Uriko ubona ku rubuga aherekana amakuru mu nyandiko gusa, hakoresha uburyo buke. Ja ku rubuga nyamukuru ubone amakuru mu nyandiko iherekejwe n'amasanamu.
Njana ku rubuga nyamukuru canke aho gusoma gusa
Ibindi vyerekeye ingene urwo rubuga rugutwara uburyo (ama mega) buke
Ihiganwa mpuzamakungu rya Judo rizosozerwa ejo mu Burundi
Ibihugu 19 vyo muri Afrika kuva kuri uno wa kane nivyo vyari vyitezwe mu Burundi mw'ihiganwa ry'umukino wa Judo ry'iminsi itatu mu gisagara ca Bujumbura.
Ihiganwa rihuza urwaruka rufise imyaka iri musi ya 20, hakaba hari aba judokas 200 harimwo abigeme 96.
Inkino za mbere zatanguye imbere y'umutaga w'ejo kuwa kane gushika isaha zitandatu.
Baciye baja mu karuhuko mu kurindira ibikorwa vyo kwugurura icese izo nkino vyabaye igihe c'isaha 10 z'umugoroba.
Ibihigu vyitavye ni:Burundi, Kenya, RDC, Gabon, Algérie, Egypte, Maroc, Tunisie, Afrika y'epfo, Zambie, Cote d'Ivoire, Djibouti, Madagascar, Gambie, Sénégal, Zimbabwe, Mozambique.
Ariko igihugu kibanyi c'u Rwanda coco nticarungitse abagiserukira mu iri higanwa.
Inkino zanyuma bita final zizoba ku munsi wa gatandatu ari naho hazomenyekana ibihugu vyarushije ibindi.