Urubanza rwa Basabose na Twahirwa: Harumvirizwa abatangabuhamya benshi

Umugwi w'abanyamategeko b'Ababirigi wakoze amatohoza ku vyaha biregwa Pierre Basabose na Seraphin Twahirwa
Insiguro y'isanamu, Umugwi w'abanyamategeko b'Ababirigi wakoze amatohoza ku vyaha biregwa Pierre Basabose na Seraphin Twahirwa

Urubanza rwa Pierre Basabose na Séraphin Twahirwa rurakomeza ku wa gatatu mu ntahe y'icese igira iya 7 kuva rutanguye itariki 9 z'uku kwezi kwa Gitgutu (10) i Bruxelles mu Bubirigi.

Abo bagabo babiri bagirizwa ivyaha vya jenoside yabaye mu Rwanda mu 1994.

Mu ntahe yo ku wa kabiri sentare iburanisha abo bagabo yakomeje kwumviriza abanyamategeko bakoze amatohoza ku vyagirizwa Pierre Basabose na Séraphin Twahirwa.

Basozeye imburano bifashisha amasanamu yafashwe imbere n'inyuma ya jenosideyerekana aho abo bagabo babiri baba muri segiteri ya Gikondo mu cahoze ari komine ya Kicukiro muri prefecture ya Kigali y’ico gihe.

Umukuru w'uwo murwi Ludivine Kerzman yifashije n'amasamu y'ikarata Urwanda kugira yereke sentare aho bivugwa ko bakoreye icaha.

Uyo murwi wemeje ko mw'isakwa wagize ku ngo z'abo bagabo babiri mu Bubiligi wafashe imashini (ordinateurs), amaterefone ngendanwa n'inyandiko vyose vyagaragaje ko bari bazinanye kandi bakoze ivyaha.

Seraphin Twahirwa
Insiguro y'isanamu, Seraphin Twahirwa ni we wenyene yitaba sentare, nawe Pierre Basabose bivugwa ko arwaye

Hanasomwe muri sentare bumwe mu butumwa bugufi bwasanzwe mu ma terefone yabo , aho bavugana n'abandi baregwa ivyaha vya jenoside nka bo, abahunze Urwanda n'ibindi bimenyetso bemeje ko vyerekana uruhara rwabo muri jenoside.

Ababunganira mu mategeko, Maître Vincent Lurquin na Jean Flamme rimwe na rimwe barahigimanga bahakana ibiriko birashikirizwa n'uwo murwi, ahandi naho bakawuhagarika mu kuvuga ko bidashingiye ku kuri. Ariko uwurongoye intahe yo ku wa kabiri Elisabeth de Sadelaer yarabibankiye ababwira ko batenyenya gushika imburano zirangiye bakazobona kuzikenguza.

Kuri uyu wa gatatu humvirizwa amasura menshi (abatangabuhamya).

Nkuko vyagenze kuva urubanza rugitangura, mu baregwa uko ari babiri hitavye umwe gusa, Séraphin Twahirwa. Pierre Basabose abamuburanira bavuga ko arwaye.

Urubanza ruzobadanya ku wa kane no ku wa gatanu.