Burundi: Abana bakomeretse ku mavi mu gihano co 'kunanirwa igifaransa'

Umwigisha wo kw'ishure rya Ecofo Ngobeke iri muri komine Gitega ari mu minwe y'ubutungane yagirizwa gusinzikariza ubuzima abana yigisha.

Nzeyimana Esperee, umwigisha w'igifaransa mu mwaka wa kane bivugwa ko yahaye igihano abana 30 mubo yigisha abaziza kunanirwa imyimenyerezo yari yabahaye.

Abana 30 kuri 45 yigisha ni bo bananiwe, bikavugwa ko yaciye abaha igihano co kuzunguruka ikibuga kirimwo amabuye bapfukamye, bituma bakomereka ku mavi gushika aho bajanwa kwa muganga.

Uwurongoye zone Mubuga hari iryo shure rya Ngobeke, Manirambona Placide, avuga ko uwo mwigisha yamaze gufatwa.

Avuga ati: "Nzeyimana Esperee yahagaritswe kuri uyu w'Imana itariki 6 z'ukwezi kwa gatandatu mu masaha yo mu gitondo, aca ajanwa ku mugwa mukuru Gitega aho arindiriye gushikanwa imbere y'Ubutungane."

Hari haciye imisi itandatu abo banyeshure bakomeretse.

Inkuru zitangwa n'abajejwe intwaro zivuga ko amaze kubona ingene abana bakomeretse cane, uwo mwigisha yaciye amara iminsi adasubiye kuboneka ku kazi.