Abana bo mw'ibarabara mu Burundi: Munzenze ni inyishu aho izindi zananiwe?

Igiraneza Nusura ni umwe mu bana bahoze mw’ibarabara begeranijwe bakajanwa ku mutumba wa Munzenze muri komine Mishiha y’intara ya Cankuzo, mu buseruko bw'Uburundi ku birometero 255 uvuye ku mugwa mukuru w’ubutunzi Bujumbura.

Aha ni ho hari kimwe mu bigo vyubatswe na reta y’Uburundi mu ntumbero yo kuvyegeranirizamwo abana bo mw’ibarabara, mu rugamba rwo kugerageza gutorera umuti ikibazo c’abo bana .

Mu gihe kuri uyu wa 16 Ruheshi (6) amakungu ariko ahimbaza umusi mpuzamakungu wahariwe umwana wa Afrika, ikibazo c’abana bo mw’ibarabara ni kimwe mu bibazo nkoramutima mu Burundi bisa n’ivyananiranye gutorerwa umuti.

Gushika mu mwaka wa 2022, abana bo mw’ibarabara bafise musi y’imyaka 18 bashika 7000, benshi muri bo bakaba bari barwiriye mu gisagara ca Bujumbura.

Ingingo zagiye zirafatwa kugira ngo babakure mu bisagara ntaco zigeze zishikako kuko uko bagize ngo barabasubije iyo baje bava ubwo nyene baca basubira mu gisagara.

Nusura avuga ko avuka ku Buterere mu gisagara ca Bujumbura, akaba yafashwe isaha cumi na zibiri z’umugoroba (18h), aca ajanwa mu gasho. Avuga ko abavyeyi biwe bavyumvise bagiye kumuraba kugira ngo bamukuzeyo ariko bikananirana. Niho mu nyuma yahava ajanwa muri iki kigo n’abandi bana.

Nusura ubu afise inda (aratwite), akavuga ko ubuzima abayemwo ari nk’amahano kuko ategerezwa gufungura ivyo yirondereye kuko ngo imfungurwa bagaburirwa wewe atazishoboye.

Nusura asangiye ibibazo na Rachelle Iradukunda na we nyene yatwawe muri iki kigo afise inda, nubwo wewe avuga ko atari asanzwe ari umwana wo mw’ibarabara.

Ati: “Jewe sinari umwana wo mw’ibarabara, bankuye aho nari nicaye mu kabare (mu bunywero) ku rya mbere”.

Avuga ko yashitse i Bujumbura agiye gukora akazi ko mu nzu, akaronka n’umugabo ariko bakavana bavyaranye abana babiri. Rachelle gushika ubu abavyeyi biwe ntibazi ko ari muri iki kigo.

Abana bari muri iki kigo basanzwe bategurirwa imfungurwa bafungura kabiri ku musi, ariko Nusura na Rachelle bobo babayeho bitekera izabo kubera izo bahabwa batazishobora.

Nusura na Rachelle, hampande y’ingorane bisangije nk’abibungenze cane cane zo gufungura, basangiye n’ibindi bibazo n’abandi bana begeranirijwe muri iki kigo catangujwe ku wa 11 Gitugutu (10) 2023 ku birometero hafi cumi uvuye ku rubibe Uburundi buhana na Tanzania.

Iki kigo categuwe mu ntumbero yo kugerageza gutorera umuti ikibazo c’abana bo mw’ibarabara gisa n’icabaye akanirabahinga mu Burundi.

Iki ni co kigo giherutse kwubakwa hampande y’ibindi bibiri biri mu gisagara ca Bujumbura, ari naho hakunze kuboneka abana benshi bo mw’ibarabara. Ubu gitunze abana 129, harimwo abakobwa12.

Aba bana baba mu mahema asa n’ayariko arasaza, ariko muri iki kigo hariko hubakwa amazu akomeye, abakirongoye bavuga ko ari yo bazoca babungururizamwo.

Gushika mu kwezi kwa mbere uno mwaka wa 2024, iki kigo cari gitunze abana bashika 800, harimwo abakuze hafi 375, ariko muri iki gihe bose bakaba bararungitswe iwabo.

Ico benshi muri aba bana baboneka ko bahuriyeko, ni uko ubuzima baciyemwo, kuva bakija mw’ibarabara gushika bajanywe muri ico kigo bwabasesereje, bakabona ko iciza kuri bo ari ari uko bosubizwa mu miryango yabo.

Ushitse muri ico kigo, nta kindi aba bana bagushikizako atari ibibazo bavuga ko bafise, aho bidoga ko bafungura nabi, indya batamenyereye, baryama habi, bataronswa impuzu zo kwambara n’ibindi.

Ndayizeye Jean-Baptiste arongoye iki kigo aremeza ko ata buryo bukwiye bafise ariko ko aba bana baronswa ivya nkenerwa.

Yabwiye BBC Gahuzamiryango ko nubwo babarera nk’abandi bana baba barerewe mu miryango usanga bafise utugeso tw’abana bo mw’ibarabara, harimwo kwiba no kubesha.

Ati: “Nubwo tutovuga ngo ni neza cane, abana bamaze gufungura kabiri ku musi, baba babayeho neza. Ni uko kumbure mutababajije muti ‘none ko muvyibushe?’''

''Ibi vyerekana ko bafungura kandi neza, mbere turaza turabahindurira imfungurwa iyo ibintu bitagoranye.''

Jean-Baptiste Ndayizeye yabwiye BBC Gahuzamiryango ko ingorane nyamukuru ari uko aba bana bakunze guca bagurisha imfashanyo iyo ari yo yose bahawe, harimwo n’impuzu, ariyo mpamvu bamwe usanga bambaye udushambara.

Ati: “Ku kibazo c’impuzu, iyo tuzibahaye baca baja kuzigurisha, ico ntaco bababwiye. Ikintu cose umuhaye yaba isabuni, caba ikintu ico ari co cose aca aja kukigurisha, kandi azi ko agikeneye”.

Iki kigo cegeranirijwemwo abana bavuye mu ntara zitandukanye harimwo intara ya Bujumbura, Gitega, n’intara zo mu buraruko bw’igihugu nka Kayanza, Ngozi, Kirundo na Muyinga, nk’uko Ndayizeye yabibwiye BBC Gahuzamiryango.

Hagati aho, nubwo hari utu twigoro two kubakura mu mabarabara, iki kibazo kiboneka ko kukirangiza biri kure nk’ukwezi kuko gushika ubu bacibonekeza mu bisagara, cane cane Bujumbura.

David Ninganza arongoye ikigo SOGEPAE (Solidarité de la Jeunesse pour la Paix et l'Enfance) abona ko hadatowe umuti w’ivyatumye baja mw’ibarabara batazova mw’ibarabara. Ati: “Haratowe umuti w’ibibazo bitandukanye vy’abana bo mw’ibarabara ariko bagaruka mw’ibarabara”.

Ninganza arahagarara cane ku kamaro k’ishure mu rugamba rwo gukura abana mw’ibarabara. Ku bwiwe, reta yotegeka ko kujana umwana kw’ishure riba itegeko, gutyo umuntu uwo ari we wese yotuma umwana ataja kw’ishure agahanwa.

Ati: “Ishure ni ku buntu ariko si itegeko. Umuvyeyi ajana umwana kw’ishure ashatse, akamukura kw’ishure aho ashakiye.

“Umusi hoba itegeko rivuga ko ishure ari itegeko, bizotuma igitigiri c’abana basubira mw’ibarabara kiba gito cane”.

Ildephonse Majambere, umuvugizi w’ubushikiranganji bwo gushigikirana, avuga ko reta y’Uburundi iriko irakora uko ishoboye kugira ngo iki kibazo kirangire, cane cane mu kwongereza amafaranga agenewe iki gisata, aho yavuye mu miriyoni 800 agashika mu muriyaridi, nk’uko abivuga.