Uriko ubona ku rubuga aherekana amakuru mu nyandiko gusa, hakoresha uburyo buke. Ja ku rubuga nyamukuru ubone amakuru mu nyandiko iherekejwe n'amasanamu.
Njana ku rubuga nyamukuru canke aho gusoma gusa
Ibindi vyerekeye ingene urwo rubuga rugutwara uburyo (ama mega) buke
Umunyeshure wo muri Nigeria avuga ingene yatorotse abashaka kubanyuruza
Umunyeshure umwe yashoboye gutoroka inyuma y'aho abantu bitwaje inkoho batereye ishure rifise uburaro bw'abana b'abahungu muri Nigeria, yavuganye na BBC.
Uwo munyeshure w'imyaka 17 (tutashimye kuvuga izina), yanyurujwe ari kumwe na bagenzi we barenga 500 bo kw'ishure ryisumbuye ryigisha ubuhinga rya reta mu buraruko bushira uburengero mu ntara ya Katsina mw'ijoro ryo ku wa gatanu.
Yabwiye BBC igisata ca Hausa ati: "Twarasunaguwe tunakubitwa, turatambuka ijoro ryose, rimwe na rimwe no mu mahwa, hasigaye iminota mirongo itatu ngo buce baraturetse turaryama."
Yavuze ko, mu gihe abandi bariko bararuhuka, yaciye aronka akaryo ko kwinyegeza.
Ati: "Nicaye musi y'igiti, nca ndacegamira gato, kugira ndonke ahantu heza ho kwinyegeza. Naciye ndyama hasi nca ndaramvya amaguru."
Igihe abo bantu bitwaje ibigwanisho bategeka abo banyeshure gusubira gufata urugendo, ntibabonye ko yinyegeje inyuma y'igiti.
Avuga ati: "Bose bamaze kugenda, naciye ntangura kurondera inzira nocamwo, gushika nshikire ikigwati cari hafi, mu vyo ukuri n'Imana gusa yamfashije kugira nshobore gutoroka."
Umukuru w'intara ya Katsina, Aminu Bello Masari, avuga ko abanyeshure 333 batazi aho baherereye, ariko igitigiri c'abanyurujwe ntikiramenyekana, kuko bishoboka ko bamwe batorotse abandi bakaba bataramenyekana aho bari.
Yavuze kandi ko ababanyuruje bamaze gutangura kuvugana.
Garba Shehu, umuvugizi wa prezida wa Nigeria, yari yabwiye BBC ko abana bari batorotse bavuze ko abana 10 ari bo bonyene bari bagifiswe n'abo bantu bitwaje inkoho.
'Bavuze ko ari abajejwe umutekano'
Uwo munyeshure yashoboye gutoroka yavuze ko abo bagabo bari bitwaje inkoho binjiye mw'ishure ryabo hafi y'isaha zitatu z'ijoro (20:30 GMT) ku musi wa gatanu, anongerako ko abanyeshure benshi basimvye uruzitiro rw'ishure bacumva urwamo rw'amasasu.
Ariko baciye bahura n'abo babanyuruje bitwaje amasitimu bababwira ko ari abajejwe umutekano babasaba gusubira mw'ishure.
Mu nyuma ni ho abo banyeshure bamenya ko atari abajejwe umutekano nk'uko bari babibabwiye.
Muri ico gihe, ni ho abo bitwaje ibigwanisho babegeraniriza hamwe babategeka gutambuka no kwinjira mw'ishamba riri hagufi y'ishure.
Avuga ati: "Tumaze kwinjira mw'ishamba, umwe muri bo yadusavye guhagarara, baca baraduharura imbere yo kubandanya urugendo."
Yavuze ko haharuwe abanyeshure 520 kandi ko atigeze abona n'umwe atoroka.
Reta yateye ivyatsi abakoze ico gitero ivuga ko cakozwe n'abasuma, nk'uko basanzwe bita abagizi ba nabi bari muri ako karere, bakunze kunyuruza abantu kugira basabe amahera mu kubarekura.
Umuhari Boko Haram uza wamaze kumenyesha ko ari wo wanyuruje abo banyeshure.