Iran: Fifa isabwa kuvana ico gihugu mu gikombe c'isi kubera uburenganzira bw'abagore

Iran female fans

Ahavuye isanamu, Reuters

Insiguro y'isanamu, Abagore b'abanya-Iran bemerewe kuraba urukino rwo mu gihugu mu kwezi kw'umunani, bukaba bwari ubwa mbere mu myaka mirongo

Ishirahamwe riharanira uburenganzira ryasavye Fifa kuvana Iran mw’ihiganwa ry’igikombe c’isi mu mupira bw’amaguru inyuma yo kwankira abagore kurorera inkino mu gihugu cabo.

Iryo shirahamwe, Open Stadiums, ryabajije igituma igihugu cemererwa kuja mu mahiganwa mu gihe abategetsi “n’ubu batarekurira abagore b’abanya-Iran kuraba urwo rukino rwiza.”

Ako kamo gatewe haheze amayinga abagore bemerewe kuraba urukino rwo mu gihugu ubwa mbere kuva mu 1979.

Ariko iryo shirahamwe ntiryaheze amakenga ko ibibuga vy’umupira bizoguma vyuguruwe ku bagore.

Open Stadiums ryanditse mw’ikete yarungukiye umukuru wa Fifa Gianni Infantino riti: “Abagore bo muri Iran ntibizeye baba abategetsi ba reta baba n’abategetsi b’ishirahamwe ry’umupira w’amaguru ko ikibuga ca Azadi kizoguma cuguruye ku bagore igikombe c’isi ca Fifa 2022 ni camara kurangira itariki 18 Kigarama (12)".

Rivuga kandi ko n’abazoja Qatar kuraba inkino bashobora kugira ingorane ku bategetsi ba Iran kuko bashobora kuguma bakurirana uwo wese azoba yagiye kuziraba.

Kubuza abagore kwitaba inkino biteye kubiri n’amategeko mpuzamakungu y’umupira w’amaguru, nk’uko iryo kete ribivuga, rigashimika rivuga ko rero Fifa ikwiye guca ivana Iran mw’ihiganwa ry’igikombe 2022 muri Qatar.

Imbuga z’amakuru muri Iran zanditse ibivugwa ko abagore bemerewe kuraba urukino mu kwezi kw’umunani inyuma y’aho Fifa irungikiye ikete abategetsi ibasaba kwemerera abagore kwinjira mu bibuga vy’umupira.

Skip podcast promotion and continue reading
WhatsApp channel ya BBC Gahuza

Amakuru ya BBC Gahuza ako kanya kuri WhatsApp yawe

Kanda hano ujyeho

End of podcast promotion

Fifa yari imaze kubwira BBC ko itazoraba hirya kuri ico kibazo.

Nta tegeko rihari ribuza abagore kuja kuraba inkino muri Iran, ariko ni imbonekarimwe kuko kenshi batemererwa kwinjira.

Imbere y’aho abagore ntibemererwa kuraba inkino zo mu gihugu aho abagabo baba bariko barakina kuko abajejwe kwigisha ijambo ry’imana batavyemera kw’izina rya Islam y’aba Shia.

Abagore baramaze kurorera inkino mpuzamakungu nkeya harimwo rumwe mu kwezi kwa gatatu uyu mwaka, nk’uko bivugwa n’itororokanirizo ry’amakuru, Reuters.

 Iryo shirahamwe riharanira uburenganzira rivuga kandi ko umugwi w’abakinyi uzoja muri Qatar mu mpera z’uyu mwaka wihanijwe kutagira ico uvuze ko myiyerakano iriko irwagwamwo abantu muri iyi minsi muri Iran.

Yatewe n’urupfu rwa Mahsa Amini, umugore yapfuye ari mu minwe y’abaporisi inyuma yo gufatwa n’igiporisi kijejwe kwifata uko bibereye.

Iryo kete rivuga ko aho yapfiriye ari co kigo nyene “abafana b’abagore bakunze kujanwa bakaborezwa igufa iyo bubahutse bakaja kuraba urukino rw’umupira w’amaguru”.