'Abanyapalestina bakwiye kuvanwa muri Gaza bakimurirwa mu bindi bihugu mu karere' - Trump

    • Umwanditsi, Tom Bateman
    • Igikorwa, BBC, Washington

Igihe Perezida Donald Trump wa Reta Zunze Ubumwe za Amerika yatangura kuvuga mu misi cumi iheze ko Gaza ari umusaka, agasaba "gukubura vyose", kumbure abantu bibajije ko yariko arajajura.

Ariko amajambo yavuze imbere y'uko umushikiranganji wa mbere wa Israel Benjamin Netanyahu ashika muri Maison Blanche/White House (ibiro vy'umukuru w'igihugu ca Reta Zunze Ubumwe za Amerika) mu rugendo rwiwe arimwo muri ico gihugu, hamwe n'ayo yavugiye mu kiganiro n'abanyamakuru, yerekanye ko ivyo yavuga koko ko yari ashimitse.

Ni amajambo akomeye cane, aje guhindura intego ya Amerika ku bijanye n'indyane hagati ya Israel n'Abanyapalestina muri kahise ka vuba k'iyi ntambara; amajambo azofatwa nk'ayateye kubiri n'amategeko mpuzamakungu.

Bivanye kandi n'ukungene aya majambo yiwe azokwakirwa ku rubuga mu banyagihugu basanzwe, ashobora kugira ingaruka zikomeye ku bijanye na ya masezerano yo guhagarika intambara n'ihanahanwa ry'impfungwa.

Aya majambo ya Trump avuga ngw'iki?

Perezida Trump ejo ku wa kabiri yavuze ko Abanyapalestina bakwiye gukurwa burundu mu karere ka Gaza bakimurirwa mu bindi bihugu vyo mu karere.

Mu kiganiro n'abanyamakuru ejo ku wa kabiri ari kumwe n'umushikiranganji wa mbere wa Israel Benjamin Netanyahu, Trump yavuze ko Gaza ari akarere "k'urupfu kandi kasambutse".

Ati: "Reta Zunze Ubumwe za Amerika izofata Gaza kandi tuzoyikorerako. Tuzoyifata. Kandi tuzohagararira isamburwa ry'amabombe yose ateye akaga ataturitse hamwe n'ibindi birwanisho biri muri iki kibanza".

"Gaza ubu isigaye ari inyenga kandi ni kuva kera", ni ko yongerako, akavuga ko utokwama uriko usubiramwo iryo kosa buri gihe.

Avuga ko abantu baba muri kariya karere babaye mu "magorwa atagira izina" ko rero bakwiye kugenda, kubera ni bagenda, "ntibazosubira kuraswa canke kwicwa".

Trump n'abo bafatanije ubutegetsi bariko basigura akamo kiwe – mu majambo yiwe – ko "kwimura" burundu Abanyapalestina bose bakavanwa muri Gaza nk'igikorwa c'ubutabazi, bakavuga ko ata yindi nzira kuri bo kubera ko Gaza ari "ikibanza casambutse".

Mu mategeko mpuzamakungu, ibintu vyose bijanye no kugerageza kwimura abantu ku nguvu birabujijwe cane, kandi Abanyapalestina hamwe n'ibihugu vy'Abarabu nta kundi bazotahura ibi atari kubibona nk'iciyumviro gifise intumbero yo kubirukana no gutuza Abanyapalestina ku butaka bwabo.

Ni co gituma abategetsi b'ibihugu vy'Abarabu bamaze kwiyamiriza bivuye inyuma ibi vyiyumviro vyatanguye gushikirizwa mu misi cumi iheze, igihe yavuga ko Misiri na Yorodaniya bikwiye "kwakira" Abanyapalestina bavuye muri Gaza.

Mw'itangazo vyasohoye ku wa gatandatu w'indwi iheze, Misiri, Arabia Sawudite, Emira Zunze Ubumwe z'Abarabu, Qatar, Ubutegetsi bwa Palestina, hamwe n'ihuriro ry'ibihugu vy'Abarabu, vyavuze ko iyi ngingo "yogeramira umutekano w'akarere, igatuma intambara ikwirakwira hose, igatuma amahoro n'umubano hagati y'abanyagihugu b'akarere bihungabana".

Hasanzwe hari icipfuzo c'abanya-Israel bagendera ku vyiyumviro bikaze vya kera ko Abanyapalestina bakwirukanwa mu turere Israel yigaruriye hanyuma Abayahudi bagakwiragiza imihana muri ivyo bibanza.

Kuva ku wa 7 Gitugutu (10) 2023 igihe haba ibitero kuri Israel, iyi mirwi – abarongozi bayo bakaba bari mu bagize urunani rwa Netanyahu – basaba ko intambara kuri Hamas yobandanya ubuziraherezo, ikaba yiyemeza ko bizorangira isubiye gushinga imihana y'Abanya-Israel muri ako karere ka Gaza.

Babandanya batera aka kamo, kandi ntiberekwa amasezerano yo guhagarika intambara n'ihanahanwa ry'impfungwa.

Muri ico kiganiro n'abanyamakuru ari kumwe n'umushikiranganji wa mbere wa Israel, Trump yavuze ko Amerika izofata aka karere ikagasanura mu gihe Abanyapalestina bazoba bamaze "kwimurirwa" muri Misiri na Yorodaniya.

Abajijwe nimba Abanyapalestina bizoshobora gushika bakemererwa gusubira mu zabo, yishuye ko "abantu b'isi" ari bo bazohaba, akavuga ko hazoba ari "ikibanza mpuzamakungu giteye igomwe", imbere yo kwongerako ngo "hamwe n'Abanyapalestina".

Trump avuga ko Gaza izoba "icanya gitotahaye c'Ubuseruko bwo Hagati".

Abajijwe nimba ingabo za Amerika zizogira uruhara mu gufata Gaza, Trump yishuye ngo "tuzokora ivya nkenerwa".

Amajambo yiwe ni impinduka zikomeye cane mu bijanye n'aho Amerika ihagaze ku vyerekeye aka karere kuva hashinzwe igihugu ca Israel mu 1948 no kuva ku ntambara yo mu 1967 yatumye Israel itangura kwihagira uturere tw'Abanyapalestina harimwo na Gaza, ikoresheje inguvu za gisirikare.

Gaza yari isanzwe ihaye indaro Abanyapalestina bahunze canke birukanywe mu mihana yabo mu ntambara zijanye n'ishingwa rya Israel nk'igihugu.

Bo n'ababakomokako nibo bagize igice kinini c'abanyagihugu ba Gaza gushika uno musi.

Ari nka hamwe ivyashikirijwe na Trump vyoba itegeko, vyotuma abanyagihugu barenga imiriyoni zibiri ubu bajanwa ahandi ku nguvu, mu bihugu vy'Abarabu canke mbere n'ahandi, nk'uko Trump abivuga, "bakimurirwayo…burundu".

Ibi vyiyumviro vyokuraho agaheyiheyi ko gushinga ibihugu bibiri muri kazoza nk'umuti w'izi ndyane, kandi vyitezwe kuzorwanywa bikomeye n'Abanyapalestina hamwe n'ibihugu vy'Abarabu bifata ko ari umugambi wo kubirukana.

Abanyaporitike bari inyuma ya Netanyahu be n'umuhari ukora isekeza ryo kwigarurira uturere tw'Abanyapalestina muri Israel, ni ngombwa ko bashimagiza aya majambo ya Trump, aho babona ko ari ishirwa mu ngiro ry'inzira yo kubuza "Gaza kuba akaga kuri Israel", nk'uko Netanyahu akunze kubivuga.

Ku Banyapalestina basanzwe, ibi vyoba ari ibihano bafatiwe mu kivunga.