Uriko ubona ku rubuga aherekana amakuru mu nyandiko gusa, hakoresha uburyo buke. Ja ku rubuga nyamukuru ubone amakuru mu nyandiko iherekejwe n'amasanamu.
Njana ku rubuga nyamukuru canke aho gusoma gusa
Ibindi vyerekeye ingene urwo rubuga rugutwara uburyo (ama mega) buke
UK-Rwanda: Sentare yabwiwe ko abashikiranganji bari baburiwe ku vy’agateka ka zina muntu
Sentare Nkuru y’Ubwongereza yabwiwe yuko impapuro za leta, abahanuzi hamwe n’abahinga bagabishije inshuro nyinshi abashikiranganji ku bijanye n’ihonyangwa ry’agateka ka zina muntu mu Rwanda.
Abaharanira agateka ka muntu bariko bararwanya umugambi w’ubushikiranganji bw’intwaro yo hagati bw’Ubwongereza, wo kurungika mu Rwanda abantu bashika baciye mu mazi.
Intambwe ya kabiri y’uru rubanza vyitezwe ko itangura mu kwezi kwa cumi imbere yuko Sentare Nkuru ifata icemezo.
Iyo sentare yabwiwe yuko umushikiranganji w’intwaro yo hagati na leta, harimwo n’ubushikiranganji bw’imigenderanire co kimwe n’ibiro vy’umushikiranganji wa mbere, bo “ubwabo bari bazi, kandi basa n’abafise impungenge zikomeye, ku bijanye n’ingene agateka ka zina muntu kifashe mu Rwanda ubu no mu bihe vyahise”.
Abashingwamanza bagize bati: “Izo mpungenge zarasiguwe inshuro nyinshi n’abajejwe intwaro.”
Bavuze yuko leta yaneguye akatari gake ku mugaragaro ukuntu agateka ka zina muntu kifashe mu Rwanda, bongerako bati: “Iyo ni yo mpamvu yatumye u Rwanda mu ntango rukurwa mu bihugu vyari gushobora kwikorwako mu mugambi w’abimukira.
“Izi mpungenge zagagajwe na leta y’Ubwongereza ku bijanye n’agateka ka zina muntu mu Rwanda, ntizerekanwa neza canke uko ziri kwose mu [mpapuro za leta zishigikira uwo mugambi].”
Aho yavugira muri sentare, Raza Husain QC, umushingwamanza w’abimukira, yagize ati: “Ntidukekeranya na gato mu gushingisha urubanza rwacu iyo tuvuze yuko u Rwanda ari igihugu c’umugambwe umwe gitwajwe igitugu aho kutavuga rumwe na leta bitihanganirwa.
“Ni ubutegetsi kenshi bupfunga bugakubagura kandi bukica abo bwibaza ko ari abakeba mu vya politike.
“Abigaragamvya canke bakanegura ivyemezo vya leta, harimwo n’impunzi, bahura n’igikenye c’igipolisi.
“Ivyo vyose ni ibintu vyashikirijwe n’abayobozi bo muri leta yacu."
Mu vyo abarega bashikirije mu kirego cabo, bavuze yuko umushikiranganji w’intwaro yo hagati, Priti Patel, yarenze ku mategeko ananirwa gukora ivyo ajejwe mu kudaha agaciro ivyo abayobizi ba leta bari barashikirije.
Abarega babandanya bavuga yuko iyo aha agaciro izo mpungenge, guhakwa kugirirwa nabi kw’aborungikwa mu Rwanda, “kwari kumugaragarira”.
Uku kwumvirizwa kw’iminsi itanu kugomba kuba ari kwo kwamagana umugambi wa leta kwagutse cane kandi guhambaye kumaze kuboneka.
Abashingwamanza ba leta vyitezwe ko batangura gushigikira muri sentare umugambi wo kurungika impunzi mu Rwanda ku wa gatatu.
Mu nyandiko zashikirijwe sentare, ubushikiranganji bw’intwaro yo hagati buvuga yuko abashikiranganji bafise ububasha bwo kurungika abimukira mu Rwanda – kandi nta n'umwe azogirirwa nabi hakurikijwe umwumvikano hagati y’ibihugu vyombi.
Leta yaravuze yuko umugambi wayo wo kurungika abasaba ubuhungiro mu Rwanda uzoca intege abajabuka English Channel.
Uwo mugambi ugenewe abantu bashika mu Bwongereza baciye mu co abashikiranganji bita “inzira zitemewe, zihatsa ubuzima canke zidakenewe”, nko kuza mu twato dutoyi canke binyegeje mu makamyo, kandi bari gushobora gusaba ubuhungiro mu kindi gihugu gitekanye – nk’Ubufaransa.