Banki ikomeye muri Asia igiye gufuta abantu 4.000 mu kazi, basubirizwe n'ubwenge bw'ubukorano

Abakiriya n'abakozi ba banki imbere y'ishami rya DBS i Singapour, ku wa 5 Myandagaro , 2024

Ahavuye isanamu, Getty Images

    • Umwanditsi, Peter Hoskins
    • Igikorwa, Umunyamakuru ku bibazo vy'ubutunzi

Banki ya mbere nini muri Singapour ivuga ko itegekanya gufuta ubuzi 4.000 mu myaka itatu iri imbere mu gihe ubwenge bw'ubukorano (Intelligence Artificielle IA) bugiye kurushiriza gukora ivyahora bikorwa n'abantu.

''Kugabanya abakozi bizogenda birikora uko ab'igihe gito n'abafise amasezerano y'akazi bazogenda barakura akarenge mu myaka mike iri imbere.'' nk'uko umuvugizi wa DBS yabwiye BBC.

Abakozi b'amasezerano ntabanduka ntivyitezwe ko bazokorwako n'uko kugabanya abakozi. Umukuru w'iyo banki arangije ikiringo ciwe Piyush Gupta yavuze ko hitezwe kuboneka ubuzi bushasha hafi 1.000 bujanye na AI.

DBS ibaye ibanki ya mbere ikomkeye itanze ido n'ido ry'ingene IA izogira ingaruka ku bikorwa vyayo.

Iyo banki ntiyavuze ubuzi buzofutwa muri Singapour ingene bungana canke ubwo ari bwo.

DBS muri Singapour ubu ikoresha hagati y'abakozi 8.000 na 9.000 b'igihe gito n'abafise amasezerano y'akazi. Ariko muri rusangi ikoresha abakozi hafi 41.000.

Mu mwaka uheze, Gupta yavuze ko DBS yari imaze imyaka hafi 10 ikora kuri IA.

''Ivyo tumaze gukora mu bijanye na IA twiteze ko bizogira ingaruka ku butunzi izorenga miriyaridi imwe y'ama dorari mu 2025,'' nk'uko yongerako.

Ukwiyongera kw'ubuhinga bwa IA kwatumye ivyo bushobora kwungura n'ivyo bushobora kubangamira bikurikiranirwa hafi cane, ikigega Mpuzamakungu FMI mu 2024 kikaba cavuze ko bugiye kuzogira ingaruka kuri 40% (kw'ijana) y'ubuzi kw'isi yose.

Umuyobozi wa FMI Kristalina Georgieva yavuze ko ''uko ahenshi bishobora kugenda ari uko IA ishobora kuzokwunyura ukutangana''.

Umukuru w'ibanki nkuru y'Ubwongereza, Andrew Bailey, yabwiye BBC mu mwaka uheze ko IA itazoba ''umusambuzi w'ubuzi'' kandi ko abakozi b'abantu bazokwiga gukorana n'ubuhinga bushasha.

Bailey yavuze ko n'aho hari ibishobora kwononokera kubera IA, ariko hari na vyinshi ishobora gutangako akunguko''.