Rwanda-UK:ONU ihagaritswe umutima n'umugambi wo kurungika abarondera ubuhungiro

Ahavuye isanamu, Getty Images
Ishami rya ONU riraba agateka ka zina muntu rivuga ko ritewe umutima uhagaze cane n’ingaruka z’umugambi wa reta y’Ubwongereza wo kurungika mu Rwanda abarondera ubuhungiro mu gihe baba bashitse mu Bwongereza baciye mu nzira zitemewe n’amategeko.
Umuvugizi, Ravina Shamdasani, yavuze ko Ubwongereza bufise inshingano, hisunzwe amategeko mpuzamakungu, bwo kwiga ama dosiye yose y’abasaba ubuhungiro baba bahunze ibihugu vyabo.
Yavuze kandi ko ONU ifise impungenge ku kwubahariza uburenganzira ku kwishira no kwizana mu gukora amakoraniro n’ubwo gushikiriza ivyiyumviro.
Ku wa mungu, umushikiranganji w’Ubwongereza ajejwe intwaro yo hagati mu gihugu, Suella Braverman, yashigikiye umugambi wa reta avuga ko Urwanda ari igihugu kidateye impungenge.
Kubera bikiri mu mpari z’amategeko, gushika ubu nta muntu n’umwe arajanwa mu Rwanda, hisunzwe uwo mwumvikano hagati ya leta z’Urwanda n’Ubwongereza.
Mu kwezi kwa cumi na kabiri ubushikiranganji bw’intwaro yo hagati mu Bwongereza bwatsinze urubanza rw’umugambi wabwo wo kurungika mu Rwanda abaja muri ico gihugu kuronderayo ubuhungiro.
Ingingo yafashwe n'abacamanza bo muri Sentare Nkuru i Londres.
Ku butumwa kuri twitter, umushingamateka Caroline Lucas wo mu mugambwe wa Green yavuze ko ari ingingo ”ibabaje cane”. Yavuze ko umugambi wo kurungika bamwe mu barondera ubuhungiro mu Bwongereza ata ”bumuntu” igira, ”ntibereye kandi ntishobora gushirwa mu ngiro”.
Ariko abacamanza ivyo ntibabibona gutyo kuko bavuze ko uwo mugambi uhuye n’amategeko.
Umucamanza Lord Justice Lewis y avuze ati: “Twasanze bihuye n’amategeko ko reta ikora umugambi wo kurungika mu Rwanda abarondera ubuhungiro kugira dosiye zabo z’ubuhungiro zifatirwe ingingo hariya.”
Ariko Sentare Nkuru mu muji wa London mu Bwongereza mu kwezi kwa mbere yatanze uruhusha rw’uko hunguruzwa urubanza ku cemezo ca leta kitavugwako rumwe co kurungika impunzi mu Rwanda.
Ishirahamwe ry’abagiraneza rirengera impunzi, Asylum Aid, ni ryo ryasavye ubwo bubasha bwo kwunguruza.
Asylum Aid yavuze yuko ingingo yafashwe na sentare atari yo, aho yemeza ko uwo mugambi wa leta y’Ubwongereza ukurikije amategeko kandi yuko u Rwanda ari igihugu gitekanye, kibereye kwakira abimukira.
Uku kunaniza umugambi wa leta gusubiye kuba gusigura yuko kurungika impunzi mu Rwanda bica bisubira kwigizwa inyuma.











