'Hari aho banyima akazi kuko ndi umugore' - Flambelle Mupfasoni w'umu DJ mu Bubiligi

Ahavuye isanamu, Flambelle Mupfasoni
- Umwanditsi, Alain Majesté Barenga
- Yakoze inkuru ari, i Bruxelles
Flambelle Mupfasoni, w'imyaka 24, amaze imyaka itandatu gusa aba mu Bubiligi, igihugu yagiyemwo avuye mu Burundi.
Kuba umwirabure akaba n'umugore biri mu bitamworohereje mu gushika ku ntambwe agezeko.
Ariko ubu, muri iyo myaka mike, Flambelle asigaye ari umwe mu birabure bake kandi b'abagore bashoboye kwubaka izina mu gihugu c'Ububiligi mu bijanye no kuvuza imiziki mu birori (bizwi nk'ubu DJ), umwuga ahanini ukorwa n'abagabo barwiriyemwo abazungu.
Avuga ati: "Kugira ngaha utere imbere mu bijanye n'ukuvanga imiziki bisaba kuba uri umubiligi yuzuye na cane cane uri umuzungu canke ube waravukiye ngaha, kuko ba nyene inzu zikomeye z'ubutambiro n'abatunganya ibiteramo ni ababiligi.''
Avuga ko muri bene ubwo butambiro bukomeye ata birabure benshi usangayo.
''Jewe yabaye indwano kugira nemerwe", niko yatubwiye tumusanze muri bumwe mu butambiro avugirizamwo mu gisagara ca Liege.

Ahavuye isanamu, Flambelle Mupfasoni
'Hamwe bakanyima akazi kubera urukoba ahandi kubera ndi umugore'
Mu bisagara nka vyose vy'Ububiligi izina rya Flambelle ubu rirazwi mu batunganya ibiteramo vyitabwa ahanini n'abazungu mu bisigara nka Turnout na Anvers ku mupaka w'Ububiligi n'Ubuholande havugwa cane cane ururimi rw'igiholande.
Van Holf, umwe mu Babiligi afise inzu y'ubutambiro, avuga ko abakobwa nka Flambelle bafise impano ari bake cane.
"Si ukubera ari umukobwa canke ari umwirabure tumuha akazi kuko mu butambiro bwo mu gisagara ca Turnout nta birabure benshi bahaza'', niko Holf avuga.
''Ariko uyu mukobwa arafise impano yo gushimisha abantu bose ku muziki baba bipfuza na cane cane ko twakira ingenzi nyinshi zivuye mu bihugu vya Bulaya batazi na Afrika. Ariko bose arabashimisha.
''Rero twebwe kubera turi abadandaza, umuntu nk'uyo atuma twinjiza amafaranga ni kirumara. Turaba ico ashoboye n'ico atumariye kandi ni umuhinga si ukubesha."
Ariko no muri bumwe mu butambiro bw'abanyafrika Flambelle ni umwe mu bakunzwe.
Akarorero ni mu butambiro bukunzwe cane mu gisagara ca Charleroi buzwi nka "Ville basse". Muri ubwo butambiro, iyo Flambelle bizwi ko ahavugiriza, abatari bake barwiriyemwo abakiri bato barahahurumbira bakahuzura.
"Flambelle uretse ko ibiteramo vyiwe tubimenya kare kubera tumukurikirana cane kuri Instagram, avuza neza ku buryo burinda buca dutamba. Kandi aranatuvugiriza imiziki y'iwacu mu mudiho wa Afrobeat ni co tumukundira cane kuko azi ico dushaka'', bivugwa na Clara, umwe mu bakunzi biwe aba mu gisagara ca Charleroi.
Yamara naho akunzwe Flambelle avuga ko akazi katamworohera kubera iyo yamuka.
"Ntivyoroshe uri umwirabure ukaba n'umugore gutera intambwe muri uno mwuga.
''Naragize ingorane nyinshi hamwe nkabona ko banyimye akazi kubera urukoba rwanje ahandi naho bakakanyima kubera babona ndi umugore hari amasaha y'ijoro ntoshobora.
''Vyaranshikiye kenshi ariko ntivyanciye intege kuko nari mfise indoto yo gushika kure no kwerekana ko nshoboye, kuko harya akeza karigura", niko yatubwiye.
Ku myaka 24, Flambelle Mupfasoni avuga ko ariko aragura isoko ryiwe mu bindi bihugu vya Bulaya aho amaze gutumirwa kuvuza mu bihugu birenga bitanu.
Kimwe mu vyifuzo vyiwe bikomeye ni uko imbere y'uko uwu mwaka wa 2025 uhera yoba yashinze ishure ryo kwigisha abakobwa bakiri bato mu Burundi no mu Rwanda kuvanga imiziki mu biteramo.













