Uburyo bwiza bwo guteka umureti

Umureti utetswe neza
    • Umwanditsi, Emily Monaco
    • Igikorwa, BBC Future

Umureti utetswe neza mu mavuta kandi ufise ingaburo zose ni ikibazo c'akazi gihabwa uwipfuza kuba umutetsi mukuru mu mazu y'uburiro y'Abafaransa. Yves Camdeborde aratubwira inkuru y'umureti wabaye rurangiranwa n'uburyo bwiza bwo kuwuteka.

Gukora mu gikoni c'uburiro c'Ubufaransa ni ibatisimu y'umuriro. Nk'uko tuvyiganirwa na Yves Camdeborde, afise inzu y'uburiro Avant-Comptoir restaurants y'inyenyeri zine iri i Paris, uwimenyereza aba afise akanya gato ko kwerekana ico ashoboye, hanyuma agahabwa akazi gasa nkaho koroshe ariko gahishe ubuhinga nyabwo bwo kugakora.

Kumenya kugakora ni ukwikundwakaza, kuyoberwa naho vyerekana ko uba ugifise vyinshi vyo kwiga. Ako niko kazi ubu ushinzwe ko guteka umureti kuva mu bubare busanzwe gushika mu mazu y'uburiro bwa Michelin bw'inyenyeri.

Camdeborde asigura ko umureti w'Abafaransa aho utandukaniye n'iyindi mireti n'ukuntu bavanga neza amagi n'ibindi bawutekana.

Avuga ati: "Dukora ikimeze nk'ibahasha, tugashiramwo ibintu vya nkenerwa hanyuma tukayizinga."

Umureti watetswe gutyo utegerezwa kwera inyuma kandi ukaba irizirizi (utumutse cane) imbere... Kandi Camdeborde arabizi.

Kera mu nkuru yavuze neza kenshi, aribuka urupapuro rwiwe rw'umutsindo (certificat d'aptitude professionnelle (CAP) vocational qualification) mu gisata c'imyuga. Yavuze ko akazi k'abimenyereza katari gatunganijwe ku murongo hanyuma, Camdeborde w'imyaka 16, yasabwe guteka umureti utekanye ibirungo vy'utwatsi (omelette aux fines herbes/omelette with herbs).

Yavuze ati: "Ndibaza ko naronse 17 canke 18 kuri 20. Nabaye uwa mbere mw'ishuri ry'imyuga kubera-umureti!"

Skip podcast promotion and continue reading
WhatsApp channel ya BBC Gahuza

Amakuru ya BBC Gahuza ako kanya kuri WhatsApp yawe

Kanda hano ujyeho

End of podcast promotion

Amanota yiwe yamuhesheje ikibanza mw'ihiganwa ryo mu karere nk'uwimenyereza mwiza mu Bufaransa (Meilleur Apprenti de France/Best Apprentice in France), nk'amwe muzo bita "kids from two- and three-Michelin-starred restaurants".

Avuga ati: "Nari umwe rukumbi yava mu kabare gato kari mu micungararo".

Muri iri higanwa kandi, yatowe ku gihamana kugira ateke umureti, bimuhesha ikibanza co kuja mu mahiganwa y'igice gishira ica nyuma i Paris. Ngaha, uwimenyereza muto yakoze umureti wa nyuma aca atsindira amahirwe yo guhiganwa mu gice ca nyuma.

Yooo, ivyo yasabwe gukora vyaramufyuye cane. Bari bamusavye guteka inyama y'inka itekanye n'umuvinyu wera biherekejwe n'imboga za leti zikaranze hamwe na sole soufflée iri kumwe n'ifi yoroshe irimwo isosi y'ibizinu.

Ntiyari yarigeze yumva na rimwe ikijanye n'iyo nteko yihariye, canke ngo anabiteke n'imiburiburi. Yaraturitse ararira mu nyuma yo guheza ari uwa 9 kuri 9, bibabaza cane umutima w'umutetsi mukuru.

Lardo iriko iratekwa
Insiguro y'isanamu, Lardo ikaranze iha umureti ubuzima (Credit: Emily Monaco)

Yavuze ati: "Umviriza, nta ngorane ihari. Mu buzima, tuguma twiga," Camdeborde aracavyibuka. "Niwaba ubishaka, nzoguha akazi.'' Uwo yari umukuru wa Ritz."

Kuva ico gihe Camdeborde yaciye atangura guteka kuri Michelin-starred Tour d'Argent, ahindura ingene abantu bo muri Paris bafungura nk'uwatanguje umuhari wo guteka neza (the bistronomy movement), hanyuma agahagarikira amahiganwa 4 yo guteka ya MasterChef France. Ibi vyose vyatanguriwe no guteka umureti usanzwe.

Birumvikana ko ubuhinga bwiwe bwo guteka atari igihamana. Ku myaka 14, mu bumanuko bushira uburengero bw'Ubufaransa, iyi mvukira yo muri Pau yari yaratanguye kwimenyereza mu kabare ko muri ako gace kari gafise umwihariko wo guteka neza umureti.

Yavuze ati: "Twari dufise imireti nka 30 ku rutonde rw'ivyo dutegura (menu)", agereranyinje ningonga mu biharuro ko yoba yaratetse ''vyoroshe'' iyababa 20,000 muriyi myaka ibiri ngaha. Ugeze kuriyi ntambwe, ''urashobora kuyikora wugaye amaso."

Atangura n'amagi mabisi - atatu kuri umwe umwe. Avuga ati: ''Amagi akeneye amavuta''.

Yves Camdeborde ariko arateka umureti
Insiguro y'isanamu, Yves Camdeborde avanga amagi bukebuke gushika atanguye kumera neza(Credit: Emily Monaco)

Avuga ati: "Kugira biryohe, mu bisanzwe, ukenera amavuta y'ingurube, ugakaranga lardo na coppa mu mavuta makeya gushika zitanguye kubonerana. Biraha indya ubuzima."

Aragabisha ko amagi utangura kuyamena ari uko amavuta yabonetse.

Avuga ati: ''Mu gihe uyamenye, acika amazi agatakaza uko aremye.''

Yakubita amagi bukebuke, agaca ayasuka ubwonyene mu mavuta ashushe hanyuma akayavanga bukebuke n'ikanya gushika amere neza.

Asigura ati:"Iyo irigi ritetswe cane, riratakaza umuhondo waryo.'' Hanyuma, amagi akiri irizirizi aca atangura kongeramwo ibindi vya nkenegwa- aha, arashiramwo inyama n'umutekero wa coriandre/coriander- imbere y'uko atangura ubuhinga bwo-kuwuzinga.

Ivyo Camdeborde yakora vyari bikwiye kandi bizwi : afise ikanya, yafashe impera z'umureti, arawuzingana neza n'ibindi yawutekanye. Ashira amavuta make yoroshe munsi kugira yorohereze umureti kuva mw'ipanu neza, impera zari zizingiwe imbere, nkuko bahora bazinga burito.

Ateretse hasi ikanya, Camdeborde yafashe ipanu n'ikiganza ciwe kugira umureti ubandanye ugenda, ahengeka isahani n'ipanu, abandanya azunguza ukonyene gushika ku kazi kanyuma: umusego wera uzinze neza kw'isahani.

Avuga ati: "Ntibifata igihe kinini kubivanga n'inyama zasigaye mu gihe uba wamenyereye kuwukora."

Umureti uvanze n'inyama na coriander
Insiguro y'isanamu, Umureti urawuzinga uhejeje gushiramwo inyama na coriander (Credit: Emily Monaco)

Integuro nshasha zo guteka z'i Paris ntizibonekamwo imireti. Nk'uko Camdedorse yibaza, abatetsi benshi bibaza ko ari ikintu gito. Mu vyiyumviro vyiwe ariko, umureti uraryohana n'inyama y'inka canke n'ifi n'inyama nkeya z'ingurube.''

Ariko kumbure umureti uraryoha ufunguriwe imuhira. Uwiwe, naho bimeze uko, bawufungura ari bane mu muryango rimwe rimwe ku munsi w'Imana ku mugoroba, bitandukanye no gufungura amagi mu gitondo, umugenzo yise uwo ''Abanyamerika, nko kurya isosiso irimwo amaraso mu gatondo.''

Kw'itongo ya se, Camdeborde akunda kurya umureti ''n'imiburiburi rimwe mu ndwi''. Awukora mu magi y'inkoko zabo, akawuvanga n'ubushaza bw'iwabo canke n'itomati, iyo mireti akayongerako amama ya vinegre ya Banjuls; ibanga ry'isosi rifiswe na se.

Umureti nk'uwo wogaburira vyoroshe isinzi. Camdeborde aribuka ko se wiwe yakubita amagi menshi agera nko kuri 20, akayateka mw'ipanu nini ikwiye mu mwanya muto.

Aribuka n'agatwengo avuga ati:"Hari ibihe vyo kunezerwamo. Nkiri umuyabaga, inyuma yo kurara turaryoherwa n'abagenzi banje twakinana umupira w'amaboko (rugby) gushika mu gatondo, narinzi ko nashobora kuvyura data nkamubwira nti,'dawe, turi 10... urashobora kudutekera umureti?'''

Yves Camdeborde azinga neza umureti
Insiguro y'isanamu, Yves Camdeborde yakubita bukebuke ipanu kugira azingire neza umureti kw'isahani (Credit: Emily Monaco)

Uburyo bateka umureti - Vyakozwe na Yves Camdeborde

Ibirimwo:

  • Ikiyiko kimwe c'amavuta y'ibiyoba
  • Utunyama dutatu tw'ingurube tuzwi nka Lardo
  • Utunyama dutatu tw'ingurube tuzwi nka Coppa
  • Amagi atatu
  • Umunyu na poivre/pepper vyo kuryosha
  • Amavuta yoroshe atarimwo umunyu basiga mu mukate yo kuryosha
  • Umutekero muto w'ikirungo citwa coriandre/coriander
  • Amama make ya vinegre/vinegar ya Banyuls (idakenewe cane)

Ingene babitegura

Intambwe ya mbere

Shusha amavuta y'ibiyoba mw'ipanu ingana na cm 25/10in ku mucanwa mukeyi. Shiramwo inyama ya lardo kugira izane amavuta, nk'iminota ibiri ku ruhande rumwe rumwe canke gushika iboneranye. Yikure mw'ipanu hanyuma uce uteka uko nyene inyama ya coppa. Inyama zidatanze amavuta akwiye, urashobora guca wongerezamwo amavuta make yoroshe yo gusiga mu mukate.

Intambwe ya kabiri

Gumiza ipanu ku mucanwa muke hanyuma uce umenera amagi mw'isahani yimbitse. Kubita amagi n'ikanya gushika agize ibara rimwe. Ntuyakubite cane kugira ntatakaze umuhondo wayo.

Shiramwo umunyu na poivre/pepper hanyuma usuke amagi mw'ipanu irimwo amavuta ashushe. Kora umuzingi bukebuke ukoresheje ikanya, kugira usanze amagi mw'ipanu.

Mu gihe umuhondo w'amagi utanguye gufatana ariko ukiri irizirizi, gabanya umucanwa uce wongeramwo utunyama tubiri twa lardo, tubiri twa coppa n'akarungo ka coriandre/coriander.

Ukoresheje ikanya, zinga neza impera z'umureti iruhande y'ivyo wongeyemwo. Inyuma y'umuzingo wa mbere, ongeramwo amavuta yoroshe hanyuma uhengeke ipanu kugira amavuta aje munsi y'umureti. Koresha ikanya mu kuzingira indani impera z'umureti nka kurya bazinga burito hanyuma ukoreshe ikiganza mu gukubita ipanu kugira umureti ntufate munsi.

Intambwe ya gatatu

Shira ipanu hejuru y'isahani hanyuma uhengeke isahani ku ruhande rw'ipanu. Heraheza kuzinga umureti kw'isahani (bitegerezwa kwizingazinga vyonyene).

Intambwe ya kane

Ongerako utunyama twa nyuma twa lardo na coppa, niwaba ushaka, umije amama make ya vinegre/vinegar ya Banyuls.

Akabirya

Amavuta yoroshe ni meza mu bantu batarya inyama, aboneka iyo yayonze ku mucanwa muke.

BBC.com's World's Table " inyagaza igisenge c'igikoni'' mu guhindura ukungene isi yiyumvira imfungurwa, muri kahisi, kubu na kazoza.