Ukraine: Kyiv ivuga ko yateye intambwe ikomeye mu gihe Russia iriko iva muri Kherson

Igifaru ca Ukraine

Ahavuye isanamu, Getty Images

Igisirikare ca Ukraine kivuga ko cateye intambwe zikomeye ku musi w’ejo mu micungararo ya Kherson, inyuma y’aho Uburusiya butangarije ko buriko burakura ingabo muri ico gisagara co mu bumanuko.

Ingabo za Ukraine zivuga ko zabohoje igisagara gikomeye ca Snihurivka kiri ku birometero 50 mu buraruko bwa Kherson.

Kyiv (umugwa mukuru wa Ukraine) ivuga kandi ko iriko irasatira bikomeye ku mpande zibiri hafi ya Kherson, harimwo gutera intambwe y’ibirometero indwi mu turere tumwe tumwe.

Uburusiya buvuga ko bwatanguye kuva muri ico gisagara – igisagara gikomeye cane bwari bwigaruriye muri ino ntambara – ariko iki gikorwa gishobora gufata amayinga.

Itangazo ryo ku wa gatatu ryabonetse nk’inzitizi zikomeye ku ntambara ya Moscou muri Ukraine, n’aho abategetsi ba Ukraine bari bagifise impungenge – bagabisha ko ayo ashobora kuba ari amayeri yo kubatega umutego.

Nta cemezo cashotse kiboneka ko Uburusiya buriko burakura ingabo ku bwinshi muri Kherson.

Ejo ku wa kane, umukuru w’ingabo za Ukraine, Valeriy Zaluzhny, yavuze ko adashobora kwemeza canke guhakana ivyo kuva muri Kherson – ariko akavuga ko ingabo ziwe zateye intambwe.

JenerariZaluzhny avuga ko ingabo ziwe zateye intambwe zikomeye ku mpande zibiri ku ruhande rw’uburengero bw’uruzi Dnipro – akarere karimwo Kherson – mu kwigarurira ibibanza 12.

Ejo ku wa kane nyene, yavuze ko akarere k’ibirometero indwi kabohojwe “muri uno musi uheze”, mu gihe ingabo zariko zisatira amaja ku ruhande rwo mu buraruko bushira ubuseruko hamwe no ku ruhande rw’uburengero.

Amashusho ya videwo yerekana abanyagihugu bariko baramutsa abasirikare mu kibanza c’ihuriro, bigaragara ko bari bahejeje kwinjira mu gisagara ca Snihurivka.

Snihurivka iri ku masanganzira y’amabarabara akomeye kandi ni igituro ca gari ya moshi c’intara ya Mykolaiv, ihana urubibe na Kherson mu buraruko no mu burengero.

Ubutegetsi bw’intara ya Mykolaiv bwacishije ubutumwa ku rubuga hwaniro rwa Telegram buvuga buti “amakuru menshi meza uno musi”.

Bwaciye butuma haba ibihuha vyinshi mw’ijoro ry’ejo ku wa kane vyavuga ko ingabo za Ukraine zashitse mu nkengera za Kherson.

Iki cafashwe nk’ikimenyetso c’uko ingabo zishobora kuba zari zashitse mu kigwati ca Chornobayivka kiri mu micungararo ya Kherson.

Kherson
Skip podcast promotion and continue reading
WhatsApp channel ya BBC Gahuza

Amakuru ya BBC Gahuza ako kanya kuri WhatsApp yawe

Kanda hano ujyeho

End of podcast promotion

BBC ntivyayishobokeye guhinyuza aya makuru y’uturere twabohojwe n’utwatakaye – ariko aya makuru aje inyuma y’amayinga ingabo za Ukraine zivuga ko zari zimaze zisatira.

Kherson ni wo mugwa mukuru wa mbere kandi wonyene w’intara waguye mu minwe y’Uburusiya kuva butanguye igitero kuri Ukraine ku wa 24 ruhuhuma (2).

Kuva mu mpera z’ukw’icenda, yafatwa na Kremlin nk’Ubutaka bw’Uburusiya - inyuma y’iciswe “amatora ya kamarampaka” mu turere twa Ukraine twigaruriwe n’Uburusiya, amatora yiyamirijwe cane n’amakungu.

Ku wa gatatu, Moscou yavuze ko bitari bigishoboka gukorera muri ico gisagara, ikavuga ko yategerezwa kwimuka ikava mu burengero bw’uruzi Dnipro - uruzi rucamwo kubiri Ukraine.

JenerariZaluzhny, umukuru w’igisirikare ca Ukraine, avuga ko ata kundi Uburusiya bwari kugira atari uguhunga, inyuma y’aho amayira yo gushikana uburyo asenyuriwe, uburyo bwo kurongora urugamba nabwo bukononekara.

Mu masaha yitereye y’ejo ku wa kane, umushikiranganji wa Ukraine ajejwe kwivuna abansi yavuze ko bizofata n’imiburiburi indwi yose kugira ngo Uburusiya bukure ingabo zabwo zose muri Kherson kandi ko bitoroshe kumenya ivyo umwansi ategekanya.

Jens Stoltenberg, umukuru w’urunani rwa gisirikare OTAN/NATO ruhurikiyemwo ibihugu vy’Uburengero, avuga ko biboneka ko Uburusiya “buri ku gitsure gikomeye” ariko ko bikenewe kuraba “ingene ibintu bigenda ku rubuga”.

Umushikiranganji w'Ubwongereza wo kwivuna abansi, Ben Wallace, avuga ko Uburusiya buriko busa n’ubwubaka uruzitiro rwo kwivuna umwansi ku rundi ruhande rw’uruzi Dnipro bukoresheje ibikoresho bikomeye.

Avuga kuri iyi ngingo yo gusubira inyuma, Wallace avuga ko "amakungu adategerezwa gushimira Uburusiya ko buriko burasubiza amatungo bwanyaze”.

Umuhanuzi wo mu biro vya perezida wa Ukraine avuga ko hakiri kare kwigina - akagiriza umwansi wiwe ko ariko ashaka guhindura Kherson akayigira “igisagara c’urupfu” mu gusiga ateragiye ama mine no mu gutegura kuyitera amabombe ari kure.

Ibi bishobora gutuma igitigiri c’abagwa muri ino ntambara ciyongera, mu gihe imaze guhitana canke gukomerekeramwo abasirikare 100.000 kuri buri ruhande n’abasivire 40.000, nk’uko biherutse gushikirizwa mu biharuro ngereranyo bitangwa n’intwazangabo yo mu gisirikare ca Amerika.

Mu yandi makuru, Amerika yatangaje iyindi mfashanyo ya gisirikare igenewe Ukraine ifise agaciro k’imiriyoni 400 z’amadorari y’amanyamerika – harimwo ubuhinga bwa Avenger bwo gucungera ikirere hamwe n’ibisasu vya misire vyo mu bwoko bwa Hawk.

Perezida Volodymyr Zelensky wa Ukraine avuga ko yavuganye kandi n’umushikiranganji wa mbere w’Ubwongereza Rishi Sunak ku vyerekeye imfashanyo bwoha Ukraine mu rwego rwo kwivuna umwansi.