Uriko ubona ku rubuga aherekana amakuru mu nyandiko gusa, hakoresha uburyo buke. Ja ku rubuga nyamukuru ubone amakuru mu nyandiko iherekejwe n'amasanamu.
Njana ku rubuga nyamukuru canke aho gusoma gusa
Ibindi vyerekeye ingene urwo rubuga rugutwara uburyo (ama mega) buke
Mu gikombe c'isi c'abana bo mw'ibarabara u Burundi bwakuwemwo na Uzbekistan
Mw'ihiganwa ry'igikombe c'isi mu mupira w'amaguru w'abana bo mw'ibarabara ririko rirabera mu gihugu c'Uburusiya, u Burundi bwakuwemwo na Uzbekistan mu ca kabiri c'ihiganwa ku gitego 1-0.
U Burundi bwari bwitwaye neza muri izo nkino aho bwatsinze Indonesia 2-0, butsinda Brezil ibitego 4-1, hanyuma bwongera buratsinda kandi igihugu ca Bielorussie ibitego 3-0.
U Burundi bukaba buzokina urukino rwo guhatanira ikibanza ca gatatu ku munsi wa gatatu aho bazotana mu mitwe na Indonesia.
Urukino rwa nyuma mu bahungu ruzohuza Pakistan na Uzbekistan.
Iryo higanwa ryitabwe n'abana bo mw'ibarabara barenga 200 bavuye hirya no hino kw'isi ubu bakaba bakoraniye i Moscow.
Abakobwa n'abahungu baje baserukira imigwi 24 nserukirabihugu y'abana baba mw'ibarabara, mu rwego rwo gukangurira abantu ko abo bana na bo bakeneye kwitabwaho co kimwe n'abandi bana bose.