Yatabawe n'umuziki, nawe ariko arawutabaza abandi- Doddy muri Finlande

Ahavuye isanamu, Doddy Uwihirwe
- Umwanditsi, Alain Majeste Barenga
- Igikorwa, Umumenyeshamakuru i Bruxelles
''Narahatswe kwiyahura kenshi nshitse ngaha kubera kubaho jenyene, natabawe n'umuziki…'',
Ayo ni majambo ya Doddy Uwihirwe, Umunyarwanda w'imyaka hafi 30 yashitse muri Finlande mu 2020.
Muri ico gihugu c'imbeho nyinshi ku mpera y'uburaruko bwa Buraya, kumenyera ubuzima ntivyamworoheye: ururimi, imbeho, irungu, ubunyakamwe [kuba wenyene ataronka uwo bayaga] n'ibindi bibazo vy'ubuzima.
Doddy avuga ko yikoze ku muziki yari asanzwe azi gucuraranga kuva akiri mu Rwanda, ukamuha akanya ko kwiyibagiza ibibazo, kwimara irungu no kwimara inkumbu z'iwabo.
''Ibibazo [vyambanye] umurengera…Natabawe n'umuziki nari natanguriye mu Rwanda…'' niko avuga.
Doddy arazi ko izo ngorane z'ubuzima atariwe zishikira wenyene.
Amaze kubona bishitse aho ahakwa kwiyahura agatabarwa n'umuziki yaciye yibaza ko hari n'abandi uwo muziki wofasha.
Ubu izina rya Doddy Uwihirwe ni rimwe mu yazwi cane mu Barundi n'Abanyarwanda ushitse i Helsinki, umugwa mukuru wa Finlande, na cane cane mu bakiri bato.
Buri kwezi ategura ibiteramo bihuza Abarundi, Abanyarwanda n'abandi Banyafrika kugira abateramishe baronke akanya ko kwidagadura, kuruhuka mu mutwe, guhura bakayaga no kwikumbuza iwabo biciye mu ndirimbo z'ikirundi n'ikinyarwanda.
Avuga ko amaze guhakwa kwiyahura agatabarwa n'umuziki yaciye abona ko ''nowukoresha kugira ndokore abandi benewacu bameze nkanje aha muri Finlande.
Ati: ''Nico gituma naciye ntangura gusohora indirimbo nongera ntegura ibiteramo''.
Indirimbo nka iribagiza, Thank you n'izindi ziri mu zikundwa muri ico gihugu
Uretse izo, Doddy arategura ibiteramo agasubiramwo n'indirimbo z'abandi baririmvyi b'Abanyarwanda n'Abarundi.
Bamwe mu Barundi n'Abanyarwanda baba muri Finlande baramushingira intahe ko yabakuye mu bwigunge atuma bamenyana, bagashigikirana bahuriye mu biteramo vyiwe.
Cesar Kavabushi, Umurundi amaze imyaka indwi aba muri ico gihugu, ni umwe muri abo.
Ati: '' Doddy turamukunda ni umuririmvyi mwiza. Ngaha abazungu baririmba rythme [imidiho] zidatambika [udashobora gutamba]. Abanyafrika bo mu burengero nk'abo muri Nigeria [nabo] bakunda ivyo iwabo kandi usanga no ngaha Finlande baritunganije.
''Kubona dufise umuririmvyi nka Doddy birerekana ko umuziki utagira imbibe. Ico tumushimira ni uko aririmba no mu kinyarwanda dutahura.''
Cesar avuga ko ibiteramo vya Doddy bituma kandi abava mu karere k'ibiyaga binini batarenga 1.000 bamenyena muri ico gihugu gisumba Uburundi n'Urwanda incuro zirenga 12 mu bunini. Kuva mu bumanuko gushika mu buraruko hari ibirometero birenga 1.100, kigaharurwamwo abantu badashika imiriyoni 6.
Doddy Uwihirwe ariko aratunganya urukurikirane rwa mbere (Album) rw'indirimbo ziwe bwite ategekanya gusohora mu ntango z'ukwezi kwa Rusama (5).
Indoto yiwe ni iyo gukwiragiza umuziki uvugije mu mudiho w'ikinyarwanda mu buraruko bw'Ubulaya.
''Indoto ni uko umuziki wacu wotambwa muri Suède, Norvège, Estonie no muri Finlande. Kandi vuba ndabishikako''.










