Burundi: Abasega mu mabarabara bagiye gushikirizwa ubutungane

Mw'isekeza leta y'Uburundi irimwo bwo gukura abantu basega mu mabarabara, abashika hafi amajana atatu baramaze gufatwa, harimwo abakuze 200 n'abana 90.

Umunyamabanga ntayegayezwa mu bushikiranganji bwo gushigikirana Felix Ngendabanyikwa avuga ko abazofatwa bose basegerereza mu mabarabara bategerezwa kubihanirwa.

Agira ati: "Ubushikiranganji bw'ubutungane hamwe n'igipolisi kijejwe amatohoza baca batangura amadosiye y'abantu bakuze bafashwe bariko barasegerereza.

"Ku bana na bo twarateguye ibigo duca tubashiramwo bamaramwo akanya gato mu gihe tuzoba turiko turatohoza amamuko yabo, dukorane n'abavyeyi babo kandi kugira iyi ngeso ihagarare."

Felix Ngendabanyikwa kandi avuga ko mu misi ya vuba bagiye kuza baranahagarika abantu bagenda bafasha abo bantu basega mu mabarabara. Abo ngo ni bo batuma iyo ngeso ibandanya.

Agira ati: "Uyu musi twakoreye kubasega. Ejo tuzokorera kubatanga kuko no gutanga n'icaha.

"Umuntu wese akora mu mufuko, akora mw'isakoshi, akora mw'ikotomoni agatanga amahera na we azoba ariko aragwanya umugambi wa reta. "

Si ubwa mbere mu Burundi bagira umugambi nk'uwo wo gukura abantu basega mu mabarabara, ariko bikananirana.

Abo bajana iyo bavuka hahera imisi mike ugasanga bagarutse.

Ariko ubu umunyamabanga ntayegayezwa mu bushikiranganji bwo gushigikirana avuga ko ingingo zose zafashwe kugira uwo mugambi uje mu ngiro.

Ikigo kijejwe iterambere ry'abana n'imiryango kivuga ko gushika mu 2021 abana bari mw'ibarabara mu Burundi bashika 7000.