Ethiopia: Agahungu bafotoye kariko gateka mu bugaragwa karonse imfashanyo

Umunyamakuru wo muri Ethiopia yafashe isanamu y'umwana w'umuhungu yariko arateka mu bugaragwa ari umwe yabwiye BBC ingene iyi foto yabaye kirumara.

Iyi sanamu ya Boru Konso yatumye haba amajambo menshi yacishijwe ku mbuga hwaniro maze abanyakigongwe nabo bafata ingingo yo gufasha uyu mwana mu kumuha amahera n'ibindi.

Uyu munyamakuru yari kw'ipikipiki mu karere ka Mio kari mu misozi ishira ubumanuko agiye kurondera inkuru ari ho yabona uyu mwana w'umuhungu.

Boru ati: "Uyu mwana w'umuhungu aboneka ko yoba afise imyaka iri musi ya 10, yari acanye umuriro ariko arateka.

"Narumvise ikigongwe mbonye aka gahungu kariko karateka mu bugaragwa kandi kari konyene.Nta muhana ushobora kubona muri ako karere ku ntera y'ibirometero 10. Naciye mpagarika ipikipiki yanje nca ndamufotora".

Aka gahungu kabwiye uyu munyamakuru ko abavyeyi biwe baba mu yindi ntara kandi ko kaguma kazunguruka irya n'ino n'ibitungwa karondera amazi n'uburagiro.

Ethiopia muri kino gihe ihanzwe n'uruzuba rutuma aborozi bazunguruka irya n'ino barondera uburagiro.

Boru yaciye ashira iyi sanamu y'uyu mwana ku mbuga hwaniro maze abantu batandukanye baca batangura kwitanga mu kumuha imfashanyo.

Umugwizatunga w'umugore Muna Bakare ni umwe mu bagendeye uyu mwana, akaba yatanze imfungurwa n'ibindi bikoresho mu gufasha uyu mwana, umuryango wiwe n'ababanyi.

Muna ati: "Narabonye isanamu y'aka gahungu ku mbuga hwaniro numva inteye ikigongwe. Si nigeze nsubira gusinzira. Numvise umengo yoba ari umwana wanje. Naciye ntangura kumurondera".

Muna yaciye yemera ko azorihira uyu mwana amashure gushika arangize kaminuza.