'indege ca Israel ku bitaro muri Gaza cahitanye umutegetsi mukuru w'umuhari Hamas n'umuhanuzi wiwe ku mugoroba w'ejo ku wa Mungu, nk'uko umwe mu ndongozi za Hamas yabibwiye BBC.
Ismail Barhoum, arongoye igisata kijejwe ikigega c'uno muhari, yishwe mu gitero cakozwe ku bitaro Nasser, ikigo nyamukuru c'ubuvuzi mu gisagara ca Khan Younis.
Yari asanzwe ariko avurirwa muri ivyo bitaro inyuma yo gukomereka mu gitero c'indege giheruka, haraciye imisi ine, nk'uko bivugwa n'uno mutegetsi.
Igisirikare ca Israel kivuga ko cari cateye umutegetsi akomeye yariko akorera mu nyubakwa z'ibi bitaro inyuma "y'amakuru yimbitse yegeranijwe n'igendereza" kandi ko cakoresheje "amasasu ntahusha" kugira ngo ntihagire ibindi vyononekara.
Ubushikiranganji bw'amagara y'abantu mu butegetsi bwa Hamas muri Gaza buvuga ko "abandi benshi", harimwo n'abavuzi, bakomeretse.
Igisata c'ibi bitaro cakorera mu ruhande rwatewe caciye cimurwa inyuma y'aho igice kinini carwo kibomorewe, nk'uko bivugwa n'ubu bushikiranganji.
Amashusho yihwejwe na BBC yerekana abanyagihugu bariko bagerageza kuzimya umuriro inyuma y'iki gitero.
Israel ibandanya yagiriza Hamas ko ikoresha inyubakwa z'ibitaro ikanyegezamwo ibirwanisho ikanazigira ibigo vyo kuyoboreramwo intambara, ivyo uno muhari uhakana.
Uwundi mutegetsi wa Hamas, Salah al-Bardaweel, yariciwe mu kindi gitero c'indege i Khan Younis ejo nyene ku wa Mungu, nk'uko umutegetsi yabibwiye BBC.
Abantu nibura 30 barishwe i Khan Younis n'i Rafah mu gatondo k'ejo ku wa Mungu, imbere y'iki gitero co ku mugoboroa kuri ibi bitaro, nk'uko bivugwa n'ubu bushikiranganji bw'amagara y'abantu.
Israel yasubiye gutangura ibitero vya gisirikare muri Gaza ku wa 18 Ntwarante (3), maze agahengwe kari kamaze hafi amezi abiri kaba kararangiye. Kuva ico gihe, abantu amajana n'amajana baramaze kwicwa muri ibi bitero.
Israel yagiriza Hamas ko yanse iciyumviro gishasha ca Reta Zunze Ubumwe za Amerika co kwongereza ikiringo c'aka gahengwe. Ku ruhande rwayo, Hamas yagiriza Israel ko yahevye amasezerano y'intango yumvikanyweko muri Nzero (1).
Iyi ntambara yatangujwe n'igitero ca Hamas kuri Israel ku wa 7 Gitugutu (10) 2023, cahitanye abantu bababa 1.200, benshi muri bo bakaba ari abasivire, abandi nabo 251 bafatwa bugwati.
Mu kwishura, Israel yaciye itanguza igitero muri Gaza co gusambura Hamas, kimaze kwica abarenga 50.000, nk'uko bivugwa n'ubushikiranganji bw'amagara y'abantu mu butegetsi bwa Hamas.