'Aba basore banyibutsa iwacu, ururimi rwanje...' - ingene Green Lions babishikako mu Bubiligi

Green Lions muri Studio za BBC i Bruxelles mu kiganiro c'Imvo n'Imvano na Felin Gakwaya. Uva ibubamfu: Didier abavugiriza igitari, Jesus Marie Joseph Kavyinabuhiye, Felin Gakwaya wa BBC na Divin Bambara
Insiguro y'isanamu, Green Lions muri Studio za BBC i Bruxelles mu kiganiro c'Imvo n'Imvano na Felin Gakwaya. Uva ibubamfu: Didier abavugiriza igitari, Jesus Marie Joseph Kavyinabuhiye, Felin Gakwaya wa BBC na Divin Bambara
    • Umwanditsi, Alain Majesté Barenga
    • Igikorwa, Umumenyeshakuru i Bruxelles

Joseph Marie Joseph Kavyinabuhiye na Divin Bambara bihaye akazina k'ubuhizi ka Green Lions (Intare y'urwatsi rutoto). Iryo zina si iry' ikirundi ariko iyo bashize mu gahogo baririmba ikirundi.

Kanatsinda ngo biyitiriye Ntare - rimwe mu mazina y'umwami mu Burundi kera- n'urwatsi rutoto kuko iryo bara ari ikimenyetso c'umwizero.

Bamaze umwaka batanguye ariko ngo basigaye ari ba bitumwako mu Bubiligi hose.

Abo basore bafise imyaka iri munsi ya mirongo itatu bashinze uwo mugwi '' Green Lions'' uzunguruka ucuraranga mu bunywero bwo mu Bubiligi aho abarundi n'abanyarwanda bakunda guteramira cane cane mu mpera z'indwi.

Abo bahungu baririmba basubiramwo indirimbo zacuraranzwe n'abaririmvyi b'aho hambere.

Basubiramwo abaririmvi nka Canjo Amissi, Nik Dave (Nikiza David), Christophe Matata, Kirundo Gérard, Africa Nova (Jean-Marie Rugerinyange), Musoni Evariste, Shungura Pancrace, canke imirwi yabaye rurangiranwa nka Amabano, Mihigo des Grands Lacs, Abashazangendo, Orchestre Ni Akaranga n'iyindi.

Uwakuze yumva abo baririmvyi ba kera aca abiyibutsa akibuka n'ibihe vy'abo, uwarutse vuba akabumviraho.

Uguterama, kwiga ikirundi, no kwiyubutsa iwanyu bikajana, guca amafaranga kuri Green Lions bidasigaye inyuma.

Kavyinabuhiye ati: ''Twahisemwo gusubiramwo indirimbo z'aba kera kuko usangamwo amajambo y'Ikirundi co kw'itsitso afise n'ubutumwa nyabwo kugira dugikundishe abana bavukiye ngaha.

''Kandi twarabishitseko kuko uretse abana bakunda izi ndirimbo bagaca biga Ikirundi kugira bamenye ubutumwa burimwo, n'abakuze baraduhurumbira''.

Jesus Marie Joseph Kavyinabuhiye afise micro mu kuboko kw'ibumbafu hafi hari umugabo yambaye ishati ya karokaro biboneka ko yaryohewe cane.
Insiguro y'isanamu, Green Lions ubu ni ba bitumwako henshi mu Bubiligi

'Banyibutsa iwacu, ururimi rwanje…ndi ngaha umengo ndi mu Burundi'

Kavyinabuhiye avuga ko bamaze umwaka umwe batanguye ariko ngo hari benshi bavuga ko igikorwa cabo kibafasha.

Ati : ''Kubera abantu ngaha i Bulaya kenshi bishika bakaba bonyene, baje kuraba aho tuvugiriza bibuka iwabo, bakahahurira n'abandi bikabaruhura ku mutima.

''Nico gituma dusigaye dutumirwa hose mu Bubiligi. Nta kanya ko kuruhuka tukironka.''

Emmanuel Nsabimana, umurundi w'imyaka 50, amaze imyaka irenga itanu aba i Bulaya. Twamusanze ari muri bene ico giteramo. Yatubwiye ko uwo murwi waje nk'urukiza.

''Natanguye kuba mu gihugu ça Suède imbere y'uko nza mu Bubiligi. Aba basore banyibutsa iwacu, ururimi rwanje, umuco wanje.

''Ndi ngaha umengo ndi mu Burundi, baducurarangira abarimvyi bacu b'aho hambere, batwibutsa ko dufise agaciro. Kuza ngaha ni nko kuza kwa muganga avura imitima y'ababaye, ntibira igiciro. Baje hageze, imirwi nk'iyi twari tuyikeneye kuko turi benshi.''

Signoline Nijimbere
Insiguro y'isanamu, ''Abana bacu bari baribagiye Ikirundi ariko ubu kubera kuza muri iki giteramo, basigaye bitaho ururimi rw'amamuko y'abo.'' Signoline Nijimbere
Skip podcast promotion and continue reading
WhatsApp channel ya BBC Gahuza

Amakuru ya BBC Gahuza ako kanya kuri WhatsApp yawe

Kanda hano ujyeho

End of podcast promotion

Ivyo abihurizako na Signoline Nijimbere w'imyaka yababa 40 yari yazananye n'umuryango muri ico giteramwo twasanzemwo Nsabimana.

''Abana bacu bari baribagiye Ikirundi ariko ubu kubera kuza muri iki giteramo, basigaye bitaho ururimi rw'amamuko y'abo.

''Nta n'indwi zibiri zihera batansavye kuza. Biraduhimbara, bitwibutsa ko igihugu cose cubahirwa akaranga ka beneco …''

Uretse indirimbo za kera z'abarundi, Green Lions baranasubiramwo iz'abanyarwanda nka Samputu, Ben Rutabana, Vyumvuhore canke imirwi nk'Impala n'abandi babiciye bigacika mu karere k'ibiyaga binini hambere aho.

''Twabitanguye ari ukwigisha n'ugukundisha ivy'iwacu ariko ubu kabaye akazi kuko badutumako mu Bubiligi hose. Nta rubanza rw'abarundi n'abanyarwanda ruhuza abantu benshi tudatumirwamwo'', niko bavuga.

''Turigisha imico n'ururimi tukanaharonkera agafaranga. Ubu igikurikira ni ukwagura isoko mu bindi bihugu vya Bulaya.''

Ku bw'ikigo citiriwe umwami wa kera w'Ububiligi ''Fondation Roi Baudouin'' gikunze gutanga ibiharuro vy'abimukira buri mwaka, abamukira bamuka mu Burundi baba mu Bubiligi bashika hafi ibihumbi 30, abamuka mu Rwanda nabo ni hafi ibihumbi 45 .