Imvyino n'inkino birafasha guhuza abantu mu Bwongereza mu kwigina akaranga n'imico kama y'i Burundi

Abigeme bari mu ntambo
Insiguro y'isanamu, Abigeme bararyoheje ibirori mu ntambo
    • Umwanditsi, Nina Iradukunda
    • Igikorwa, BBC Gahuzamiryango i Coventry

Ku muhingamo w'ejo, bamwe mu Barundi baba mu Bwongereza bahimbaje 'Burundi Cultural Day' ku ncuro y'icenda, umunsi bahariye guhimbaza no kwigina akaranga n'imico kama vy'Abarundi mu Bwongereza.

Ivyo birori vyabereye mu gisagara ca Coventry kiri mu karere ka 'West Midlands' ko hagati na hagati mu Bwongereza, vyateguwe n'Abarundi baba i Coventry bahurikiye mw'ishirahamwe ry'Abarundi ryitwa CBC (Coventry Burundian Community).

Vyaranzwemwo akamwemwe kenshi, kwiginana no gusangira imfungurwa.

Abari bavyitabiriye berekanye ingene bari bakumbuye akaranga k'igihugu c'amavukiro mu gutamba indirimbo zo mu mirwi n'izo mu kivunga.

Imirwi y'abatamvyi y'abana bafise imyaka iri hagati ya 6 na 10, abafise iyirenga 10, abafise iyiri hejuru y'imyaka 15, n'iyo abavyeyi babo, baratamvye batarika muri ivyo birori, ivyatumye bamwe mu banyamahanga bahaguruka bagatambana na bo.

Ange Ndihokubwayo arongoye umurwi w'intambo witwa Akaranga yavuze ko aryohewe cane ko abana bavukiye mu mahanga bitabira ibirori vy'igihugu c'amamuko kandi aranashimira n'abavyeyi babibashishikarizamwo.

Ivyo birori vyatangujwe n'ukwinonora imitsi hamwe n'urukino rw'umupira w'amaboko wa basketball wa gicuti wakinyemwo imikangara ifise imyaka iri hagati ya 16 na 20 n'abakuze bafise imyaka iri hejuru ya 45.

Umukuru w'umurwi w'urukino rw'umupira w'amaboko witwa Coventry Basketball Club (CBC), Corneille Baramperanye, yavuze ko inkino n'intambo vyose bituma abantu bahura bakanywana mbere bakiga n'ibindi bijanye n'ikibano biciye muri ubwo buryo bwompi.

Raba uko umunsi wagenze mu mafoto:

Bagenzi babo babagumirije mu biganza baratamba baratarika
Abavyeyi barimo gutamba
Insiguro y'isanamu, Abavyeyi babo nabo baratamvye baratarika
Abantu bicaye bakoma amashi bahimbawe
Insiguro y'isanamu, Abandi nabo barakoma amashi bahimbawe no gusubira kubona intambo z'igihugu c'amamuko
Umwana ufite telefone, yicaye hagati y'abagabo babiri
Insiguro y'isanamu, Ibirori vyitabiriwe n'abakuru n'abato
Abatamvyi bambaye imvutano n'uruganwe rutandukanye
Abantu barimo gufata amafunguro
Insiguro y'isanamu, Ibi birori vyaritabiriwe kandi n'abanyamahanga
Abantu bicaye barimo gutwenga, imbere yabo hari amacupa
Insiguro y'isanamu, Abarundi n'incuti z'Uburundi mu birori vyo kwigina umuco w'Abarundi
Abantu bicaye baryohewe
Insiguro y'isanamu, Ibirori vyitabiriwe n'Abarundi bava mu mihingo itandukanye y'Ubwongereza
Abantu baryohewe bicaye, imbere yabo hari amacupa, iruhande hari umuntu arimo kugenda
Abantu barimo gukina umukino w'amaboko
Insiguro y'isanamu, Imikangara n'abakuze bariko barakina umupira w'amaboko